Abalewi 14:1-57

  • Kwihumanura imibembe (1-32)

  • Guhumanura inzu yafashwe n’imibembe (33-57)

14  Yehova abandanya kubwira Musa ati:  «Iri ni ryo tegeko rigenga umunyamibembe ku musi wo gutangaza ko adahumanye, igihe azoba yazanywe ku muherezi+.  Umuherezi azosohoka hanze y’ikambi amusuzume. Niyasanga uwo munyamibembe yakize,  azomutegeka kuzana inyoni zibiri zikomeye kandi zidahumanye, igiti c’isederi, igitambara gisa n’agahama hamwe n’agakama k’uduti twa ezobu kugira bikoreshwe mu kumuhumanura+.  Umuherezi azotegeka ko inyoni imwe ikerererwa mu gikoresho c’ibumba kirimwo amazi bavomye ku mugezi.  Azoca atora ya nyoni isigaye, ca giti c’isederi, ca gitambara gisa n’agahama hamwe na ka gakama k’uduti twa ezobu, abijobekere hamwe mu maraso ya ya nyoni bakererera hejuru y’amazi bavomye ku mugezi.  Azoheza ayamijagire incuro indwi kuri uwo muntu ariko arihumanura imibembe, hanyuma atangaze ko adahumanye. Azoca arekura ya nyoni ikomeye yigurukire mu gahinga+.  Uwuriko arihumanura azomesa impuzu ziwe, amwe ubwoya bwiwe bwose n’umushatsi wiwe wose, yiyoge hanyuma abe uwudahumanye. Inyuma y’ivyo arashobora kugaruka mw’ikambi, ariko azomara imisi indwi atarara mw’ihema ryiwe.  Ku musi ugira indwi, azomwa umushatsi wiwe wose, ubwanwa hamwe n’ibigohe. Ahejeje kumwa umushatsi wiwe wose, azoca amesa impuzu ziwe, yiyoge hanyuma abe uwudahumanye. 10  Ku musi ugira umunani, azotora isuguru zibiri z’intama zitagira akanenge, ishashi y’intama imaze umwaka kandi itagira akanenge+, ivy’icumi bitatu vy’ingero ya efa* y’ifu inoze ivanze n’amavuta vy’ishikanwa ry’intete+ hamwe n’ingero imwe ya logi* y’amavuta+. 11  Umuherezi ariko arahumanura uwo muntu, azomuzana be n’amashikanwa yiwe imbere ya Yehova, ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro. 12  Uwo muherezi azotora imwe muri za suguru z’intama, ayitange nk’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha+ iri kumwe na ya ngero ya logi y’amavuta, abizungagize* bibe ishikanwa bazungagiza imbere ya Yehova+. 13  Iyo suguru y’intama azoyikererera ahantu heranda, aho bakererera+ amashikanwa y’igicumuro n’amashikanwa aturirwa, kuko ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha ryegukira umuherezi nka kurya kw’ishikanwa ry’igicumuro+. Ni ikintu ceranda cane+. 14  Hanyuma umuherezi azotora makeyi ku maraso y’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha, ayasige ku gutwi kw’iburyo kw’uwo muntu ariko arihumanura, ku rukumu rw’ukuboko kwiwe kw’iburyo no kw’ino rikuru ry’ikirenge ciwe c’iburyo. 15  Azotora kandi ya ngero ya logi y’amavuta+ hanyuma asuke makeyi mu kiganza ciwe c’ibubamfu. 16  Azoca akoza urutoke rwiwe rw’iburyo muri ayo mavuta ari mu kiganza ciwe c’ibubamfu, amijagire makeyi incuro indwi imbere ya Yehova akoresheje urutoke. 17  Umuherezi azotora ayandi mavuta makeyi ku yasigaye mu kiganza ciwe, ayasige ku gutwi kw’iburyo kw’uwo muntu ariko arihumanura, ku rukumu rw’ukuboko kwiwe kw’iburyo no kw’ino rikuru ry’ikirenge ciwe c’iburyo, hejuru ya ya maraso y’ukwagirwa n’icaha yamusiga. 18  Amavuta asigaye mu kiganza ciwe azoca ayasiga mu mutwe w’uwuriko arihumanura, aheze amutangire impongano* imbere ya Yehova+. 19  Umuherezi azotanga ishikanwa ry’igicumuro+, atangire impongano uwuriko arihumanura hanyuma akerere ishikanwa riturirwa. 20  Azotanga kandi ishikanwa riturirwa n’ishikanwa ry’intete+ ku gicaniro hanyuma amutangire impongano+, aheze abe uwudahumanye+. 21  Ariko nimba ari umukene akaba ata buryo bukwiye afise, azozana isuguru imwe y’intama y’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha, bayizungagize bwa shikanwa bazungagiza kugira bamutangire impongano. Azoyizana iri kumwe n’ic’icumi c’ingero ya efa* y’ifu inoze ivanze n’amavuta bwa shikanwa ry’intete, ingero ya logi y’amavuta, 22  n’intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto, bivanye n’ivyo ashoboye kuronka. Imwe izoba ishikanwa ry’igicumuro, iyindi ibe ishikanwa riturirwa+. 23  Ku musi ugira umunani+, azobizanira umuherezi ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro imbere ya Yehova, kugira yemeze ko adahumanye+. 24  Umuherezi azotora ya suguru y’intama y’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha+ na ya ngero ya logi y’amavuta hanyuma abizungagize, bibe ishikanwa bazungagiza imbere ya Yehova+. 25  Azoca akerera iyo suguru y’intama y’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha, atore makeyi ku maraso yayo maze ayasige ku gutwi kw’iburyo kw’uwo muntu ariko arihumanura, ku rukumu rw’ukuboko kwiwe kw’iburyo no kw’ino rikuru ry’ikirenge ciwe c’iburyo+. 26  Umuherezi azosuka amavuta makeyi mu kiganza ciwe c’ibubamfu+. 27  Azoca atora amavuta makeyi mu yari mu kiganza ciwe c’ibubamfu, ayamijagire incuro indwi imbere ya Yehova akoresheje urutoke rw’ukuboko kwiwe kw’iburyo. 28  Umuherezi azotora ayandi mavuta makeyi mu yari mu kiganza ciwe, ayasige ku gutwi kw’iburyo kw’uwuriko arihumanura, ku rukumu rw’ukuboko kwiwe kw’iburyo no kw’ino rikuru ry’ikirenge ciwe c’iburyo, hamwe nyene yamusiga amaraso y’ukwagirwa n’icaha. 29  Amavuta asigaye mu kiganza ciwe, azoca ayasiga ku mutwe w’uwuriko arihumanura kugira amutangire impongano imbere ya Yehova. 30  Azoca ashikana intunguru canke inuma zikiri nto yisunze ivyo ashobora kuronka+. 31  Imwe muri izo nyoni yashoboye kuronka izoba ishikanwa ry’igicumuro, iyindi ibe ishikanwa riturirwa+. Azozitanga ziri kumwe n’ishikanwa ry’intete. Umuherezi azoca atangira impongano imbere ya Yehova uwuriko arihumanura+. 32  Iryo ni ryo tegeko rigenga umuntu yahora arwaye imibembe mugabo akaba ata buryo bukwiye afise igihe batangaza ko adahumanye.» 33  Nuko Yehova abwira Musa na Aroni ati: 34  «Nimwinjira mu gihugu ca Kanani+ ngira ndabahe ngo kibe rwanyu+, hanyuma ngateza indwara y’imibembe inzu yo muri ico gihugu canyu+, 35  nyeneyo ategerezwa kuja ku muherezi akamubwira ati: “Hari ikintu kimeze nk’indwara cadutse mu nzu yanje.” 36  Umuherezi azoca ategeka basohore ibintu vyose biri muri iyo nzu imbere y’uko aza kuyisuzuma, kugira ntahave atangaza ko ibiri muri yo vyose bihumanye. Azoheza yinjire kuyisuzuma. 37  Azosuzuma aho hantu handuye. Niyasanga ku mpome hariko utunogonogo turimwo ibintu vy’ibara ry’urwatsi rutoto rivanze n’iry’umuhondo canke ritukura, 38  azoca asohoka hanze amenyeshe ko iyo nzu izomara imisi indwi idakoreshwa*+. 39  Umuherezi azogaruka kuyisuzuma ku musi ugira indwi. Niyasanga ya ndwara yakwiragiye ku mpome z’iyo nzu, 40  azoca ategeka bakuremwo amabuye yanduye maze bayaterere hanze y’igisagara ahantu hahumanye. 41  Azotegeka baharagure impome zose z’indani muri iyo nzu. Ibivu baharaguye bazoca babita hanze y’igisagara ahantu hahumanye. 42  Bazoca bazana ayandi mabuye bayasubirize ayo bakuyemwo bakoresheje ubudongo bushasha, bace bahasiriba*. 43  Iyo ndwara niyagaruka muri iyo nzu kandi bayikuyemwo amabuye yanduye, bakayiharagura bakongera bakayisiriba, 44  umuherezi azoca asubira kwinjira ayisuzume. Niyasanga iyo ndwara yakwiragiye muri iyo nzu, izoba ari imibembe ikaze+. Iyo nzu izoba ihumanye. 45  Azoca ategeka ko babomora iyo nzu hanyuma amabuye yayo, ibiti vyayo n’ibivu vyose babomoye kuri yo babijane hanze y’igisagara ahantu hahumanye+. 46  Umuntu wese azokwinjira muri iyo nzu mu misi yose itazoba iriko irakoreshwa+, azoca aba uwuhumanye gushika ku mugoroba+. 47  Kandi umuntu wese azoyiryamamwo canke akayiriramwo abwirizwa kumesa impuzu ziwe. 48  Ariko umuherezi niyaza agasanga iyo ndwara ntiyakwiragiye mu nzu inyuma y’aho bamariye kuyisiriba, azoca atangaza ko idahumanye kuko ya ndwara izoba yakize. 49  Kugira ahumanure* iyo nzu, azotora inyoni zibiri, igiti c’isederi, igitambara gisa n’agahama hamwe n’agakama k’uduti twa ezobu+. 50  Azoca akererera inyoni imwe mu gikoresho c’ibumba kirimwo amazi bavomye ku mugezi. 51  Hanyuma azotora ca giti c’isederi, ka gakama k’uduti twa ezobu, ca gitambara gisa n’agahama na ya nyoni ikomeye, abijobekere hamwe mu maraso ya ya nyoni bakererera hejuru y’amazi bavomye ku mugezi. Azoca amijagira ayo maraso incuro indwi+ kuri iyo nzu. 52  Azoheza ayihumanure akoresheje amaraso ya ya nyoni, ya mazi bavomye ku mugezi, ya nyoni ikomeye, ca giti c’isederi, ka gakama k’uduti twa ezobu hamwe na ca gitambara gisa n’agahama. 53  Azoca arekura ya nyoni ikomeye yigurukire mu gahinga inyuma y’igisagara. Ukwo ni ko azotangira impongano iyo nzu kandi izoca iba iyidahumanye. 54  Iryo ni ryo tegeko rigenga ubwoko bwose bw’imibembe, indwara z’urukoba rwo mu mutwe canke iz’ahamera ubwanwa+, 55  imibembe yo ku mpuzu+ canke iyo mu nzu+, 56  ibivyimba, ibisekera hamwe n’ibibibi*+ 57  kugira bimenyekane ko ikintu gihumanye canke kidahumanye+. Iryo ni ryo tegeko rigenga imibembe+

Utujambo tw'epfo

Efa imwe yaja mu kintu c’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Logi imwe yangana n’amalitiro 0,31. Raba Inyongera ya B14.
Ni ukuvuga kuzungagiza ujana imbere n’inyuma.
Efa imwe yaja mu kintu c’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ikumiriwe.»
Canke «bace bahatera iripu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ahumanure igicumuro.»
Ni indwara yo ku rukoba.