Abaroma 2:1-29

  • Urubanza Imana icira Abayuda n’Abagiriki (1-16)

    • Ingene ijwi ryo mu mutima rikora (14, 15)

  • Abayuda n’amategeko (17-24)

  • Ukugenyerwa kw’umutima (25-29)

2  Nta co ufise wireguza rero, yewe muntu wese+ ucira abandi urubanza. Erega iyo uciriye urubanza uwundi, nawe uba urwiciriye*, kuko wewe uca urubanza ukora nk’ivyo nyene+.  Turazi ko urubanza Imana icira abakora mwene ivyo ruhuye n’ukuri.  None ga muntu, ko ucira urubanza abakora mwene ivyo kandi nawe ari vyo ukora, wibaza ko uzokira urubanza rw’Imana?  Canke usuzugura ingene Imana igwije ubuntu+, ukwigumya*+ n’ukwihangana+? Ntuzi ko igira ubuntu kubera ishaka kugufasha ngo wigaye+?  Mugabo kubera akagagazo kawe n’umutima wawe utigaya, uriko wirundaniriza uburake buzokuzako ku musi w’uburake bw’Imana, niyahishura urubanza rwayo rugororotse+.  Kandi izokwishura umwe wese ibihuye n’ivyo akora+:  izoha ubuzima budahera abaguma bihanganye mu gukora iciza barondera ubuninahazwa, iteka n’ukutabora+,  ariko abantu b’abanyamahane kandi bagambararira ukuri mugabo bakagamburukira ibitagororotse, bazokwibonera uburake bw’Imana n’ishavu ryayo+.  Hazoba amakuba n’amaganya ku muntu wese akora ikibi, ubwa mbere ku Muyuda hanyuma ku Mugiriki*. 10  Mugabo hazoba ubuninahazwa, iteka n’amahoro ku muntu wese akora iciza, ubwa mbere ku Muyuda+ hanyuma ku Mugiriki+. 11  Kuko Imana itagira nkunzi+. 12  Abo bose bacumuye ata mategeko bafise, bazopfa ata mategeko abacira urubanza+. Mugabo abo bose bacumuye bagabwa n’amategeko, bazocirwa urubanza n’amategeko+. 13  Abumva amategeko si bo bagororotsi imbere y’Imana, ahubwo abakora ivyo amategeko avuga ni bo bazokwitwa abagororotsi+. 14  Kuko igihe abantu bo mu mahanga bakoze ivyo amategeko avuga kubera bisanzwe bibarimwo kandi ata mategeko bafise+, abo bantu baba berekanye ko muri bo hari amategeko, naho ata mategeko bafise. 15  Ni bo berekana ko ibiri mu mategeko vyanditse mu mitima yabo, kandi ijwi ryabo ryo mu mutima riremeranya na bo. Ivyiyumviro vyabo birabarega canke bikabaregura*. 16  Ukwo ni ko bizogenda umusi Imana izocira urubanza ibintu abantu bagize ibanga, ikaruca biciye kuri Kristu Yezu+. Ivyo birahuye n’inkuru nziza namamaza. 17  Muri mwebwe hari abitwa Abayuda+. Wewe Umuyuda urishimikiza amategeko, ukishimira Imana yawe. 18  Urazi ivyo igomba kandi urashobora kumenya ibibereye kubera wigishwa* amategeko+. 19  Warajijutse ko uri indongozi y’abantu b’impumyi n’umuco ku bari mu mwiza. 20  Wiyumvira ko ushobora gukosora imburabwenge, ukigisha abana batoyi, ukaba uzi inyigisho z’ishimikiro n’ukuri kw’ishimikiro biri mu mategeko. 21  Wewe none wigisha abandi, weho ntiwiyigisha+? Wewe wamamaza ngo «ntiwibe+», uriba? 22  Wewe uvuga ngo «nturenge ibigo+», weho nturenga ibigo? Wewe wanka urunuka ibigirwamana, ntusahura ivyo mu nsengero? 23  Wewe wishimira amategeko, ntutetereza Imana mu kuyarengako? 24  Kuko «izina ry’Imana ririko riratukwa* mu mahanga kubera mwebwe», nk’uko vyanditswe+. 25  Nkako, ukugenyerwa*+ kugira akamaro igihe gusa ukora ivyo amategeko avuga+. Ariko nimba urenga amategeko, ukugenyerwa kwawe kuba gucitse ukutagenyerwa. 26  Nimba rero umuntu atagenyerewe+ akurikiza ibintu bigororotse amategeko asaba, none Imana ntizoca imubona nk’uwagenyerewe+? 27  Uwutagenyerewe ku mubiri mugabo akaba akurikiza amategeko, azogucira urubanza wewe wagenyerewe uyarengako kandi ufise amategeko yanditse. 28  Kuko Umuyuda wo ku rukoba atari we Muyuda+, eka n’ukugenyerwa kw’inyuma ku mubiri si kwo kugenyerwa+. 29  Ahubwo Umuyuda wo mu mutima ni we Muyuda+, kandi agenyerwa ku mutima+ biciye ku mpwemu, ntagenyerwa biciye ku mategeko yanditse+. Ntashimagizwa n’abantu, ahubwo ashimagizwa n’Imana+.

Utujambo tw'epfo

Canke «witsindishije.»
Canke «ukwirengagiza.»
Biboneka ko uwo Mugiriki asobanura abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.
Mu kigiriki havuga ngo «mu vyiyumviro vyabo bararegwa canke bakaregurwa.»
Canke «wigishwa ku munwa.»
Canke «rirarogotwako.»
Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).