Abalewi 6:1-30
6 Yehova abandanya kubwira Musa ati:
2 «Umuntu niyacumura agahemukira Yehova+ mu kubesha mugenziwe ku kintu yamubikije+ canke yamugwatirije, canke akamwiba, akamunyaga
3 canke agatora ikintu catakaye mugabo akabesha ku bijanye na co, niyarahira abesha ku gicumuro ico ari co cose yakoze muri ivyo+, uku ni ko akwiye kubigenza:
4 nimba yacumuye akagirwa n’icaha, ategerezwa gusubiza ico kintu yivye canke yanyaze, canke ico kintu yazurumye, yabikijwe canke yatoye,
5 canke ikindi kintu cose yarahiye abesha. Ategerezwa kukiriha cose uko cakabaye+, akongerako ica gatanu c’igiciro caco. Azobiha nyenevyo umusi vyemejwe ko yagiriwe n’icaha.
6 Azoca azanira umuherezi ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha ahaye Yehova. Rizoba ari impfizi y’intama itagira akanenge akuye mu busho, yisunze igiciro cashinzwe c’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha+.
7 Umuherezi azomutangira impongano* imbere ya Yehova, kandi azobabarirwa ikintu cose yakoze gituma yagirwa n’icaha+.»
8 Yehova abandanya kubwira Musa ati:
9 «Bwira Aroni n’abahungu biwe uti: “Iri ni ryo tegeko rigenga ishikanwa riturirwa+: ishikanwa riturirwa rizoguma ku muriro wo ku gicaniro ijoro ryose gushika mu gatondo, kandi umuriro uzoguma waka ku gicaniro.
10 Umuherezi azokwambara umwambaro wiwe w’akazi na rya butura* bikozwe mw’ilino*+ kugira apfuke ubwambure bwiwe. Azokura iminyota*+ y’iryo shikanwa umuriro watuririye ku gicaniro, ayishire iruhande y’igicaniro.
11 Azoca akura izo mpuzu+ yambare izindi, aheze atware iyo minyota inyuma y’ikambi ahantu hadahumanye+.
12 Umuriro uzoguma waka ku gicaniro. Ntuze wigere uzima. Buri gitondo umuherezi azoza arashira inkwi+ ku muriro, azipangeko ikimazi giturirwa hanyuma aturire ibinure vy’ibimazi vyo gusangira bifumbe umwotsi kuri co+.
13 Umuriro uzoguma waka ku gicaniro. Ntuze wigere uzima.
14 Iri na ryo ni itegeko rigenga ishikanwa ry’intete+: abahungu ba Aroni ni bo bazorizana ku gicaniro imbere ya Yehova.
15 Umwe muri bo azotora kuri ryo urushi rw’ifu inoze ivanze n’amavuta hamwe n’imibavu* yose iri kuri ryo. Azoca abiturira bifumbe umwotsi ku gicaniro, bibe ikimenyetso* c’iryo shikanwa ryose. Ni ishikanwa ry’akamoto kamotera neza* Yehova+.
16 Aroni n’abahungu biwe bazorya ibisigaye kuri iryo shikanwa+. Bazobirira ahantu heranda ari imikate itagiramwo umwambiro. Bazoyirira mu kigo c’ihema ry’ibonaniro+.
17 Ntimukwiye kuyishiramwo umwambiro+. Ni umugabane ndabahaye uvuye ku mashikanwa yanje bashikanisha umuriro+. Ni ikintu ceranda rwose+, nka kurya kw’ishikanwa ry’igicumuro n’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha.
18 Umuhungu wese mu bakomoka kuri Aroni azoyirya+. Ni umugabane wabo wamaho uko urunganwe* rwabo ruzogenda rurakurikirana, uvuye ku mashikanwa ya Yehova bashikanisha umuriro+. Ikintu cose kizokora kuri ayo mashikanwa kizoca kiba ceranda.”»
19 Yehova yongera kubwira Musa ati:
20 «Iri ni ryo shikanwa Aroni n’abahungu biwe bazokwama baha Yehova umusi bazorobanuzwa amavuta*+: ic’icumi c’ingero ya efa*+ c’ifu inoze y’ishikanwa ry’intete+. Bazotanga igice kimwe mu gatondo, ikindi ku mugoroba.
21 Iryo shikanwa rizotegurirwa kw’ipanu+ riri kumwe n’amavuta. Uzorivanga neza n’amavuta hanyuma urishikane ari udukate twokeje, ribe akamoto kamotera neza Yehova.
22 Umuherezi wo mu bahungu biwe azorobanuzwa amavuta kugira amusubirire+, na we nyene azobigenza gutyo. Iri ni itegeko ryamaho: rizoturirwa rifumbe umwotsi imbere ya Yehova, kuko ari ishikanwa ritangwa ryose.
23 Ishikanwa ryose ry’intete ritangiwe umuherezi rikwiye guturirwa ryose*. Ntirikwiye kuribwa.»
24 Yehova abandanya kubwira Musa ati:
25 «Bwira Aroni n’abahungu biwe uti: “Iri ni ryo tegeko rigenga ishikanwa ry’igicumuro+: ahantu amashikanwa aturirwa akerererwa+, ni ho nyene bazokererera amashikanwa y’igicumuro imbere ya Yehova. Ni ikintu ceranda cane.
26 Umuherezi azotanga iryo shikanwa azorya igipande ciwe+. Azokirira ahantu heranda, mu kigo c’ihema ry’ibonaniro+.
27 Ikintu cose gikoze ku nyama z’iryo shikanwa kizoca kiba ceranda. Nihagira uwutarukiriza ku mpuzu yiwe amaraso yaryo, iyo mpuzu ikwiye guca imesurirwa ahantu heranda.
28 Inkono batetsemwo iryo shikanwa bakwiye kuyimena. Ariko nimba baritetse mw’isafuriya y’umujumpu, bakwiye kuyinyukura hanyuma bakayirongorora mu mazi.
29 Umugabo wese w’umuherezi azoriryako+. Ni ikintu ceranda rwose+.
30 Ariko ishikanwa ry’igicumuro ntirikwiye kuribwa igihe amaraso yaryo ajanywe ahantu heranda kugira bayatangeko impongano mw’ihema ry’ibonaniro+. Rikwiye guturirwa.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «iminyota inuze.» Yari iminyota ivanze n’ibinure vy’ibimazi.
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «agahuzu ko munsi.»
^ Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
^ Canke «icibutso.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ry’akamoto karuhura kuri.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Efa imwe yaja mu kintu c’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Canke «rikwiye gutangwa ryose.»