Abacamanza 21:1-25

  • Ivyo bakoze ngo umuryango wa Benyamini ntuzimangane (1-25)

21  Igihe abagabo b’Abisirayeli bari i Mizipa+, barahiye bati: «Nta n’umwe muri twebwe azoha umukobwa wiwe Umubenyamini ngo amubere umugore+  Nuko Abisirayeli baja i Beteli+, bicara ng’aho imbere y’Imana y’ukuri gushika ku mugoroba. Bararira baraboroga bimwe bikomeye.  Barira bavuga ngo: «Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, kubera iki ibi vyashitse muri Isirayeli? Kubera iki umuryango umwe wozimangana uyu musi muri Isirayeli?»  Ku musi ukurikira, abantu bavyuka kare bahubaka igicaniro ngo bashikanire Imana amashikanwa aturirwa n’ayo gusangira+.  Maze Abisirayeli bavuga bati: «Mu miryango yose ya Isirayeli ni nde ataje gukoranira imbere ya Yehova?» Kuko bari barahiye indahiro ikomeye, y’uko uwutazoza imbere ya Yehova i Mizipa ategerezwa kwicwa.  Abisirayeli batuntuzwa n’ivyari vyashikiye Ababenyamini benewabo. Bavuga bati: «Uyu musi umuryango umwe uraranduwe muri Isirayeli.  Dukore iki ngo Ababenyamini basigaye tubaronse abagore, ko twarahiye Yehova+ yuko ata mukobwa wacu n’umwe tuzogenda tubahaye+  Babazanya bati: «Mu miryango ya Isirayeli ni bande bataje imbere ya Yehova i Mizipa+?» Basanga mu b’i Yabeshi-Gileyadi nta n’umwe yaje aho ishengero ryari ryakoraniye.  Nkako, igihe bariko baraharura abantu, babonye mu baba i Yabeshi-Gileyadi ata n’umwe ahari. 10  Ishengero rica ritora abagabo 12.000 mu bagabo bakomeye kuruta abandi, ribarungikayo. Babategeka bati: «Gende mwicishe inkota ababa i Yabeshi-Gileyadi, mudasize inyuma abagore n’abana+. 11  Muze mwice umugabo wese n’umugore wese amaze kuryamana n’umugabo.» 12  Mu baba i Yabeshi-Gileyadi basangamwo abakobwa 400 b’isugi batarigera baryamana n’umugabo. Baca babazana aho bakambitse i Shilo+ mu gihugu ca Kanani. 13  Maze ishengero ryose rirungikira ubutumwa bw’amahoro Ababenyamini bari ku rutare rwa Rimoni+. 14  Abo Babenyamini baraheza baragaruka. Maze Abisirayeli babaha ba bigeme batishe igihe bica abagore b’i Yabeshi-Gileyadi+. Mugabo ntibabaronkeye abakwiye. 15  Abantu batuntuzwa n’ivyari vyashikiye Ababenyamini+, kuko Yehova yari yatumye imiryango ya Isirayeli icanamwo. 16  Abashingantahe bo muri iryo shengero bavuga bati: «Dukore iki ngo Ababenyamini basigaye tubaronse abagore, ko mu muryango wabo abagore bahonye?» 17  Bongerako bati: «Ababenyamini barokotse bakwiye kugumana intoranwa yabo kugira ngo ntihagire umuryango uzimangana muri Isirayeli. 18  Mugabo ntitwemerewe kubaha abakobwa bacu ngo bababere abagore, kuko Abisirayeli barahiye bati: “Aravumwe uwuzoha Umubenyamini umugore+.”» 19  Baca bavuga bati: «Buri mwaka haraba umusi mukuru wa Yehova i Shilo+, ahaherereye mu buraruko bwa Beteli no mu buseruko bw’ibarabara rikuru riva i Beteli riduga i Shekemu, no mu bumanuko bwa Lebona.» 20  Nuko bategeka Ababenyamini bati: «Nimugende mwinyegeze mu mirima y’imizabibu. 21  Nimwabona abakobwa b’i Shilo basohotse gutambira hamwe mu mizingi, muzoce munyeguruka muri ya mirima y’imizabibu hanyuma umwe wese acakire muri bo uwomubera umugore. Muzoheze musubire mu karere ka Benyamini. 22  Ba se canke basaza babo nibaza kutwitwarira, tuzoca tubabwira duti: “Nimutugirire imbabazi ku bw’abo Babenyamini, kubera ko umwe wese tutamuronkeye umugore biciye ku ntambara+. Kandi na mwebwe ntimwari kubaha abagore ngo mugende mudaharuweko ikosa+.”» 23  Ababenyamini bagira gutyo, umwumwe wese atwara umugore mu bakobwa bariko baratamba. Baraheza basubira aho batoranye bongera kwubaka ibisagara vyabo+, babibamwo. 24  Maze ico gihe Abisirayeli bava ng’aho, baratandukana, umwe wese asubira mu muryango avamwo no ku rugo iwe. Bava ng’aho baragenda, umwe wese asubira aho yatoranye. 25  Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umwe wese yakora ivyo abona* ko bigororotse.

Utujambo tw'epfo

Canke «yiyumvira.»