Abaroma 3:1-31

  • «Imana niboneke ko ivuga ukuri» (1-8)

  • Abayuda n’Abagiriki bagabwa n’igicumuro (9-20)

  • Ubugororotsi buva ku kwizera (21-31)

    • Bose ntibashikira ubuninahazwa bw’Imana (23)

3  None Umuyuda arushije abandi iki? Canke akamaro ko kugenyerwa ni akahe?  Abarusha vyinshi mu buryo bwose. Imbere ya vyose, Abayuda ni bo Imana yajeje amajambo yayo meranda+.  None tuvuge iki ku bijanye n’Abayuda bamwebamwe baterekanye ukwizera? Ukutizera kwabo kwoba gusobanura ko Imana itakiri iyo kwizigirwa?  Habe namba! Ahubwo Imana niboneke ko ivuga ukuri+, naho umuntu wese yoboneka ko ari umubeshi+, nk’uko vyanditswe ngo: «Kugira ngo uboneke ko ugororotse mu vyo uvuga, kandi utsinde igihe uriko uracirwa urubanza+  Ariko nimba ukutagororoka kwacu gushira ahabona ubugororotsi bw’Imana, tuvuge iki none? Imana yoba irenganya igihe yerekana uburake bwayo? (Ndiko mvuga nk’abantu.)  Habe namba! Wumva none Imana yoheza igacira urubanza isi gute+?  Ariko nimba ikinyoma canje catumye ukuri kw’Imana kurushiriza kuja ahabona bigatuma ininahazwa, kubera iki none ncirwa urubanza nk’umucumuzi?  Tubuzwa n’iki kuvuga ngo: «Dukore ibibi kugira ivyiza bibone kuza»? Kandi hari abatwagiriza ko ari ko tuvuga. Urubanza rucirwa abo bantu rurahuye n’ubutungane+.  Tuvuge iki none? Twoba turuta abandi? Habe namba! Nk’uko duhejeje kuvyerekana, Abayuda n’Abagiriki* bagabwa n’igicumuro bose+. 10  Nk’uko vyanditswe, «nta mugororotsi ariho, eka nta n’umwe+. 11  Nta n’umwe afise ugutahura*. Nta n’umwe arondera Imana. 12  Abantu bose barataye inzira igororotse, bose basigaye ata co bamaze. Nta n’umwe agira ubuntu, eka nta n’umwe+ 13  «Imihogo yabo ni imva zirangaye. Bakoresha akarimi kabo mu guhendana+.» «Mu kanwa kabo huzuyeyo ubumara bw’incira+ 14  «Kandi akanwa kabo kuzuyemwo imivumo n’umururazi+ 15  «Ibirenge vyabo vyihutira gusesa amaraso+ 16  «Amayira yabo arimwo agatikizo n’ivyago, 17  kandi ntibazi inzira y’amahoro+ 18  «Nta gutinya Imana kuri muri bo*+ 19  Turazi ko ibintu vyose amategeko avuga, abibwira abagabwa n’amategeko kugira iminwa yose inume, n’isi yose ibe iyikwiye igihano imbere y’Imana+. 20  Nta muntu n’umwe* rero azokwitwa umugororotsi imbere y’Imana biciye ku bikorwa bisabwa n’amategeko+, kuko amategeko ari yo atuma umuntu amenya neza igicumuro+. 21  Ariko ubugororotsi bw’Imana ubu bwarahishuwe bidaciye ku mategeko+, nk’uko amategeko n’ivyanditswe n’abahanuzi bibishingira intahe+. 22  Egome, ubugororotsi bw’Imana bwarahishuwe biciye ku kwizera Yezu Kristu, ku bw’abo bose bafise ukwizera. Kuko ata tandukaniro riri hagati y’abantu+. 23  Bose baracumuye kandi ntibashikira ubuninahazwa bw’Imana+. 24  Ni nk’ingabire ya gusa+ kubona bariko bitwa abagororotsi bivuye ku buntu bwayo buhebuje*+. Ubwo buntu yabugaragaje mu kubabohora biciye ku ncungu yarishwe na Kristu Yezu+. 25  Imana yaramutanze ngo abe ishikanwa rituma tubabarirwa ibicumuro*+ biciye ku kwizera amaraso yiwe+. Kwari ukugira ngo Imana yerekane ubugororotsi bwayo, kuko yababariye ibicumuro vyabaye kera kubera ukwigumya* kwayo. 26  Kwari ukugira ngo yerekane kandi ubugororotsi bwayo+ muri iki kiringo turimwo, ngo iboneke ko igororotse n’igihe yita umugororotsi umuntu yizera Yezu+. 27  None twoba dufise imvo yo kwirata? Nta n’imwe. Kubera itegeko irihe? Iry’ibikorwa+? Habe namba, ahubwo kubera itegeko ry’ukwizera. 28  Kuko tubona ko umuntu yitwa umugororotsi bivuye ku kwizera, bitavuye ku bikorwa bisabwa n’amategeko+. 29  Canke Imana yoba ari Imana y’Abayuda gusa+? Mbega si Imana y’abanyamahanga na bo+? Egome, ni iy’abanyamahanga na bo nyene+. 30  Ko Imana ari imwe+, abagenyerewe izobita abagororotsi+ bivuye ku kwizera, n’abatagenyerewe ibite abagororotsi+ biciye ku kwizera kwabo. 31  None twoba dukuraho amategeko biciye ku kwizera kwacu? Habe namba! Ahubwo riho turayashigikira+.

Utujambo tw'epfo

Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Mu kigiriki havuga ngo «kuri imbere y’amaso yabo.»
Canke «nta gifise umubiri na kimwe.»
Canke «ry’ugusubiza hamwe», «ry’impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).
Canke «ukwirengangiza.»