Abaroma 14:1-23

  • Ntiducire urubanza abandi (1-12)

  • Ntidutsitaze abandi (13-18)

  • Turemeshe amahoro n’ubumwe (19-23)

14  Muhe ikaze umuntu agoyagoya mu kwizera+, ariko ntimucire urubanza abafise ivyiyumviro bitandukanye n’ivyanyu*.  Umwe usanga afise ukwizera kumwemerera kurya vyose, ariko uwundi agoyagoya ugasanga arya imboga* gusa.  Uwurya ntagaye uwutarya, kandi uwutarya ntacire urubanza uwurya+, kuko Imana yamuhaye ikaze.  Uri nde ngo ucire urubanza umusuku w’abandi+? Shebuja wiwe ni we afata ingingo yo kumushima canke kumugaya*+, kandi Yehova* amufashije arashobora gushimwa*.  Umuntu umwe abona ko hari umusi uruta iyindi+, uwundi na we akabona ko imisi yose ingana+. Umwe wese najijuke ku vyo yemera.  Uwubahiriza umusi kanaka awubahiriza kugira atere iteka Yehova*. Uwurya na we nyene arya kugira atere iteka Yehova*, kuko akengurukira Imana+. N’uwutarya areka kurya kugira atere iteka Yehova*, kandi na we nyene arakengurukira Imana+.  Mu bisanzwe, nta n’umwe muri twebwe abaho ku bwiwe gusa+, kandi nta n’umwe apfa ku bwiwe gusa.  Kuko nimba tubaho, tubaho kugira dutere iteka Yehova*+, kandi nimba dupfa, dupfa kugira dutere iteka Yehova*. Twaba tubaho rero canke dupfa, turi aba Yehova*+.  Ico ni co catumye Kristu apfa akongera kuba muzima, kugira abe Umukama w’abazima n’abapfuye+. 10  Kubera iki none ucira urubanza umuvukanyi wawe+? Canke kubera iki ugaya umuvukanyi wawe? Erega twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana+. 11  Kuko vyanditswe ngo: «Yehova* avuze ati: “Ndirahiye jewe Imana nzima+, amavi yose azompfukamira kandi ururimi rwose ruzokwemanga Imana ku mugaragaro+.”» 12  Umwe wese muri twebwe rero azokwibarizwa n’Imana ivyo yakoze+. 13  Ntitube rero tugicira abandi urubanza+, ahubwo riho twiyemeze kudashira imbere y’umuvukanyi igitsitaza canke intambamyi+. 14  Ndazi kandi narajijutse biciye ku Mukama Yezu yuko ata kintu na kimwe gihumanye+. Iyo gusa umuntu yiyumviye ko ikintu gihumanye, kuri we kiba gihumanye. 15  Nimba umuvukanyi wawe ababajwe n’ivyo ufungura, ntuba ukigendera mu rukundo+. Ntuhonye* uwo Kristu yapfiriye kubera ibifungurwa+. 16  Ntimureke rero ngo iciza mukora kivugwe nabi. 17  Kuko Ubwami bw’Imana budasobanura kurya no kunywa+, ahubwo busobanura ubugororotsi, amahoro n’umunezero biciye ku mpwemu nyeranda. 18  Uwo wese akorera Kristu nk’umushumba muri ubwo buryo, aremerwa n’Imana kandi agashimwa n’abantu. 19  Dukurikirane rero ibiremesha amahoro+ n’ivyubaka abandi+. 20  Reka gusambura igikorwa c’Imana kubera ibifungurwa gusa+. Ego ni ko nta gihumanye, ariko ni bibi gufungura ivyotuma uwundi atsitara+. 21  Wopfuma ureka kurya inyama canke kunywa umuvinyu canke gukora ikintu na kimwe, nimba gitsitaza umuvukanyi wawe+. 22  Ukwizera ufise nikugume hagati yawe n’Imana. Hahiriwe umuntu atikwegera urubanza bivuye ku vyo ashima. 23  Ariko nimba akekeranya, aba amaze gutsindwa n’urubanza iyo afunguye, kuko atarya yisunze ukwizera. Nkako, ikintu cose kitisunze ukwizera kiba ari igicumuro.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntimucire urubanza ivyo umuntu yibaza imbere muri we.»
Canke «ibisoromano.»
Mu kigiriki havuga ngo «y’uko ahagarara canke atemba.»
Mu kigiriki havuga ngo «azohagarara, kuko Yehova ashobora kumuhagarika.»
Canke «ntutikize.»