Abaheburayo 1:1-14

  • Imana ivuga biciye ku Mwana wayo (1-4)

  • Umwana araruta abamarayika (5-14)

1  Kera Imana yaravuganye na ba sogokuruza bacu mu bihe vyinshi no mu buryo bwinshi biciye ku bahanuzi+.  Ariko muri iyi misi* yavuganye natwe biciye ku Mwana wayo+, uwo yagenye kuba samuragwa w’ibintu vyose+, akaba ari na we yakoresheje mu gushiraho ibihe* bitandukanye+.  Ni we tubonerako ubuninahazwa bw’Imana+ kandi ni we shusho yerekana neza na neza ukuntu imeze+. Ashigikira ibintu vyose biciye kw’ijambo ryayo ry’ububasha. Amaze kudukurako ibicumuro akadutyorora+, yaciye yicara iburyo bwa Nyenicubahiro iyo hejuru+.  Asigaye rero aruta cane abamarayika+, kuko yatoranye izina ry’agahebuza riruta iryabo+.  Nk’akarorero mu bamarayika, ni nde Imana yigeze kubwira iti: «Uri umwana wanje. Uyu musi ncitse so wawe+»? Canke iti: «Nzomubera se, na we ambere umwana+»?  Mugabo ku bijanye n’igihe izosubira kuzana Imfura yayo+ mw’isi, ivuga iti: «Kandi abamarayika b’Imana bose nibamwunamire*  Vyongeye, ku bijanye n’abamarayika ivuga ngo: «Abamarayika bawe ubahindura impwemu, abasuku bawe*+ ukabahindura urubeya rw’umuriro+  Mugabo ku bijanye n’Umwana wayo, ivuga ngo: «Imana ni yo ntebe yawe y’ubwami+ gushika ibihe bidahera, kandi agakoni k’Ubwami bwawe ni agakoni k’ubutungane*.  Wakunze ubugororotsi, wanka ubugarariji. Ni co gituma Imana, Imana yawe, yakurobanuje amavuta*+ y’umunezero kuruta bagenzawe+ 10  Kandi ngo: «Ewe Mukama, mu ntango washizeho umushinge w’isi, kandi amaboko yawe ni yo yaremye ijuru. 11  Ivyo bizovaho ariko wewe uzokwamaho. Vyose bizohera nka kurya kw’ivyambarwa. 12  Uzobizinga nk’umutamana, nk’impuzu, kandi bizohindurwa. Ariko wewe ntiwigera uhinduka, n’imyaka yawe ntiyigera ihera+ 13  Mugabo mu bamarayika, ni nde Imana yigeze kuvugako ngo: «Icara iburyo bwanje, gushika abansi bawe ndabagize nk’intebe y’ibirenge vyawe+»? 14  Mbega bose si ibiremwa vy’impwemu bikora igikorwa ceranda*+, vyatumwe gukorera abagiye kuzotorana ubukiriro?

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «kw’iherezo ry’iyi misi.»
Canke «nibikubite imbere yiwe.»
Canke «abakozi bawe bakorera abantu.»
Canke «k’ukugororoka.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «bikorera abantu.»