Abagalatiya 4:1-31

  • Ntitukiri abashumba ahubwo turi abana b’Imana (1-7)

  • Pawulo arazwa ishinga n’Abagalatiya (8-20)

  • Hagari na Sara: amasezerano abiri (21-31)

    • Yeruzalemu yo hejuru ni mama kandi iridegemvya (26)

4  Ico mvuga rero, ni uko igihe samuragwa aba akiri umwana mutoyi ata ho aba atandukaniye n’umushumba, naho nyene ibintu vyose biba ari rwiwe.  Ariko aba agabwa n’abamujejwe be n’abajejwe ivyo mu rugo, kugeza ku musi se yashinze imbere y’igihe.  Na twebwe nyene, igihe twari abana twari abashumba b’ibintu vy’intango vy’isi+.  Ariko igihe cashinzwe* kimaze kurangira, Imana yararungitse Umwana wayo, avyarwa n’umugore+ kandi agabwa n’amategeko+,  kugira abohore abagabwa n’amategeko mu kubacungura+, ngo natwe Imana ibone kutugira abana bayo+.  Ubu ko muri abana bayo, Imana yararungitse impwemu+ y’Umwana wayo mu mitima yacu+, iyo mpwemu ikaba isemerera iti: «Abba*, Data+  Ntimukiri abashumba rero ahubwo muri abana b’Imana. Ko muri abana bayo rero, muca muba na ba samuragwa bivuye kuri yo+.  Yamara rero, igihe mutari muzi Imana, mwari abashumba b’imana zitari imana vy’ukuri.  Mugabo ubu ko mwamenye Imana, canke nako ko mwamenywe n’Imana, mwongera gute gusubira ku bintu vy’intango bigoyagoya+ kandi biteye akagongwe, mugashaka kwongera kubishumbira+? 10  Murubahiriza cane imisi, amezi+, ibiringo n’imyaka. 11  Mfise ubwoba yuko noba naruhiye ubusa igihe nabafasha. 12  Bavukanyi, ndabinginze ngo mumere nkanje, kuko na jewe nahora meze nkamwe+. Nta kibi mwankoreye. 13  Mugabo murazi yuko indwara ari yo yatumye ndonka akaryo ko kubamenyesha inkuru nziza ari bwo bwa mbere. 14  Naho indwara yanje yababereye ikigeragezo, ntimwankengereye canke ngo mwumve mushishwe*. Ahubwo mwanyakiriye nk’umumarayika w’Imana, nka Kristu Yezu. 15  None ka gahimbare mwari mufise kagiye hehe? Kuko ndabashingira intahe yuko iyaba vyari gushoboka, mwari kwinogora amaso mukayampa+. 16  Mbega none ncitse umwansi wanyu kubera yuko ndababwiza ukuri? 17  Bakorana umwete kugira babigarurire, mugabo intumbero yabo si nziza. Bashaka kubanyonkorako kugira ngo mwipfuze cane kubakurikira. 18  Mugabo vyama ari vyiza ko hagira uwubaronderana umwete afise intumbero nziza, atari igihe gusa ndi kumwe namwe 19  bana banje bato+, mwebwe abongeye kuntera ububabare bwo kwibaruka gushika Kristu yibonekeje* neza muri mwebwe. 20  Icompa ubu nyene nkaba ndi kumwe namwe ngakoresha iyindi mvugo, kuko ivyanyu binzazaniye. 21  Nimumbwire ntuze mwebwe mushaka kugabwa n’amategeko: mbega ntimwumva ico amategeko avuga? 22  Nk’akarorero, vyanditswe yuko Aburahamu yari afise abahungu babiri. Umwe yamuronse ku musukukazi+, uwundi na we ku mugore wiwe, umugore yidegemvya+. 23  Mugabo uwo ku musukukazi yavutse nk’uko abandi basanzwe bavuka*+, uwo wundi wo ku mugore yidegemvya avuka biciye ku muhango+. 24  Ivyo bintu ni inkuru iri n’ico igereranya. Abo bagore bagereranya amasezerano abiri: rimwe ni iryo ku musozi Sinayi+, ari ryo rivyara abana baba abashumba. Iryo ni Hagari. 25  Hagari agereranya rero Sinayi+, umusozi wo muri Arabiya, akaba ahwanye na Yeruzalemu y’ubu, kuko iri mu bushumba hamwe n’abana bayo. 26  Ariko Yeruzalemu yo hejuru iridegemvya, kandi ni yo mama. 27  Kuko vyanditswe ngo: «Nezerwa yewe mugore w’ingumba utavyara! Turikisha wihe akamo k’umunezero yewe mugore utagira ububabare bwo kwibaruka, kuko abana b’umugore yatawe ari benshi kuruta ab’umugore afise umugabo+ 28  Mwebwe rero bavukanyi, muri abana b’umuhango nka kumwe kwa Izahaki+. 29  Mugabo ico gihe, uwavutse nk’uko abandi basanzwe bavuka* yatanguye guhama uwavutse biciye ku mpwemu+, kandi n’ubu ni ukwo+. 30  Yamara none, icanditswe kivuga iki? Kigira giti: «Irukana uwo musukukazi n’umuhungu wiwe, kuko umuhungu w’umusukukazi atazogenda asangiye intoranwa n’umwana w’umugore yidegemvya+ 31  Rero bavukanyi, ntituri abana b’umusukukazi, ahubwo turi abana ba wa mugore yidegemvya.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «igihe cuzuye.»
Ni ijambo ry’igiheburayo canke igiharameya risobanura ngo «ewe dawe!»
Canke «muncireko.»
Canke «yiremye.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu buryo bw’umubiri.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu buryo bw’umubiri.»