Abalewi 18:1-30
18 Yehova abandanya kubwira Musa ati:
2 «Barira Abisirayeli uti: “Ndi Yehova Imana yanyu+.
3 Ntimuze mwigenze nk’abantu bo mu gihugu ca Misiri mwahoze mubamwo, kandi ntimuze mwigenze nk’abantu bo mu gihugu ca Kanani ndiko ndabajanamwo+. Ntimuze mukurikize imigenzo yabo.
4 Muze mukurikize ingingo nashinze kandi mugamburuke ivyagezwe vyanje, mubeho muvyisunga+. Ndi Yehova Imana yanyu.
5 Mutegerezwa kwubahiriza ivyagezwe vyanje n’ingingo nashinze. Umuntu wese avyubahiriza azobeshwaho na vyo+. Ndi Yehova.
6 Ntihaze hagire umuntu n’umwe aryamana* n’incuti yiwe ya hafi+. Ndi Yehova.
7 Ntuze uryamane na so wawe. Ntuze uryamane na nyoko wawe. Ni nyoko wawe, ntukwiye kuryamana na we.
8 Ntuze uryamane na mukaso*+. Woba umaramaje so wawe*.
9 Ntuze uryamane na mushikawe, yaba ari uwo musangiye so canke nyoko, mwaba mwavukiye mu rugo rumwe canke yavukiye hanze+.
10 Ntuze uryamane n’umwuzukuru wawe, yaba ari uwo ku mukobwa wawe canke ku muhungu wawe, kuko woba wimaramaje.
11 Ntuze uryamane n’umukobwa wa mukaso. Ni mushikawe kuko ari umukobwa wa so wawe.
12 Ntuze uryamane na mushiki wa so wawe. Ni incuti y’amaraso ya so wawe+.
13 Ntuze uryamane na nyokwanyu, kuko ari incuti y’amaraso ya nyoko wawe.
14 Ntuze umaramaze sowanyu* mu kuryamana n’umugore wiwe. Ni mukasowanyu+.
15 Ntuze uryamane n’umukazana wawe+. Ni umugore w’umuhungu wawe. Ntukwiye kuryamana na we.
16 Ntuze uryamane n’umugore wa mwenewanyu+, kuko woba umaramaje mwenewanyu*.
17 Ntuze uryamane n’umugore hamwe n’umukobwa wiwe+. Ntuze uryamane n’umukobwa w’umuhungu wiwe canke umukobwa w’umukobwa wiwe. Ni incuti ziwe za hafi. Ico ni ikintu giteye isoni*.
18 Ntuze utware mwenewabo n’umugore wawe+ ngo muryamane kandi umugore wawe akiriho, kuko vyotuma bankana*.
19 Ntuze uryamane n’umugore igihe ari mu butinyanka*+.
20 Ntuze uryamane n’umugore wa mugenzawe* kuko woba wihumanije+.
21 Ntuze ureke ngo hagire uwo mu ruvyaro rwawe ahabwa* Moleki*+. Ntuze uhumanye izina ry’Imana yawe muri ubwo buryo+. Ndi Yehova.
22 Ntuze uryamane n’umugabo nka kurya baryamana n’umugore+. Ni ikintu gishisha.
23 Umugabo ntakwiye gusambana n’igikoko kuko yoba yihumanije, kandi n’umugore ntakwiye gusambana n’igikoko*+. Ukwo ni ugukora ibidakorwa.
24 Ntimuze mwihumanishe ikintu na kimwe muri ivyo, kuko ivyo bintu vyose ari vyo vyahumanije amahanga ndiko ndirukana ngo ababise+.
25 Ni co gituma igihugu gihumanye. Nzogihanira ikosa ryaco kandi kizodahwa abakibamwo+.
26 Ariko mwebwe mukwiye gukurikiza ivyagezwe vyanje n’ingingo nashinze+. Ntihaze hagire uwukora ivyo bintu bishisha, yaba ari imvukira canke umunyamahanga aba muri mwebwe+.
27 Kuko ivyo bintu vyose bishisha ari vyo abantu babaye muri iki gihugu imbere yanyu bakoze+, none ubu igihugu kirahumanye.
28 Ico gihugu rero ntikizobadahwa ngo mwagihumanije, nk’uko kizodahwa amahanga yabaye muri co imbere yanyu.
29 Uwuzokora ikintu na kimwe muri ivyo bintu bishisha abwirizwa gupfa*.
30 Mutegerezwa kwubahiriza ivyo ndabasavye, ntimwisunge imigenzo ishisha yakurikizwa n’ababaye muri ico gihugu imbere yanyu+, kugira ntimwihumanye. Ndi Yehova Imana yanyu.”»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «apfukura ubwambure.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umugore wa so wawe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ni ubwambure bwa so wawe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ntuze upfukure ubwambure bwa mwenewabo na so wawe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ni ubwambure bwa mwenewanyu.»
^ Canke «inyifato iteye isoni», «ikintu c’akamaramaza.»
^ Canke «baba abakeba.»
^ Canke «ari mu kwezi.»
^ Canke «w’umubanyi wawe», «w’uwo mukorana.»
^ Canke «yegurirwa», «atangwako ikimazi.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «kwitega igikoko ngo bisambane.»
^ Canke «kurandurwa mu bantu b’iwabo.»