Abacamanza 7:1-25

  • Gideyoni n’abasoda 300 (1-8)

  • Ingabo za Gideyoni zitsinda Abamidiyani (9-25)

    • «Inkota ya Yehova n’iya Gideyoni!» (20)

    • Umuvurungano mw’ikambi y’Abamidiyani (21, 22)

7  Maze Yerubayali ari we Gideyoni+, n’abari kumwe na we bose, barazinduka bakambika hafi y’isoko ry’amazi rya Harodi. Abamidiyani bobo bari bakambitse mu kiyaya hafi y’umurambi wa More, mu buraruko bw’ikambi ya Gideyoni.  Nuko Yehova abwira Gideyoni ati: «Abasoda bari kumwe nawe ni benshi cane. Sinobafasha gutsinda+ Abamidiyani kuko Abisirayeli bohava banyiyemerako bati: “Inguvu zacu ni zo zatumye dutsinda*+.”  Ndagusavye rero umenyeshe abasoda bose uti: “Uwo wese afise ubwoba canke ajugumira, niyitahire+.”» Nuko Gideyoni arabageza mu kubabwira ayo majambo, abasoda 22.000 baca barataha, hasigara 10.000.  Mugabo Yehova abwira Gideyoni ati: «Abantu baracari benshi cane. Bamanukane ku mazi kugira ndabagusuzumire. Ninakubwira nti: “Uyu murajana”, muze kujana, mugabo ninakubwira nti: “Uyu ntimujana”, ntimujane.»  Nuko Gideyoni abamanukana ku mazi. Maze Yehova amubwira ati: «Abo bose baza kunywera amazi ku rushi, bakayanywesha ururimi nk’imbwa, ubatandukanye n’abaza kuyanywa bapfukamye.»  Abagabo 300 ni bo banywereye amazi ku rushi barudugije ku munwa. Abasigaye bose bayanyoye bapfukamye.  Yehova aca abwira Gideyoni ati: «Nza kubakiza biciye kuri abo bagabo 300 banywereye amazi ku rushi kandi ndaza kugufasha utsinde Abamidiyani+. Mugabo abandi bose nibitahire.»  Nuko ba basoda 300 batora impamba n’inzamba vya ba basoda bandi. Gideyoni asigarana n’abo 300, abandi basoda b’Abisirayeli arabarungika barataha. Abamidiyani bari bakambitse mu kiyaya+, hepfo y’ikambi ya Gideyoni.  Maze mw’ijoro ry’uwo musi, Yehova amubwira ati: «Haguruka utere iyo kambi kuko nza kugufasha kuyitsinda+. 10  Mugabo nimba utinya kuyitera, manukanayo n’umukozi wawe Pura, 11  wumvirize ivyo bavuga. Niwamara kuvyumva, uragira umutima rugabo* wo gutera iyo kambi.» Nuko we n’umukozi wiwe Pura baramanuka, bashika hafi ya nya kambi y’abasoda. 12  Abamidiyani n’Abamaleki n’Abanyabuseruko+ bose bari bakubise mu kiyaya harazima, nka kurya kw’igitero c’inzige. Ingamiya zabo ntizagira igitigiri+. Zari nyinshi nk’udutete tw’umusenyi wo ku nkengera y’ikiyaga. 13  Gideyoni ashitseyo, yumva umugabo yariko yiganira mugenziwe indoto yarose ati: «Ibi ni vyo narose: nabonye umukate wiburungushuye* uriko urazunguruka mw’ikambi y’Abamidiyani. Nuko ushika kw’ihema rimwe urarikubita cane gushika n’aho ritemba+. Emwe, uwo mukate wubika iryo hema, rirambarara hasi.» 14  Uwo mugenziwe aca yishura ati: «Basha, iyo ni inkota ya Gideyoni+ mwene Yowasi, umugabo wo muri Isirayeli. Imana yamaze kumuha intsinzi ku Bamidiyani n’ikambi yose+ 15  Gideyoni akimara kwumva indoto y’uwo mugabo n’insobanuro yayo+, aca arunama arasenga. Hanyuma asubira kw’ikambi ya Isirayeli, avuga ati: «Nimuhaguruke, kuko Yehova aduhaye intsinzi kw’ikambi y’Abamidiyani.» 16  Ba bagabo 300 aca abagabura mu migwi itatu maze bose abaha inzamba+ n’imibindi minini igaragara irimwo ibimuri. 17  Ababwira ati: «Muze kunyitegereza, uko ngira abe ari ko mugira. Ninashika hafi y’ikambi, ivyo nkora abe ari vyo mukora. 18  Jewe n’abo turi kumwe bose nitwamara kuvuza inzamba, namwe muce muvuza inzamba irya n’ino y’ikambi, mwihe akamo muti: “Ku bwa Yehova na Gideyoni!”» 19  Gideyoni n’abasoda 100 bari kumwe na we bashika hafi y’ikambi iterama ryo mu gicugu* ritanguye, umugwi wa kabiri w’abanyezamu ari ho ugishika. Baca bavuza inzamba+, basavya na ya mibindi minini bari bafise+. 20  Ya migwi itatu yose ica ivuza inzamba yongera isavya ya mibindi. Baca bafata vya bimuri mu kubamfu, bavuza inzamba zari mu kuryo, maze biha akamo bati: «Inkota ya Yehova n’iya Gideyoni!» 21  Abasoda bari bakikuje ikambi, umwumwe wese ahagaze mu kibanza ciwe. Ingabo zose z’Abamidiyani zica zirahunga+, zigenda zirakoma induru. 22  Bamwe 300 babandanya kuvuza inzamba, maze Yehova atuma umwumwe wese mu bari mw’ikambi yicisha inkota mugenziwe+. Izo ngabo zirahunga gushika i Beti-Shita n’i Zerera, ziguma zihunga gushika no ku rubibe rwa Abeli-Mehola+ hafi ya Tabati. 23  Maze Gideyoni atumako Abisirayeli bo mu karere ka Nafutali, aka Asheri n’aka Manase kose+, baza kwoma inyuma Abamidiyani. 24  Gideyoni arungika intumwa mu karere k’imisozi ka Efurayimu kose ngo zivuge ziti: «Nimumanuke muje gutera Abamidiyani, mubazibire ntibajabuke Yorodani n’izindi nzuzi. Mubazibire gushika i Beti-Bara.» Abagabo bose bo mu karere ka Efurayimu baca baja hamwe, bafata ivyambu vya Yorodani n’izindi nzuzi gushika i Beti-Bara. 25  Bafata abaganwa babiri b’Abamidiyani, ari bo Orebu na Zebu. Orebu bamwicira ku gitandara ca Orebu+, Zebu na we ku ruganiro rw’umuvinyu rwa Zebu. Babandanya kwoma inyuma Abamidiyani+, hanyuma bazanira Gideyoni umutwe wa Orebu n’uwa Zebu mu karere ka Yorodani.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kwanje ni kwo kwankijije.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaboko yawe arakomera.»
Ni umukate ukozwe muri sayiri. Sayiri ni ubwoko bw’ingano.
Iryo terama ryatangura nko kuva isaha zine z’ijoro gushika isaha umunani.