Abalewi 10:1-20

  • Nadabu na Abihu bicwa n’umuriro uvuye kuri Yehova (1-7)

  • Amategeko y’abaherezi ajanye no kurya no kunywa (8-20)

10  Mu nyuma, abahungu ba Aroni ari bo Nadabu na Abihu+, umwe wese atora agapanu kiwe kajako umuriro maze badushirako umuriro n’imibavu+. Baraheza bazana imbere ya Yehova umuriro utemewe+, uwo atari yarabategetse gukoresha.  Umuriro uvuye imbere ya Yehova uca urabaturira+, bapfira imbere ya Yehova+.  Musa aca abwira Aroni ati: «Ni bimwe nyene Yehova yavuga ati: “Abaza hafi yanje+ bakwiye kwibuka ko ndi mweranda, kandi abantu bose bakwiye kuninahaza.”» Aroni aguma ahoze.  Nuko Musa ahamagara Mishayeli na Elizafani, abahungu ba Uziyeli+ sewabo wa Aroni, ababwira ati: «Ingo mukure benewanyu ahantu heranda, mubajane inyuma y’ikambi.»  Baca baraza, babaterura bacambaye ya makanzu yabo maze babajana inyuma y’ikambi, nk’uko Musa yari yababwiye.  Musa aca abwira Aroni n’abahungu biwe bari basigaye, ari bo Eleyazari na Itamari ati: «Ntimureke gutunganya imishatsi yanyu canke ngo mutabure impuzu zanyu+, ahandiho mwopfa kandi bigatuma Imana ishavurira ishengero ryose. Benewanyu, ni ukuvuga ishengero ryose ry’Abisirayeli, bazoririra abo Yehova yicishije umuriro.  Ntimuhirahire ngo muve ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, ahandiho mwopfa, kuko amavuta meranda* ya Yehova ari kuri mwebwe+.» Baca bakora nk’uko Musa ababwiye.  Hanyuma Yehova abwira Aroni ati:  «Mwe n’abahungu bawe ntimuze mwinjire mw’ihema ry’ibonaniro mwanyoye umuvinyu canke izindi nzoga+ kugira ntimupfe. Iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana. 10  Ivyo bizotuma mushobora gutandukanya iceranda n’ikitari ceranda, igihumanye n’ikidahumanye+. 11  Bizotuma kandi mushobora kwigisha Abisirayeli amategeko yose Yehova yabahaye biciye kuri Musa+ 12  Musa aca abwira Aroni n’abahungu biwe bari basigaye, ari bo Eleyazari na Itamari ati: «Mu mashikanwa ya Yehova bashikanisha umuriro, nimutore ivyasigaye kw’ishikanwa ry’intete, mubikoremwo imikate itarimwo umwambiro. Iyo mikate mukwiye kuyirira hafi y’igicaniro+, kuko ari myeranda cane+. 13  Mubwirizwa kuyirira ahantu heranda+ kuko ari umugabane wanyu n’abahungu banyu, uvuye ku mashikanwa ya Yehova bashikanisha umuriro. Ivyo ni vyo Imana yantegetse. 14  Wewe n’abahungu bawe n’abakobwa bawe+ muzorya kandi akameme* k’ishikanwa bazungagiza be n’itako ry’umugabane mweranda+. Muzobirira ahantu hadahumanye kuko ari umugabane mwahawe mwe n’abahungu bawe, uvuye ku bimazi vyo gusangira Abisirayeli batanga. 15  Bazozana itako ry’umugabane mweranda n’akameme k’ishikanwa bazungagiza hamwe n’ibinure vy’amashikanwa bashikanisha umuriro, kugira batange ishikanwa bazungagiza* imbere ya Yehova. Ako kameme n’iryo tako bizoba umugabane wawe n’abahungu bawe ibihe bidahera+, nk’uko Yehova yabitegetse.» 16  Hanyuma Musa arondera hose ya mpene y’ishikanwa ry’igicumuro+, asanga yahiye iratokombera. Aca ashavurira cane Eleyazari na Itamari, abahungu ba Aroni bari basigaye, ababwira ati: 17  «Kuki mutaririye ishikanwa ry’igicumuro ahantu heranda+, kandi ari ikintu ceranda cane yabahaye kugira mwikorere ikosa ry’ishengero mwongere muritangire impongano* imbere ya Yehova? 18  Raba nta n’umwe yinjije amaraso yayo ahantu heranda+. Mwabwirizwa kuyirira ahantu heranda nk’uko nabitegetswe.» 19  Aroni yishura Musa ati: «Ni vyo uno musi abantu bashikaniye Yehova ishikanwa ry’igicumuro n’ishikanwa riturirwa+. Ariko uravye ivyanshikiye, wumva vyari guhimbara Yehova iyo ndya kw’ishikanwa ry’igicumuro uno musi?» 20  Musa yumvise iyo nyishu, aca abona ko vyumvikana.

Utujambo tw'epfo

Canke «amavuta yo kurobanuza.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «iyaruka.»
Canke «ikidari», «inkoro.»
Ni ukuvuga kuzungagiza ujana imbere n’inyuma.