Abaroma 13:1-14
13 Umuntu wese nagamburukire* abakuru batuganza*+, kuko ubukuru bwose buriho buva ku Mana+. Abakuru bahari bashizwe n’Imana mu bibanza vyabo bitandukanye*+.
2 Ni co gituma umuntu wese arwanya ubukuru aba arwanije indinganizo y’Imana. Abarwanya iyo ndinganizo bazoba bikwegeye igihano*.
3 Kuko abaganza ari abo gutinywa, ariko ntibatinywa n’abakora iciza, ahubwo batinywa n’abakora ikibi+. Ushaka none kudatinya abakuru? Guma ukora iciza+, na bo bazoguhayagiza.
4 Ni abakozi* b’Imana bakora ku neza yawe. Mugabo nimba ukora ikibi, tinya kuko badatwarira inkota ubusa. Ni abakozi b’Imana bajejwe guhana inkozi z’ikibi*.
5 Murafise rero imvo zumvikana zo kugamburuka*, atari kubera ico gihano* gusa, mugabo kandi kubera ijwi ryanyu ryo mu mutima+.
6 Ni na co gituma muriha amakori, kuko ari abakozi b’Imana bakorera abantu, bama bakora ico gikorwa.
7 Muhe bose ivyabo: uwusaba ikori mumuhe ikori+, uwusaba ikibuguro* mumuhe ikibuguro, uwusaba gutinywa mumutinye+, uwusaba iteka mumuhe iryo teka+.
8 Ntihagire umuntu n’umwe mugirira ideni, kiretse iryo gukundana+, kuko uwukunda mugenziwe aba ashikije amategeko+.
9 Kuko aya mategeko ngo «ntukarenge ibigo+, ntukice+, ntukibe+, ntukipfuze ivy’abandi*+», hamwe n’ayandi mabwirizwa yose, bipoperanirijwe muri aya majambo agira ati: «Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.»
10 Uwufise urukundo ntagirira nabi mugenziwe+. Uwukundana rero aba yubahirije amategeko+.
11 Ivyo mubikore kubera muzi ikiringo tugezemwo, yuko isaha yo kwikangura mukava mw’itiro imaze kugera+. Ubukiriro bwacu ubu buri hafi kuruta igihe twacika abemera.
12 Ijoro rigeze kure, bugira buce. Duhebe rero ibikorwa vy’umwiza+ maze twambare ibirwanisho vy’umuco+.
13 Twigenze mu buryo bubereye+, nko ku murango. Twirinde kwidagadura birenze, kuborerwa, gusambana, inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo*+, kuryana no kugira ishari+.
14 Ahubwo mwambare Umukama Yezu Kristu+, kandi ntimutegekanye guhaza ivyipfuzo vy’umubiri+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «bigereranye.» Ni ukuvuga ko bigenda birarutana, mugabo bikaba biri munsi y’Imana.
^ Canke «bo hejuru.»
^ Canke «nayobokere.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «urubanza.»
^ Canke «abasuku.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «umuhōzi ashitsa uburake ku nkozi z’ikibi.»
^ Canke «kuyoboka.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «ubwo burake.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ntukagire umwina.»
^ Mu kigiriki ni aselgeia. Raba Insiguro y’amajambo.