Abalewi 23:1-44
23 Yehova abandanya kubwira Musa ati:
2 «Bwira Abisirayeli uti: “Imisi mikuru+ ya Yehova mukwiye gutangaza+ ni amakoraniro meranda. Iyi ni yo misi mikuru yanje:
3 Muzokora ibikorwa mu misi itandatu, ariko umusi ugira indwi ni isabato y’akaruhuko kuzuye+, ikoraniro ryeranda. Nta gikorwa na kimwe mukwiye gukora. Ni isabato ya Yehova aho muzoba muba hose+.
4 Iyi ni yo misi mikuru ya Yehova, amakoraniro meranda mukwiye gutangaza igihe cayo kigeze:
5 ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere+ izuba rirenze*, ni Pasika+ ya Yehova.
6 Ku musi ugira 15 w’ukwo kwezi, ni umusi mukuru wa Yehova w’imikate itarimwo umwambiro+. Muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro+.
7 Ku musi wa mbere muzogira ikoraniro ryeranda+, kandi nta gikorwa na kimwe kiruhisha mukwiye gukora.
8 Ariko muzomara imisi indwi muzanira Yehova ishikanwa bashikanisha umuriro. Ku musi ugira indwi muzogira ikoraniro ryeranda. Nta gikorwa na kimwe kiruhisha mukwiye gukora.”»
9 Yehova abandanya kubwira Musa ati:
10 «Bwira Abisirayeli uti: “Nimwashika mu gihugu ngira ndabahe hanyuma mukimbura imirima yanyu, mutegerezwa kuzanira umuherezi umuganda w’ivyo mwejeje ubwa mbere*+.
11 Umuherezi azoca azungagiza* uwo muganda imbere ya Yehova kugira abashime. Azowuzungagiza ku musi ukurikira isabato.
12 Ku musi umuherezi azungagiza uwo muganda, mubwirizwa kuzanira Yehova isuguru y’intama imaze umwaka umwe kandi itagira akanenge y’ishikanwa riturirwa.
13 Iyo ntama muzoyitangana n’ishikanwa ry’intete ringana n’ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa* y’ifu inoze ivanze n’amavuta. Ni ishikanwa rya Yehova bashikanisha umuriro ry’akamoto keza*. Muzoyitangana n’ishikanwa ry’ikinyobwa rigizwe n’umuvinyu ungana n’ica kane c’ingero ya hini*.
14 Ntimuze murye umukate, intete zikaranze canke intete zikiri nshasha gushika umusi muzozanira iryo shikanwa Imana yanyu. Ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana, aho muzoba muba hose.
15 Muzoharura amayinga* indwi muhereye ku musi ukurikira isabato, umusi muzoba mwazanye umuganda w’ishikanwa bazungagiza+. Akwiye kuba ari amayinga yuzuye.
16 Muzoharura imisi 50+ gushika umusi ukurikira isabato igira indwi, muce mushikanira Yehova irindi shikanwa ry’intete+.
17 Muzozana imikate ibiri y’ishikanwa bazungagiza mukuye mu mihana iwanyu. Iyo mikate ikwiye kuba ikozwe mw’ifu inoze ingana n’ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa. Ikwiye kuba icumbanywe umwambiro+. Ni ishikanwa rihabwa Yehova rigizwe n’ivyeze ubwa mbere+.
18 Muzoyitanga iri kumwe n’imyagazi y’intama* indwi itagira akanenge imaze umwaka umwumwe, hamwe n’ishuri imwe be n’impfizi z’intama zibiri+. Bizoba ishikanwa rya Yehova riturirwa biri kumwe n’ishikanwa ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa bijana. Ni ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova.
19 Muzotanga kandi umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+ n’imyagazi ibiri y’intama imaze umwaka umwumwe y’ikimazi co gusangira+.
20 Umuherezi azozungagiza imbere ya Yehova iyo myagazi ibiri y’intama iri kumwe na ya mikate yakozwe mu vyeze ubwa mbere. Ni ibintu vyeranda imbere ya Yehova bigenewe umuherezi+.
21 Kuri uwo musi muzotangaza+ ko hari ikoraniro ryeranda. Nta gikorwa na kimwe kiruhisha mukwiye gukora. Ni itegeko ryamaho uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana, aho muzoba muba hose.
22 Igihe muzoba muriko murimbura mu gihugu canyu, ntimuze mumarire ibiri ku mpera y’umurima wanyu kandi ntimuze mutoragure ibizoba vyasigaye+. Mukwiye kubisigariza umukene*+ n’umunyamahanga aba muri mwebwe+. Ndi Yehova Imana yanyu.”»
23 Yehova abandanya kubwira Musa ati:
24 «Bwira Abisirayeli uti: “Umusi wa mbere w’ukwezi kugira indwi uzoba ari umusi w’akaruhuko kuzuye. Ni umusi w’intibagirwa uzotangazwa mu kuvuza urumbete+, umusi w’ikoraniro ryeranda.
25 Nta gikorwa na kimwe kiruhisha mukwiye gukora. Muzozanira Yehova amashikanwa bashikanisha umuriro.”»
26 Yehova abandanya kubwira Musa ati:
27 «Ariko umusi ugira cumi w’ukwo kwezi kw’indwi uzoba ari umusi w’impongano*+. Muzogira ikoraniro ryeranda. Mutegerezwa kwibabaza*+ kandi mugashikanira Yehova amashikanwa bashikanisha umuriro.
28 Nta gikorwa na kimwe mukwiye gukora kuri uwo musi, kuko ari umusi w’impongano. Ni umusi wo kubatangira impongano+ imbere ya Yehova Imana yanyu.
29 Umuntu wese atazokwibabaza* kuri uwo musi ategerezwa kwicwa+.
30 Umuntu wese azokora igikorwa na kimwe kuri uwo musi nzomurandura mu bantu b’iwabo.
31 Ntimuze mukore igikorwa na kimwe. Ni itegeko ryamaho uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana, aho muzoba muba hose.
32 Ni isabato y’akaruhuko kuzuye kuri mwebwe. Muzotangura kwibabaza+ ku mugoroba w’umusi ugira icenda w’ukwo kwezi. Muzokwubahiriza isabato kuva kuri uwo mugoroba gushika ku mugoroba w’umusi ukurikira.»
33 Yehova abandanya kubwira Musa ati:
34 «Bwira Abisirayeli uti: “Umusi ugira 15 w’ukwo kwezi kw’indwi uzoba ari umusi mukuru w’insago*. Muzomara imisi indwi muhimbariza Yehova uwo musi mukuru+.
35 Ku musi wa mbere muzogira ikoraniro ryeranda, kandi ntimuze mukore igikorwa na kimwe kiruhisha.
36 Muzomara imisi indwi mushikanira Yehova ishikanwa bashikanisha umuriro. Ku musi ugira umunani muzogira ikoraniro ryeranda+, kandi mutegerezwa gushikanira Yehova ishikanwa bashikanisha umuriro. Ni ikoraniro ridasanzwe. Ntimuze mukore igikorwa na kimwe kiruhisha.
37 Iyo ni yo misi mikuru+ ya Yehova mukwiye gutangaza nk’amakoraniro meranda+ kugira mushikanire Yehova amashikanwa bashikanisha umuriro, ni ukuvuga ishikanwa riturirwa+, ishikanwa ry’intete+ n’amashikanwa y’ibinyobwa+, hisunzwe ibisabwa buri musi.
38 Ivyo bizoza vyiyongera ku vyo mutanga ku masabato ya Yehova+, ku ngabire+, ku mashikanwa yo gushitsa indagano+ no ku mashikanwa muha Yehova muvyishakiye+.
39 Ariko ku musi ugira 15 w’ukwo kwezi kw’indwi, igihe muzoba mwegeranije umwimbu wo mu gihugu, muzomara imisi indwi muhimbaza umusi mukuru wa Yehova+. Umusi wa mbere uzoba ari umusi w’akaruhuko kuzuye, cokimwe n’umusi ugira umunani+.
40 Ku musi wa mbere muzotora ivyamwa vy’ibiti* vyizavyiza, amashami y’ibigazi+, amashami y’ibiti bitotahaye n’ay’ibiti vyo mu mwonga*, hanyuma mumare imisi indwi munezerewe+ imbere ya Yehova Imana yanyu+.
41 Muzomara imisi indwi mu mwaka muhimbaza uwo musi mukuru wa Yehova+. Muzowuhimbaza mu kwezi kugira indwi. Iryo ni itegeko ryamaho, uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana.
42 Muzomara imisi indwi muba mu nsago+. Abisirayeli bose b’imvukira bategerezwa kuba mu nsago,
43 kugira ngo abazobakomokako bamenye+ ko natumye baba mu nsago igihe nabakura mu Misiri+. Ndi Yehova Imana yanyu.”»
44 Musa araheza abwira Abisirayeli ibijanye n’iyo misi mikuru ya Yehova.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «hagati ya ya migoroba ibiri.»
^ Canke «w’umushuzo.»
^ Ni ukuvuga kuzungagiza ujana imbere n’inyuma.
^ Hini imwe yangana n’amalitiro 3,67. Raba Inyongera ya B14.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ry’akamoto karuhura.»
^ Efa imwe yaja mu kintu c’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «iyaruka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «amasabato.»
^ Yari imyagazi y’amasuguru.
^ Canke «umuntu yigorewe.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ «Kwibabaza» ni ijambo ririmwo ibintu vyinshi bijanye no kwiyanka harimwo no kwisonzesha.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «atazokwisonzesha.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «mu mubande.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ibiti vy’imyarava.»