Abaroma 11:1-36

  • Imana ntiyataye Abisirayeli bose (1-16)

  • Akarorero k’igiti c’umwelayo (17-32)

  • Ubukerebutsi bw’Imana burimbitse (33-36)

11  Ndabaza rero nti: Mbega Imana yarataye abantu bayo+? Habe namba! Kuko na jewe ndi Umwisirayeli wo mu ruvyaro* rwa Aburahamu, nkaba mva mu muryango wa Benyamini.  Imana ntiyataye abantu bayo, bamwe yatora* ubwa mbere+. Burya ntimuzi ico icanditswe kivuga ku bijanye na Eliya, igihe yatakambira Imana arega Isirayeli?  Avuga ati: «Ewe Yehova*, barishe abahanuzi bawe, basambura n’ibicaniro vyawe. Ni jewe jenyene nsigaye, none bariko barondera kunyica+  Yamara ijambo ry’Imana rimubwira ngw’iki? «Narisigarije abantu 7.000 batapfukamiye Bayali+  No muri iki gihe nyene, hariho amasigarira+ y’abantu bayo batowe bivuye ku buntu buhebuje*.  Nimba rero biva ku buntu buhebuje+, ntibiba bikivuye ku bikorwa+. Ahandiho ubwo buntu ntibwoba bukiri ubuntu.  Tuvuge iki none? Ikintu nyene Isirayeli ironderana umwete ntiyakironse, mugabo abatowe barakironse+. Abandi barakomantaje imitima+,  nk’uko vyanditswe ngo: «Imana yabahaye impwemu y’itiro ryinshi+, ibaha amaso atabona n’amatwi atumva, gushika n’uyu musi+  Vyongeye, Dawidi avuga ati: «Imeza yabo nibabere umushibuka n’umutego n’igitsitaza n’igihano. 10  Amaso yabo nahume ntibasubire kubona, utume imigongo yabo iguma ihetamye+ 11  Ndabaza rero nti: Mbega baratsitaye baragwa ku buryo baherayo? Habe namba! Ahubwo ugutirimuka kwabo kwatumye abanyamahanga bakizwa, kugira ngo Abisirayeli bagire ishari+. 12  Nimba rero ugutirimuka kwabo kwazaniye isi imihezagiro*, ukugabanuka kwabo na kwo kukazanira imihezagiro abanyamahanga+, hari akantu igitigiri cabo nicuzura! 13  Ubu na ho ngira mbwire mwebwe abanyamahanga. Kubera yuko ndi intumwa ku mahanga+, ndaha agaciro* igikorwa nashinzwe+, 14  kugira ndabe ko notera ishari abo mw’ihanga ryanje*, ngakiza bamwe muri bo. 15  Nimba ugutabwa kwabo+ gutuma isi isubiza hamwe n’Imana, none ukwemerwa kwabo ntikuzotuma bagirwa bazima bakava mu bapfuye? 16  Vyongeye, nimba igice c’igikandu kigenewe kuba ishikanwa ry’ivyeze ubwa mbere ari ceranda, n’igikandu cose rero kiba ari ceranda. Kandi nimba umuzi ari mweranda, n’amashami rero ni ukwo. 17  Ariko nimba amwe mu mashami y’umwelayo* yarahanyuwe maze wewe ukomekwa ku mashami asigaye kandi uri umwelayo w’umunyeshamba, hanyuma mwese mukagaburirwa n’umuzi w’uyo mwelayo, 18  ntiwirate kuri ayo mashami. Ariko niwaramuka uyiraseko+, wibuke ko atari wewe ufashe umuzi, ahubwo ko umuzi ari wo ugufashe. 19  Wovuga rero uti: «Amashami yarahanyuwe kugira nomekweko+ 20  Ni vyo. Barahanyuwe kubera ukutizera kwabo+, ariko wewe uhagaze kubera ukwizera+. Reka kwishira hejuru, ahubwo tinya. 21  Nimba Imana itagiriye ikigongwe amashami kama, na wewe nta co izokugirira. 22  Zirikana rero ubuntu bw’Imana+ n’ukuntu ikara. Irakarira abaguye+, ariko wewe ikakugirira ubuntu, ukire gusa kuguma mu buntu bwayo. Ahandiho na wewe uzocacurwa. 23  Na bo nyene nibaheba ukutizera kwabo, bazokwomekwa ku giti+, kuko Imana ishobora kubasubizako. 24  Ko wewe waciwe ku giti c’umwelayo co mw’ishamba hanyuma ukomekwa ku giti c’umwelayo co mu murima kandi atari ko bisanzwe bigirwa, wumva none bitazorushiriza kworoha ko amashami kama yomekwa ku giti c’umwelayo cayo bwite? 25  Bavukanyi, sinshaka ko muyoberwa iri banga ryeranda+, kugira ntimuhave mwigira abanyabwenge: bamwe mu Bisirayeli barakomantaje umutima, gushika igitigiri cuzuye c’abanyamahanga gikwiye. 26  Muri ubwo buryo Isirayeli yose+ izokizwa. Kuko vyanditswe ngo: «Umurokozi* azoza avuye i Siyoni+, atume abakomoka kuri Yakobo baheba ibikorwa vy’ukutubaha Imana. 27  Iryo ni ryo sezerano nzogirana na bo+, ninakuraho ibicumuro vyabo+ 28  Ego ni ko, ni abansi b’Imana ku bijanye n’inkuru nziza, kandi mwaravyungukiyeko. Mugabo ko batowe n’Imana, irabakunda cane kubera ba sogokuruza babo+. 29  Kuko Imana itazokwicuza ku ngabire zayo no ku muhamagaro wayo. 30  Mwarigeze kuba mugambararira Imana+, ariko ubu mwaragiriwe imbabazi+ kubera ukugambarara kwabo+. 31  Na bo nyene ubu baragambaraye, bituma namwe mugirirwa imbabazi, kugira ngo na bo nyene bagirirwe imbabazi. 32  Kuko Imana bose yabagize imbohe z’ukugambarara+, kugira ngo bose ibagirire imbabazi+. 33  Ewe kuntu Imana itanga cane*! Ewe kuntu ubukerebutsi bwayo n’ubumenyi bwayo vyimbitse! Ese ukuntu imanza zayo zisiga ubwenge n’ukuntu inzira zayo zirengeye ugutahura! 34  Nkako, «ni nde yamenye ivyiyumviro* vya Yehova*, canke ni nde yabaye umuhanuzwajambo wiwe+ 35  Canke «ni nde yabanje kumuha ikintu, ngo bibe ngombwa ko akimwishura+ 36  Erega vyose vyavuye kuri we, bibaho biciye kuri we kandi ku bwiwe. Naninahazwe ibihe vyose! Amen.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «mu rubuto.»
Canke «yamenye.»
Mu kigiriki havuga ngo «ubutunzi.»
Canke «ndaninahaza.»
Mu kigiriki havuga ngo «umubiri wanje.»
Ico giti cama imyelayo (olive).
Canke «umukiza.»
Mu kigiriki havuga ngo «ewe kuntu ubutunzi bw’Imana bwimbitse!»
Canke «umuzirikanyi.»