Abalewi 13:1-59

  • Amategeko ajanye n’imibembe (1-46)

  • Imibembe yo ku mpuzu (47-59)

13  Yehova abandanya kubwira Musa na Aroni ati:  «Ku rukoba rw’umuntu nihaza ikivyimba, igisekera canke ikibibi* kandi bikaba bishobora kuvamwo indwara y’imibembe*+, bakwiye kumuzanira Aroni umuherezi canke umwe mu bahungu biwe b’abaherezi+.  Umuherezi azosuzuma iyo ndwara y’urukoba. Niyasanga ubwoya bw’aho hantu bwahindutse bukera kandi iyo ndwara ikaba ishika munsi y’urukoba, izoba ari imibembe. Umuherezi azokwihweza aho hantu maze atangaze ko ahumanye.  Ariko niyasanga ico kibibi cera, kikaba kidashika munsi y’urukoba kandi n’ubwoya bwaho bukaba butahindutse ngo bwere, azoca amushira ukwa wenyene imisi indwi+.  Ku musi ugira indwi, umuherezi azomusuzuma. Niyasanga iyo ndwara yahagaze, itabandanije gukwiragira ku rukoba, azoca amushira ukwa wenyene iyindi misi indwi.  Ku musi ugira indwi, umuherezi azosubira amusuzume. Niyasanga iyo ndwara iriko irakira kandi ikaba itakwiragiye ku rukoba, azoca atangaza ko adahumanye+. Kizoba cari igisekera gusa. Uwo muntu azoca amesa impuzu ziwe hanyuma abe uwudahumanye.  Ariko ico gisekera* nicakwiragira ku rukoba umuherezi amaze gutangaza ko adahumanye, azoca asubira ku muherezi*.  Umuherezi azosuzuma ico gisekera. Niyasanga cakwiragiye ku rukoba, azoca atangaza ko ahumanye. Izoba ari imibembe+.  Nihagira umuntu arwara imibembe, bategerezwa kumuzana ku muherezi. 10  Umuherezi aze amusuzume+. Niyasanga ku rukoba hari ikivyimba cera, kikaba catumye ubwoya bw’aho hantu buhinduka bukera kandi kuri co hakaba hari igisebe+, 11  izoba ari imibembe y’igihe kirekire. Umuherezi azoca atangaza ko ahumanye. Ntakwiye kumushira ukwa wenyene+ kuko ahumanye. 12  Ariko iyo mibembe niyakwiragira ku rukoba rwiwe rwose, umuherezi amuravye akabona asigaye yuzuye imibembe kuva ku mutwe gushika ku maguru, 13  umuherezi azoce amusuzuma. Niyasanga iyo mibembe yuzuye urukoba rwiwe rwose, azoca atangaza ko uwo muntu adahumanye*. Ntazoba ahumanye kuko urukoba rwiwe rwose ruzoba rwahindutse rugasigara rwera. 14  Ariko bishitse ku rukoba rwiwe hakaza igisebe, azoca aba uwuhumanye. 15  Umuherezi niyabona ico gisebe, azoca atangaza ko uwo muntu ahumanye+. Ico gisebe kirahumanye. Izoba ari imibembe+. 16  Ico gisebe nicasubira guhinduka kikera, azoca agaruka ku muherezi. 17  Umuherezi azomusuzuma+. Niyasanga cahindutse kikera, azoca atangaza ko uwo muntu adahumanye. Azoba yahumanutse. 18  Umuntu niyarwara igihute hanyuma kigakira, 19  ariko aho cahora hagaca haza ikivyimba cera canke ikibibi gifise ibara ryera rivanze n’iritukura, akwiye guca aja kwiyereka umuherezi. 20  Umuherezi azogisuzuma+. Niyasanga gishika munsi y’urukoba kandi ubwoya bwaho bukaba bwahindutse bukera, azoca atangaza ko ahumanye. Izoba ari imibembe yadutse ahahoze ico gihute. 21  Ariko niyasanga ata bwoya bwera buriko, akabona ntigishika munsi y’urukoba kandi kikaba kiriko kirakira, azoca amushira ukwa wenyene imisi indwi+. 22  Nimba na ho vyibonekeza ko cakwiragiye ku rukoba, umuherezi azoca atangaza ko ahumanye. Izoba ari imibembe. 23  Ariko ico kibibi nicaguma hamwe ntigikwiragire, buzoba ari ubuvyimbe gusa bwatewe na ca gihute. Umuherezi azoca atangaza ko adahumanye+. 24  Igihe umuntu afise inkovu y’ubushe hanyuma iyo nkovu ikavamwo ikibibi c’ibara ryera rivanze n’iritukura canke ryera gusa, 25  umuherezi azogisuzuma. Niyasanga ubwoya bwaho bwahindutse bukera kandi bikaba biboneka ko gishika munsi y’urukoba, izoba ari imibembe yadutse muri iyo nkovu. Umuherezi azoca atangaza ko ahumanye. Izoba ari imibembe. 26  Ariko niyasanga ata bwoya bwera buriko, akabona ntigishika munsi y’urukoba kandi kikaba kiriko kirakira, azoca amushira ukwa wenyene imisi indwi+. 27  Umuherezi azomusuzuma ku musi ugira indwi. Niyasanga vyibonekeza ko cakwiragiye ku rukoba, azoca atangaza ko ahumanye. Izoba ari imibembe. 28  Ariko niyasanga cagumye hamwe ntigikwiragire ku rukoba kandi kikaba kiriko kirakira, azoba ari ukuvyimba gusa kw’inkovu. Umuherezi azoca atangaza ko adahumanye, kuko azoba ari ukuvyimba gusa kw’inkovu. 29  Umugabo canke umugore niyafatwa n’indwara y’urukoba ku mutwe canke ku rusakanwa, 30  umuherezi azohasuzuma+. Niyasanga iyo ndwara ishika munsi y’urukoba, umushatsi waho ukaba ubenje kandi ukaba ari imparurwa, azoca atangaza ko ahumanye. Izoba ari indwara y’urukoba rwo ku mutwe canke y’ahamera ubwanwa. Izoba ari imibembe yo ku mutwe canke yo ku rusakanwa. 31  Ariko niyasanga iyo ndwara idashika munsi y’urukoba kandi umushatsi waho ukaba utirabura, azoca amushira ukwa wenyene imisi indwi+. 32  Umuherezi azosuzuma aho hantu ku musi ugira indwi. Niyasanga iyo ndwara itakwiragiye, umushatsi waho utabenje kandi ikaba idashika munsi y’urukoba, 33  uwo muntu akwiye guca yimosha, ariko ntaze yimoshe aho hantu arwaye. Umuherezi azoca amushira ukwa wenyene yindi misi indwi. 34  Umuherezi azosubira gusuzuma aho hantu ku musi ugira indwi. Niyasanga iyo ndwara y’urukoba rwo mu mutwe canke y’ahamera ubwanwa itakwiragiye kandi ikaba idashika munsi y’urukoba, azoca atangaza ko uwo muntu adahumanye. Azoca amesa impuzu ziwe aheze abe uwudahumanye. 35  Ariko nivyaboneka ko iyo ndwara yaciye ikwiragira ku rukoba bimaze kwemezwa ko adahumanye, 36  umuherezi azomusuzuma. Niyasanga iyo ndwara yakwiragiye ku rukoba, ntazokwirirwa araraba ko hariho umushatsi ubenje. Uwo muntu azoba ahumanye. 37  Ariko niyasanga itakwiragiye kandi aho hantu hakaba harameze imishatsi yirabura, iyo ndwara izoba yakize. Ntazoba ahumanye. Umuherezi azoca atangaza ko adahumanye+. 38  Umugabo canke umugore niyarwara ibibibi ku rukoba kandi bikaba vyera, 39  umuherezi azobisuzuma+. Niyasanga ivyo bibibi bitera cane, azoba ari amahere asanzwe. Uwo muntu ntazoba ahumanye. 40  Umushatsi w’umugabo niwavunguka maze akazana ubuhanza, ntazoba ahumanye. 41  Umushatsi niwavunguka amaja imbere maze hakaza ubuhanza, ntazoba ahumanye. 42  Ariko mu buhanza bwiwe canke ku ruhanga rwiwe nihaza igisebe gifise ibara ryera rivanze n’iritukura, azoba arwaye imibembe mu mutwe canke ku ruhanga. 43  Umuherezi azomusuzuma. Niyasanga ico gisebe co mu buhanza canke ku ruhanga cavyimvye, kikaba gifise ibara ryera rivanze n’iritukura kandi bikaba bisa n’imibembe yo ku rukoba, 44  azoba ari umunyamibembe. Uwo muntu azoba ahumanye kandi umuherezi azoca atangaza ko ahumanye kuko arwaye imibembe mu mutwe. 45  Umunyamibembe rero akwiye kwambara impuzu zitabutse kandi ntakwiye gutunganya imishatsi yiwe. Akwiye gupfuka umunwa* wiwe, akagenda arasemerera ati: “Ndahumanye, ndahumanye!” 46  Igihe cose azoba afise iyo ndwara azoba ahumanye. Akwiye kuba ukwa wenyene kubera ahumanye. Azoba hanze y’ikambi+. 47  Indwara y’imibembe niyafata impuzu y’ubwoya canke y’ilino*, 48  yaba ijishwe mu nyuzi* z’ilino canke z’ubwoya, canke niyafata urushato canke ikindi kintu cose gikozwe mu rushato, 49  maze ibicafu vy’ibara ry’urwatsi rutoto rivanze n’iry’umuhondo canke bitukura bivuye kuri iyo ndwara bikaja mu nyuzi z’iyo mpuzu ijishwe, canke na ho bikaja ku rushato canke ku kindi kintu cose gikozwe mu rushato, ico kintu kizoba canduye imibembe. Gikwiye kwerekwa umuherezi. 50  Umuherezi azosuzuma ivyo bicafu, hanyuma ashire ico kintu canduye ukwa conyene imisi indwi+. 51  Niyasuzuma ivyo bicafu ku musi ugira indwi, agasanga vyakwiragiye mu nyuzi za ya mpuzu ijishwe canke ku rushato (ico urwo rushato rwoba rukoreshwa cose), izoba ari imibembe ikaze. Ico kintu kizoba gihumanye+. 52  Akwiye guturira iyo mpuzu ijishwe mu nyuzi z’ubwoya canke z’ilino, canke ikintu cose gikozwe mu rushato cagiyeko ivyo bicafu, kuko ari imibembe ikaze. Gikwiye guturirwa. 53  Ariko umuherezi niyasuzuma ivyo bicafu agasanga ntivyakwiragiye kuri iyo mpuzu ijishwe, canke mu kindi kintu cose gikozwe mu rushato, 54  umuherezi azoca ategeka ko bamesura ico kintu cagiyeko ivyo bicafu, hanyuma agishire ukwa conyene yindi misi indwi. 55  Umuherezi azosubira asuzume ico kintu kimaze kumesurwa neza. Niyasanga vya bicafu bitahinduye ibara, naho bitoba vyakwiragiye, ico kintu kizoba gihumanye. Gikwiye guturirwa kuko camaze kwononekara cane, haba ku ruhande rwo hejuru canke munsi. 56  Umuherezi niyagisuzuma kimaze kumesurwa neza agasanga vya bicafu biriko birazimangana, azoca akata aho hantu handuye kuri iyo mpuzu ijishwe canke kuri urwo rushato. 57  Ariko ivyo bicafu nivyasubira kuboneka ahandi hantu kuri iyo mpuzu ijishwe canke ku kintu cose gikozwe mu rushato, iyo ndwara izoba iriko irakwiragira. Ikintu cose canduye gikwiye guturirwa+. 58  Ivyo bicafu nivyaca bizimangana ku mpuzu ijishwe canke ku kintu cose gikozwe mu rushato bamaze kukimesa, ico kintu gitegerezwa kumesurwa ubugira kabiri kugira kibe ikidahumanye. 59  Iryo ni ryo tegeko rijanye n’indwara y’imibembe iri ku mpuzu ijishwe mu nyuzi z’ubwoya canke z’ilino, canke ku kintu cose gikozwe mu rushato, kugira hatangazwe ko gihumanye canke kidahumanye.»

Utujambo tw'epfo

Ni indwara yo ku rukoba.
Canke «indwara.»
Canke «azoca asubira ku muherezi irigira kabiri.»
Canke «adashobora kwanduza abandi.»
Canke «ubwanwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nyuzi z’indamvu (zishinze) canke z’insobanya (zikikamye).» Raba Insiguro y’amajambo (Inyuzi z’indamvu n’iz’insobanya).