Abakolosayi 3:1-25
3 Ariko nimba mwarazuranywe na Kristu+, nimubandanye kurondera ibintu vyo mw’ijuru, aho Kristu yicaye iburyo bw’Imana+.
2 Mugumize ubwenge ku bintu vyo mw’ijuru+, ntimubugumize ku bintu vyo kw’isi+.
3 Kuko mwapfuye, ubuzima bwanyu na bwo bukaba bwaranyegejwe hamwe na Kristu mu bumwe n’Imana.
4 Kristu we buzima bwacu+ niyerekanwa, ni ho namwe muzokwerekanwa hamwe na we mu buninahazwa+.
5 Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu+ biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi*, ubuhumane, ukwirekerana mu vy’inambu y’umubiri+, ivyipfuzo bibi n’umwina, na wo akaba ari ugusenga ibigirwamana.
6 Ivyo bintu ni vyo biriko birazana uburake bw’Imana.
7 Ukwo ni ko na mwebwe mwahora mwigenza* kera mu buzima bwanyu*+.
8 Ariko ubu, mutegerezwa kuvyikunkumura vyose: uburake, ishavu, ikibi+, ugutukana+, kandi ntihagire amajambo ateye isoni+ ava mu kanwa kanyu.
9 Ntimubeshane+. Mwambure kamere* ya kera+ n’ingeso bijanye,
10 hanyuma mwambare kamere* nshasha+, imwe igirwa nshasha hisunzwe ishusho y’Uwayiremye+, biciye ku bumenyi butagira amakosa.
11 Mu bijanye na kamere nshasha, nta Bagiriki* canke Abayuda, ukugenyerwa canke ukutagenyerwa, abanyamahanga canke Abasikite*, abashumba canke abidegemvya. Ahubwo Kristu ni vyose kandi muri vyose+.
12 Nuko rero mwebwe abatowe n’Imana+ beranda kandi bakundwa, nimwambare impuhwe n’ikibabarwe+, ubuntu, ukwicisha bugufi*+, ubwitonzi+ n’ukwihangana+.
13 Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi+ iyo hari uwufise ico yidogera uwundi+. Nk’uko Yehova* yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mutegerezwa kugenza ukwo nyene+.
14 Mugabo hambavu y’ivyo vyose, mwambare urukundo+ kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge utuma abantu bunga ubumwe+.
15 Vyongeye, amahoro ya Kristu naganze mu mitima yanyu*+, kuko ayo mahoro ari yo mwahamagariwe ngo mube umubiri umwe. Kandi mwerekane ko mushima.
16 Ijambo rya Kristu niryuzure muri mwebwe, mugire ubukerebutsi bwose. Mugume mwigishanya mwongera muremeshanya* mukoresheje amazaburi+, amajambo yo gushemeza Imana, indirimbo z’ivy’impwemu ziririmbanywe ugushima*, muririmbira Yehova* mu mitima yanyu+.
17 Ivyo mukora vyose, haba mu mvugo canke mu ngiro, vyose mubikore mw’izina ry’Umukama Yezu, mukengurukira Imana ari yo Data biciye kuri we+.
18 Yemwe bagore, nimuyobokere abagabo banyu+, nk’uko bibereye imbere y’Umukama.
19 Yemwe bagabo, nimugume mukunda abagore banyu+ kandi ntimubagirire ishavu ry’umururazi*+.
20 Yemwe bana, nimugamburukire abavyeyi banyu muri vyose+, kuko ari vyo bihimbara rwose Umukama.
21 Yemwe ba sebibondo, ntimuratse* abana banyu+ kugira ngo ntibavunike umutima*.
22 Yemwe bashumba, nimugamburukire ba shobuja bo kw’isi* muri vyose+. Ntimubigire igihe gusa babareretse, kugira gusa mushimishe abantu*, ahubwo mubigire ata buryarya mu mutima, mutinya Yehova*.
23 Ico mukora cose mugikorane umutima wanyu wose, nk’abakorera Yehova*+, atari nk’abakorera abantu,
24 kuko muzi yuko Yehova* ari we azobaha intoranwa ngo ibe impembo yanyu+. Nimukorere Shobuja Kristu nk’abashumba.
25 Uwukora ikibi ntazobura kwishurwa ikibi yakoze+, kandi nta wuzogirirwa nkunzi+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «mugenda.»
^ Canke «mukibaho gutyo.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «umuntu.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «umuntu.»
^ Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.
^ Iryo zina ryakoreshwa ku bantu basizwe n’amajambere.
^ Canke «ukwiyorosha mu muzirikanyi.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «nahagarikire imitima yanyu.»
^ Canke «mukeburana.»
^ Canke «igikundiro.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «ntimubakarire.»
^ Canke «ntimusomborotse», «ntimushavuze.»
^ Canke «ntibacike intege.»
^ Canke «bo mu buryo bw’umubiri.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «ntimukorere ijisho nk’abashimisha abantu.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.