Abalewi 22:1-33

  • Ukudahumana kw’abaherezi, kurya ibintu vyeranda (1-16)

  • Amashikanwa atagira akanenge ni yo yemerwa gusa (17-33)

22  Yehova yongera kubwira Musa ati:  «Bwira Aroni n’abahungu biwe ko bakwiye kuba maso mu kuntu bafata* ibintu vyeranda Abisirayeli bazana, be n’uko badakwiye guhumanya izina ryanje ryeranda+ ku bijanye n’ibintu beza ngo binyegukire+. Ndi Yehova.  Ubabwire uti: “Uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana, nihagira uwo mu ruvyaro rwanyu yegera ibintu vyeranda Abisirayeli beza ngo binyegukire jewe Yehova kandi ahumanye, uwo muntu ategerezwa kwicwa*+. Ndi Yehova.  Nta mugabo wo mu ruvyaro rwa Aroni arwaye imibembe+ canke ibintu biva mu gihimba c’irondoka+ ashobora kurya ku bintu vyeranda atarahumanuka+. Ni cokimwe n’umuntu yakoze ku wahumanijwe n’ikiziga+, canke umugabo imbuto zavuyemwo+,  canke uwakoze ku gakoko gahumanye+ canke ku muntu ahumanye+.  Umuntu azokora kuri ivyo bintu azoca aba uwuhumanye gushika ku mugoroba, kandi ntashobora kurya ku kintu na kimwe ceranda, kiretse abanje kwiyoga+.  Izuba rimaze kurenga, azoca aba uwudahumanye. Inyuma y’aho arashobora kurya ku bintu vyeranda, kuko ari vyo bifungurwa vyiwe+.  Ntakwiye kandi kurya igitungwa yasanze capfuye canke icatabaguwe n’igikoko co mw’ishamba kuko comuhumanya+. Ndi Yehova.  Bategerezwa kwubahiriza ivyo ndabasaba kugira ntibacumure, bigatuma bapfa kubera bahumanije ibintu vyeranda. Ndi Yehova, uwuriko arabeza. 10  Nta muntu atabifitiye uburenganzira* akwiye kurya ku bintu vyeranda+. Umushitsi w’umunyamahanga aba ku muherezi canke umukozi ahemba ntashobora kurya ku bintu vyeranda. 11  Ariko umuntu umuherezi yaguze amahera arashobora kubiryako. Abashumba bavukiye mu rugo rwiwe na bo nyene barashobora kurya kuri ivyo bifungurwa vyiwe+. 12  Umukobwa w’umuherezi yubakanye n’umugabo atari umuherezi* ntashobora kurya kuri izo ntererano zavuye ku bintu vyeranda. 13  Ariko nimba umukobwa w’umuherezi yarapfakaye canke yarahukanye kandi akaba ata bana afise, hanyuma akagaruka kuba mu nzu kwa se nk’uko vyari akiri muto, arashobora kurya ku bifungurwa vya se wiwe+. Mugabo umuntu atabifitiye uburenganzira ntakwiye kubiryako. 14  Umuntu niyihenda akarya ikintu ceranda, abwirizwa gusubiza ico kintu umuherezi kandi akongerako ica gatanu c’agaciro kaco+. 15  Abaherezi rero ntibakwiye guhumanya ibintu vyeranda Abisirayeli baha Yehova+, 16  kandi ntibakwiye gutuma abantu bahanwa kubera bariye ku bintu vyeranda. Ndi Yehova, uwuriko arabeza.”» 17  Yehova abandanya kubwira Musa ati: 18  «Bwira Aroni n’abahungu biwe n’Abisirayeli bose uti: “Igihe Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri Isirayeli azaniye Yehova ishikanwa riturirwa+ kugira ashitse indagano canke akaba aritanze avyishakiye+, 19  akwiye kuzana ikigabo kitagira akanenge+ akuye mu nka, mu ntama canke mu mpene, kugira ashimwe n’Imana. 20  Ntimukwiye kuzana igitungwa na kimwe gifise akanenge+, kuko vyotuma mudashimwa n’Imana. 21  Umuntu niyashikanira Yehova ikimazi co gusangira+ kugira ashitse indagano canke akaba agitanze avyishakiye, gikwiye kuba ari igitungwa kitagira akanenge kivuye mu busho bwiwe kugira ashimwe n’Imana. Nta kanenge na kamwe gikwiye kuba gifise. 22  Ntimuze mushikane igitungwa gihumye, kivunitse, gikomeretse, gifise ikivyimba, gifise ibisekera canke ibihushi. Nta na kimwe muri ivyo mukwiye guha Yehova canke ngo mugishikanire Yehova ku gicaniro. 23  Intama canke impfizi y’inka ifise amaguru canke amaboko bitareha murashobora kuyitanga nk’ishikanwa mutanga muvyishakiye, ariko muyitanze nk’ishikanwa ryo gushitsa indagano Imana ntizoyemera. 24  Ntimuze mushikanire Yehova igitungwa gifise amatengatwa yononekaye, yamenetse canke ico bakonye*. Ntimukwiye gushikanira Imana igitungwa nk’ico mu gihugu canyu. 25  Ntimuze mwakire igitungwa nk’ico ngo mugishikanire Imana yanyu naho coba kizanywe n’umunyamahanga, kuko cononekaye kandi gifise akanenge. Imana ntizocemera.”» 26  Yehova abandanya kubwira Musa ati: 27  «Igihe havutse ishuri canke isuguru y’intama canke impene, itegerezwa kugumana na nyina wayo imisi indwi+. Ariko guhera ku musi ugira umunani, bizoba vyemewe ko ihabwa Yehova nk’ishikanwa bashikanisha umuriro. 28  Ntimuze mukerere inka n’inyana yayo canke intama n’umwagazi wayo ku musi umwe+. 29  Nimwashikanira Yehova ikimazi co gukenguruka+, mutegerezwa kugishikana ku buryo abashima. 30  Gitegerezwa kuribwa kuri uwo musi nyene. Inyama zaco ntizize zirare+. Ndi Yehova. 31  Mutegerezwa gukurikiza amabwirizwa yanje, mukayashitsa+. Ndi Yehova. 32  Ntimuze muhumanye izina ryanje ryeranda+, kandi ntegerezwa kwezwa hagati mu Bisirayeli+. Ndi Yehova uwuriko arabeza+, 33  uwabakuye mu Misiri kugira ndabereke ko ndi Imana yanyu+. Ndi Yehova.»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ko bakwiye kwitandukanya na.»
Canke «iyaruka.»
Canke «ategerezwa kurandurwa imbere yanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «uw’ahandi.» Ni ukuvuga uwutari uwo mu muryango wa Aroni.
Mu giheburayo havuga ngo «yubakanye n’uw’ahandi.»
Canke «ico baranduye canke bakase amatengatwa.»