Abagalatiya 1:1-24

  • Indamutso (1-5)

  • Nta yindi nkuru nziza (6-9)

  • Inkuru nziza Pawulo yamamaje iva ku Mana (10-12)

  • Pawulo ahinduka. Igikorwa ciwe co mu ntango (13-24)

1  Jewe Pawulo, uwabaye intumwa bitavuye ku bantu canke ngo bice ku muntu, ariko biciye kuri Yezu Kristu+ no ku Mana ari yo Data+, yo yamuzuye mu bapfuye,  hamwe n’abavukanyi bose turi kumwe, turabandikiye mwebwe amashengero y’i Galatiya.  Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu bibane namwe.  Yaritanze kubera ibicumuro vyacu+ kugira adukize ivy’iyi si mbi*+, hisunzwe igomba ry’Imana yacu ikaba na Data+.  Nininahazwe gushika ibihe bidahera. Amen.  Ndatangara kuba muriko murava* ningoga kuri Umwe yabahamagara biciye ku buntu buhebuje bwa Kristu, mukemera inkuru nziza y’ubundi bwoko+.  Si uko hari ubundi bwoko bw’inkuru nziza, ahubwo ni uko hari abantu bamwebamwe bariko barabadurumbanya+ kandi bagashaka kugoramika inkuru nziza yerekeye Kristu.  Ariko naho hogira uwo muri twebwe canke umumarayika avuye mw’ijuru, abamenyesha inkuru nziza itandukanye n’iyo twabamenyesheje, arakavumwa.  Nk’uko duhejeje kubivuga, n’ubu ndabisubiyemwo: uwo wese abamenyesha inkuru nziza itandukanye n’iyo mwemeye, arakavumwa. 10  Mbega none, ndiko ndagerageza gushimwa n’abantu canke gushimwa n’Imana? Canke ndiko ndondera kunezereza abantu? Iyo mba nkinezereza abantu, sinoba ndi umushumba wa Kristu. 11  Bavukanyi, nipfuza ko mumenya yuko inkuru nziza nabamenyesheje idakomoka ku bantu+, 12  kuko ntayironse ivuye ku muntu canke ngo ndayigishwe, ahubwo nayironse ndayihishuriwe na Yezu Kristu. 13  Emwe mwarumvise inyifato nari mfise nkiri mw’idini ry’Abayuda+, yuko naguma mpama cane* ishengero ry’Imana nkongera nkaritikiza+. 14  Naguma ntera imbere mw’idini ry’Abayuda kurusha benshi mu bo twanganya imyaka mw’ihanga ryacu, kuko nabarusha umwete cane mu bijanye no kwubahiriza imigenzo ya ba sogokuru+. 15  Mugabo Imana, imwe yankura mu nda ya mama ikongera ikampamagara biciye ku buntu bwayo buhebuje+, igihe yiyumvira ko ari vyiza 16  guhishura Umwana wayo biciye kuri jewe kugira ngo menyeshe amahanga inkuru nziza imwerekeye+, nta muntu n’umwe* naciye ngisha inama. 17  Eka mbere sinaduze i Yeruzalemu ku babaye intumwa imbere yanje, ahubwo naciye nja muri Arabiya hanyuma ngaruka i Damasiko+. 18  Inyuma y’imyaka itatu, naraduze i Yeruzalemu+ kuraba Kefa*+ maze tumarana imisi 15. 19  Ariko mu ntumwa nta wundi nabonye atari Yakobo+ mwenewabo n’Umukama. 20  Nayo ku vyo ndabandikiye, ndababwije ukuri imbere y’Imana yuko ntariko ndabesha. 21  Inyuma y’ivyo, naragiye mu ntara z’i Siriya n’i Silisiya+. 22  Ariko amashengero y’i Yudaya yari yunze ubumwe na Kristu ntiyari bwankubite ijisho. 23  Bahora bumva gusa ngo: «Wa muntu yahora aduhama+, ubu asigaye amenyekanisha inkuru nziza yerekeye kwa kwizera yahora agerageza kuzimanganya+ 24  Baca batangura kuninahaza Imana kubera jewe.

Utujambo tw'epfo

Canke «iki gihe kibi.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Canke «murakurwa.»
Mu kigiriki havuga ngo «ngaheba nkimonogoza.»
Mu kigiriki havuga ngo «nta nyama n’amaraso.»
Yitwa kandi Petero.