Abaheburayo 11:1-40
11 Ukwizera ni ukwemera udakeka yuko ivyo wizigiye bizoba+. Ni ikimenyamenya kijijura* yuko ibintu utabona biriho koko.
2 Biciye ku kwizera, abantu bo mu bihe vya kera* barashingiwe intahe n’Imana.
3 Kubera ukwizera turatahura yuko ibiriho vyose* vyashizweho* biciye kw’itegeko ry’Imana, ku buryo ivyo tubona vyaje biva mu vyo tutabona.
4 Kubera ukwizera, Abeli yarashikaniye Imana ikimazi c’agaciro kanini kurusha ica Kayini+. Kandi biciye kuri ukwo kwizera yarashingiwe intahe yuko yari umugororotsi, kuko Imana yashimye* amashikanwa yiwe+. Biciye ku kwizera kwiwe, naho yapfuye aracavuga+.
5 Kubera ukwizera, Henoki+ yaratwawe* kugira ntiyicwe, kandi nta na hamwe yaboneka kubera ko Imana yari yamutwaye+. Imbere y’uko atwarwa yari yashingiwe intahe yuko yahimbaye Imana vy’ukuri.
6 Vyongeye, umuntu adafise ukwizera ntashobora guhimbara Imana vy’ukuri, kuko uwegera Imana ategerezwa kwemera yuko iriho be n’uko ihemba abayironderana umwete+.
7 Kubera ukwizera, Nowa+ amaze kuburirwa n’Imana ku bintu bitari bwabonwe+, yarerekanye ko atinya Imana, arubaka ubwato+ bwo gukiza abo mu rugo rwiwe. Ukwo kwizera kwiwe ni kwo kwatumye isi icirwa urubanza+, kandi yariswe umugororotsi* biciye kuri ukwo kwizera.
8 Kubera ukwizera, igihe Aburahamu+ yahamagarwa, yaragamburutse aragenda, aja ahantu yari guhabwa nk’intoranwa. Yaragiye naho atari azi iyo yariko araja+.
9 Kubera ukwizera, yabayeho ari umunyamahanga mu gihugu yasezeraniwe+, abana mu mahema+ na Izahaki na Yakobo, abarazwe umuhango na we nyene yahawe+.
10 Kuko yari arorereye ca gisagara gifise imishinge nyayo, categuwe* congera cubakwa n’Imana+.
11 Kubera ukwizera nyene, Sara yarashoboye gusama inda* naho yari yararenganye imyaka yavyo+, kuko yabonye ko uwabisezeranye ari umwizigirwa.
12 Ni co gituma biciye ku mugabo umwe yari ameze nk’uwapfuye*+, havutse abana benshi+ nk’inyenyeri zo kw’ijuru kandi badaharurika nk’umusenyi wo ku nkengera y’ikiyaga+.
13 Abo bose bapfiriye mu kwizera naho batabonye iranguka ry’iyo mihango+. Mugabo bayiboneye kure+ barayiha ikaze bongera baravuga ku mugaragaro yuko ari abanyamahanga n’ingenzi muri nya gihugu.
14 Kuko mu kuvuga gutyo abantu baba berekanye yuko bariko baronderana umwete ahantu habo bwite.
15 Yamara iyo baguma bibuka iyo bavuye+ baba bararonse akaryo ko gusubirayo.
16 Mugabo ubu bariko barondera gushikira ahantu heza kuruta, ni ukuvuga ahantu hegukira ijuru. Ni co gituma Imana idaterwa isoni na bo, ngo iterwe isoni no kwambazwa nk’Imana* yabo+, kuko yabateguriye igisagara+.
17 Kubera ukwizera, igihe Aburahamu yagezwa+, yabaye nk’aho atanze Izahaki nk’ikimazi. Uwo mugabo yari yarakiranye umunezero ya mihango, yagerageje gutanga umwana wiwe w’ikinege+.
18 Ivyo yabigize naho yari yabwiwe ngo: «Uruvyaro* nagusezeraniye ruzoboneka biciye kuri Izahaki+.»
19 Mugabo yari azi ko Imana ishoboye no kumuzura mu bapfuye, kandi yaramuronse nk’uwuvuye mu bapfuye, mu buryo bw’ikigereranyo+.
20 Kubera ukwizera nyene, Izahaki yarahezagiye Yakobo+ na Esawu+, ababwira ibizoba.
21 Kubera ukwizera, igihe Yakobo yagira apfe+, yarahezagiye umwe wese mu bahungu ba Yozefu+ yongera arasenga yishimikije umutwe w’inkoni yiwe+.
22 Kubera ukwizera, igihe Yozefu yari yegereje gupfa, yaravuze ivy’uko Abisirayeli bovuye mu Misiri, yongera abategeka ingene bazogenza amagufa yiwe*+.
23 Kubera ukwizera, abavyeyi ba Musa baramunyegeje amezi atatu amaze kuvuka+, kuko babonye ko ako kana kari keza+. Ntibatinye itegeko ry’umwami+.
24 Kubera ukwizera, Musa amaze gukura+ yaranse kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo+,
25 ahitamwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana aho kunezererwa igicumuro akanya gato.
26 Yabigize kubera ko yabonye yuko gukengerwa nk’uwarobanuwe n’Imana* ari ubutunzi buruta amatunga yo mu Misiri, kuko yagumije ijisho ku mpembo yotanzwe.
27 Kubera ukwizera yaravuye mu Misiri+, mugabo atari kubera ugutinya ishavu ry’umwami+, kuko yagumye ashikamye nk’aho abona Umwe ataboneka+.
28 Kubera ukwizera yarahimbaje Pasika yongera amijagira amaraso ku bishimaryango, kugira ngo uwuhonya ntagirire nabi imfura zabo*+.
29 Kubera ukwizera, baraciye mu kiyaga Gitukura nk’abaca ahantu humutse+, mugabo Abanyamisiri bagerageje kuhaca baciye bamirwa n’ikiyaga+.
30 Kubera ukwizera, uruzitiro rw’i Yeriko rwaratemvye abantu bamaze kuruzunguruka imisi indwi+.
31 Kubera ukwizera, wa mumaraya Rahabu ntiyatikiranye n’abagambarariye Imana, kuko yakiranye amahoro ba bantu bari baje gusuma urusaku*+.
32 Mvuge iki kandi? Umwanya womperana ntandukiriye ivya Gideyoni+, Baraki+, Samusoni+, Yefuta+, Dawidi+, Samweli+ n’abandi bahanuzi.
33 Kubera ukwizera baranesheje ubwami butandukanye+, baratsimbataza ubugororotsi, barahabwa imihango+, barugara iminwa y’intambwe+,
34 barazimya amakari y’umuriro+, bararokoka inkota+, baragirwa abanyabubasha kandi bari goyigoyi+, baraba intwari mu ntambara+, barakinagiza ingabo zari zije kubatera+.
35 Abagore barakiriye biciye kw’izuka+ ababo bari bapfuye, mugabo abandi bantu barasinzikarijwe ubuzima kubera ko banse kurekurwa hatanzwe incungu. Babigize kubera ko bipfuza gushikira izuka ryiza kuruta.
36 Emwe, abandi barageragejwe mu gucokorwa no mu gukubitwa ibimoko, eka mbere baboheshwa iminyororo+, batabwa no mu mabohero+.
37 Baratewe amabuye+, barageragezwa, bakerezwa imisumeno babacamwo kubiri, bicishwa inkota+, bagenda bambaye inshato z’intama n’iz’impene+. Bari mu bukene no mu makuba+, kandi baragirirwa nabi+.
38 Isi ntiyari ibabereye. Barayerera mu bugaragwa, mu misozi, mu masenga+ no mu myobo y’isi.
39 Yamara abo bose, naho bashingiwe intahe nziza kubera ukwizera kwabo, ntibabonye iranguka rya wa muhango,
40 kuko Imana yari yatuboneye imbere y’igihe ikintu ciza kuruta+, kugira ngo ntibagirwe abatunganye tutarimwo.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «icemezo cerekana neza.»
^ Canke «ba sogokuruza bacu.»
^ Canke «ibihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
^ Canke «vyashizwe ku rutonde.»
^ Canke «yashinze intahe mu kwemera.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «yarimuwe.»
^ Canke «yararazwe ubugororotsi.»
^ Canke «catunganijwe.»
^ Canke «inda y’urubuto.»
^ Ni ukuvuga atari agishoboye kuvyara.
^ Canke «kwitwa Imana.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»
^ Canke «ibijanye n’amaziko yiwe.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «nka Kristu.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «ntakore ku mfura zabo.»
^ Canke «ba batasi.»