Abaheburayo 10:1-39
10 Kubera ko amategeko ari igitutu+ c’ibintu vyiza bizoza+, atari ivyo bintu nyezina, ntashobora* kwigera atuma abegera Imana baba abatagira akanenge+ hakoreshejwe vya bimazi nyene biguma bishikanwa ku mwaka ku mwaka.
2 Ahandiho ibimazi vyari kureka gutangwa, kubera ko abakora igikorwa ceranda batosubiye kugira ijwi ryo mu mutima ribagiriza icaha bamaze guhumanurwa.
3 Ahubwo ivyo bimazi vyibutsa abantu buri mwaka ko ari abacumuzi+,
4 kuko bidashoboka ko amaraso y’impfizi n’ay’impene akuraho ibicumuro.
5 Ni co gituma igihe yaza mw’isi yavuze ati: «“Ibimazi n’amashikanwa ntiwabishatse, mugabo wanteguriye umubiri.
6 Ntiwashimye amashikanwa aturirwa uko yakabaye be n’amashikanwa y’igicumuro+.”
7 Ndaheza mvuga nti: “Ehe ndaje (ni ko vyanditswe mu muzingo* ku binyerekeye) ewe Mana yanje, nje gukora ivyo ugomba+.”»
8 Yabanje kuvuga ngo: «Ibimazi n’amashikanwa, n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye be n’amashikanwa y’igicumuro ntiwabishatse canke ngo ubishime», ivyo bikaba ari ibimazi vyashikanwa hisunzwe amategeko.
9 Hanyuma aca avuga ati: «Ehe ndaje gukora ivyo ugomba+.» Akuraho ivya mbere kugira ashinge ivya kabiri.
10 Kubera ukwo «kugomba+», twarejejwe biciye ku mubiri wa Yezu Kristu washikanywe rimwe rizima+.
11 Vyongeye, umuherezi wese atonda mu kibanza ciwe ku musi ku musi kugira akore igikorwa ceranda*+ no kugira agume ashikana vya bimazi nyene+ bidashobora kwigera bikuraho ibicumuro buhere+.
12 Mugabo uwo muntu yashikanye ikimazi kimwe c’ibicumuro ku bw’ibihe vyose, hanyuma yicara iburyo bw’Imana+.
13 Kuva ubwo yaciye arindira ko abansi biwe bagirwa nk’intebe y’ibirenge vyiwe+.
14 Kuko biciye ku kimazi kimwe yatanze, yatumye abariko barezwa baba abatunganye+ ibihe vyose.
15 Vyongeye, impwemu nyeranda na yo nyene iradushingira intahe kuko ibanza kuvuga iti:
16 «“Iri ni ryo sezerano nzogirana na bo inyuma y’iyo misi”, ni ko Yehova* avuze. “Nzoshira amategeko yanje mu mitima yabo, ndayandike mu bwenge* bwabo+.”»
17 Irongera ikavuga iti: «“Sinzosubira kwibuka ibicumuro vyabo n’ibikorwa vyabo vy’ubugarariji+.”»
18 Igihe Imana rero ibabariye ivyo bintu, nta shikanwa ry’igicumuro riba rigitangwa.
19 Ku bw’ivyo bavukanyi, turashobora guca mu nzira yinjira ahantu heranda+ ata bwoba dufise* biciye ku maraso ya Yezu.
20 Iyo nzira yayitwugururiye* ari inzira nshasha kandi nzima ica muri ya rido+, ari wo mubiri wiwe.
21 Vyongeye, turafise umuherezi akomeye aganza inzu y’Imana+.
22 Twegere rero Imana dufise imitima itagira uburyarya be n’ukwizera gukwiye, dufise n’imitima yamijagiwe ikozwa ijwi ribi ryo mu mutima+, n’imibiri yacu ikuhagizwa amazi atyoroye+.
23 Dushishikare kuvugira ku mugaragaro icizigiro cacu tudahungabana+, kuko uwaduhaye umuhango ari umwizigirwa.
24 Kandi twiyumvirane* kugira duterane intege zo gukundana* no gukora ibikorwa vyiza+.
25 Ntiduhebe gukoranira hamwe+ nk’uko bamwe bahora babigira, ahubwo turemeshanye+ kandi turushirize kubigira uko tubona wa musi wegereza+.
26 Kuko tugiye turacumura n’ibigirankana tumaze kumenya neza ukuri+, ata kimazi c’ibicumuro kiba kigisigaye+.
27 Ahubwo ikiba gisigaye ni ukwitegana ubwoba urubanza n’ishavu rirurumba rigiye kuyigiza abarwanya Imana+.
28 Umuntu wese akengereye amategeko ya Musa aricwa ata kagongwe, habonetse ivyabona bibiri canke bitatu+.
29 None umuntu ahonyanze Umwana w’Imana, agafata ibisanzwe amaraso y’isezerano+ yatumye yezwa, akongera agatuka ya mpwemu y’ubuntu buhebuje* n’akagaye n’akantu, wiyumvira ko atazoronka igihano kiruta ico+?
30 Kuko tuzi uwavuze ati: «Uguhōra ni ukwanje. Ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko.» Yavuze kandi ati: «Yehova* azocira urubanza abantu biwe+.»
31 Birateye ubwoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima.
32 Ariko mugume mwibuka imisi ya kera, hamwe mwihanganira urugamba rukomeye mu mibabaro inyuma y’aho mumariye kumurikirwa+.
33 Hari igihe mwashirwa ku mugaragaro* mugatukwa, mukagira n’amakuba. Hari n’igihe mwifatanya n’abariko* barashikirwa na mwene ivyo bintu.
34 Mwarerekanye ko mubabarana n’abari mw’ibohero, kandi mwaremeye munezerewe gusahurwa ivyanyu+, muzi yuko mwebwe ubwanyu mufise itunga ryiza kuruta kandi riramba+.
35 Ntimutakaze rero ubutinyutsi mufise*, bumwe buzotuma muhabwa impembo nini+.
36 Murakeneye ukwihangana+, kugira ngo mumaze gukora ivyo Imana igomba mubone iranguka ry’ivyasezeranywe.
37 Kuko hasigaye «akanya gato cane+», kandi «umwe ariko araza azoshika kandi ntazoteba+.»
38 «Mugabo umusavyi wanje w’umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera+», kandi «niyasubira inyuma ntazompimbara*+.»
39 Twebwe rero ntituri muri bamwe basubira inyuma ngo bahone+, ahubwo turi muri bamwe bafise ukwizera ngo bazigamirwe ubuzima.
Utujambo tw'epfo
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «abantu ntibashobora.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «mu muzingo w’igitabu.»
^ Canke «igikorwa gikorerwa abantu.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «ku muzirikanyi.»
^ Canke «dufise umutima mu nda.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «yayidutangurije.»
^ Canke «tubabarane», «twitwararikane.»
^ Canke «tuvyuriranire umutima wo gukundana», «turemeshanye gukundana.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Mu kigiriki havuga ngo «ku mugaragaro nk’abari mu kibanza c’ibirori.»
^ Canke «mwahagarara iruhande y’abariko.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «umwidegemvyo wanyu wo kuvuga.»
^ Canke «ntazohimbara umutima wanje.»