Abanyefeso 2:1-22

  • Mwagizwe bazima hamwe na Kristu (1-10)

  • Igihome catandukanya imigwi ibiri gisenyurwa (11-22)

2  Vyongeye, Imana yarabagize bazima mwebwe mwari mwarapfiriye mu makosa yanyu n’ibicumuro vyanyu+,  ivyo mwagenderamwo kera mwisunga ibintu vy’iyi si*+. Mwisunga kandi umutware afise ububasha ku kirere+, ni ukuvuga impwemu+ ikorera mu bantu bagambarara.  Emwe, twese twahora tugendera muri bo kera duhuza n’ivyipfuzo vy’umubiri wacu+, tugakora ivyo umubiri ugomba be n’ibihuye n’ivyiyumviro vyacu+. Kandi twari dukwiriye uburake bw’Imana kuva tukivuka+, cokimwe n’abandi bose.  Mugabo Imana, kubera ko ifise imbabazi nyinshi+, urukundo rwinshi yadukunze+ rwatumye  itugira bazima hamwe na Kristu, n’igihe nyene twari twarapfiriye mu makosa yacu+. Biciye ku buntu bwayo buhebuje* mwarakijijwe.  Vyongeye, yaratuzuye hamwe na Kristu Yezu, itwicarika hamwe na we mu bibanza vyo mw’ijuru, twunze ubumwe na we+,  kugira ngo mu bihe* bizoza ize itugirire ubuntu buhebuje bwinshi, twebwe abunze ubumwe na Kristu Yezu, ibitumwe n’ukumera neza kwayo.  Kubera ubwo buntu buhebuje mwarakijijwe biciye ku kwizera+, kandi ivyo ntibiva kuri mwebwe, ahubwo ni ingabire y’Imana.  Oya, ntibiva ku bikorwa+, kugira ngo ntihagire n’umwe aronka imvo zo kwirata. 10  Turi igikorwa c’amaboko y’Imana, kandi twaremwe+ mu bumwe na Kristu Yezu+ kugira dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yaduteguriye imbere y’igihe ngo tubishitse*. 11  Mwibuke rero yuko mwebwe abanyamahanga ku mubiri, mwigeze kuba mwitwa «abatagenyerewe*» muvyiswe n’abitwa «abagenyerewe», bakaba bagenyerewe ku mubiri hakoreshejwe amaboko y’abantu. 12  Ico gihe ntimwari mufise Kristu, mwari kure cane y’ihanga rya Isirayeli, kandi kubera mwari abanyamahanga ntimwari mu bagize amasezerano ajanye n’umuhango+. Nta cizigiro mwari mufise, kandi nta Mana mwagira mw’isi+. 13  Mugabo ubu ko mwunze ubumwe na Kristu Yezu, mwebwe mwigeze kuba muri kure cane mwarigiye hafi biciye ku maraso ya Kristu. 14  Kuko ari we mahoro yacu+, we yatumye ya migwi ibiri iba umugwi umwe+, agasenyura ca gihome cayitandukanya+. 15  Biciye ku mubiri wiwe yarakuyeho icatuma haba urwanko, ni ukuvuga ya mategeko* agizwe n’amabwirizwa be n’ingingo zashinzwe, kugira ngo ya migwi ibiri yunze ubumwe na we ayihinduremwo umuntu umwe+ mushasha, atume haba amahoro. 16  Yabigize kandi kugira ngo iyo migwi yompi igize umubiri umwe isubize hamwe n’Imana bimwe vyuzuye, biciye kuri ca giti co kubabarizwako*+, kubera ko yari yishe icatuma haba urwanko+ biciye ku mubiri wiwe. 17  Kandi yaraje amenyesha inkuru nziza y’amahoro mwebwe mwari kure cane n’abari hafi, 18  kubera ko biciye kuri we, twebwe abagize ya migwi ibiri dushobora kwegera Data ata kidutangira, biciye ku mpwemu imwe. 19  Ntimukiri rero ab’ahandi canke abanyamahanga+, ahubwo musangiye ubwenegihugu+ n’aberanda, mukaba n’abo mu rugo rw’Imana+, 20  kandi mwubatswe ku mushinge w’intumwa n’abahanuzi+, Kristu Yezu ubwiwe akaba ari ibuye ry’umushinge rigumya imfuruka+. 21  Iyo nyubakwa yose uko yakabaye yunze ubumwe na we, ibiyigize vyose bikaba bifatanirijwe hamwe neza+. Iyo nyubakwa irakura ikaba urusengero rweranda rwa Yehova*+. 22  Na mwebwe nyene abunze ubumwe na we, muriko murubakirwa hamwe ngo muhinduke ahantu Imana iba biciye ku mpwemu+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ingendo y’iyi si.»
Mu kigiriki havuga ngo «tubigenderemwo.»
Kugenyera hari abavyita «gusiramura», canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
Ni ukuvuga amategeko ya Musa.