Abaroma 4:1-25

  • Aburahamu yiswe umugororotsi bivuye ku kwizera (1-12)

    • Aburahamu, se w’abari n’ukwizera (11)

  • Umuhango wabonetse biciye ku kwizera (13-25)

4  Ko bimeze gutyo, Aburahamu sogokuruza wacu ku mubiri twovuga ko yaronse iki?  Nk’akarorero, iyo Aburahamu aja kwitwa umugororotsi bivuye ku bikorwa, yari kugira imvo yo kwirata, ariko ntiyari kwirata imbere y’Imana.  None icanditswe kivuga iki? Kivuga giti: «Aburahamu yizeye Yehova*, abonwa ko ari umugororotsi*+  Impembo y’umukozi ntibonwa ko ari ubuntu agiriwe, ahubwo ibonwa ko ari ikintu abwirizwa guhabwa*.  Ariko umuntu adakora mugabo akizera umwe yita umugororotsi umuntu atubaha Imana, ukwizera kwiwe kubonwa nk’ubugororotsi+.  Na Dawidi aravuga agahimbare k’umuntu Imana ibona ko ari umugororotsi bitavuye ku bikorwa, akagira ati:  «Hahiriwe abo Imana yahariye ubugarariji bwabo, igapfuka* ibicumuro vyabo.  Hahiriwe umuntu Yehova* atazogenda aharuyeko igicumuro yakoze+  None abagenyerewe ni bo gusa baronka ako gahimbare, canke n’abatagenyerewe barakaronka+? Kuko twavuze duti: «Ukwizera kwa Aburahamu kwatumye abonwa ko ari umugororotsi+ 10  None ibintu vyari vyifashe gute igihe ukwizera kwiwe kwatuma abonwa ko ari umugororotsi? Yari yaragenyerewe canke ntiyari bwagenyerwe? Ntiyari bwagenyerwe. 11  Kandi yararonse ikimenyetso+, ni ukuvuga ukugenyerwa, nk’ikidodo* cerekana ko ari umugororotsi bivuye ku kwizera yari afise igihe atari bwagenyerwe. Ivyo vyabaye kugira abe se w’abari n’ukwizera bose+ batagenyerewe, ngo babonwe ko ari abagororotsi. 12  Kwari ukugira ngo kandi abe se w’uruvyaro rwagenyerewe, atari gusa ku bumira ku kugenyerwa, mugabo no ku babaho bisunga ukwizera data Aburahamu+ yari afise ataragenyerwa. 13  Kuko Aburahamu n’uruvyaro* rwiwe baronse wa muhango w’uko yobaye samuragwa w’isi+, ariko ntibawuronse biciye ku mategeko, ahubwo vyaciye ku bugororotsi bushingiye ku kwizera+. 14  Iyaba abumira ku mategeko ari bo baba ba samuragwa, ukwizera kwoca kuba impfagusa, n’umuhango ukaba ukuweho. 15  Mu vy’ukuri, kurenga ku mategeko bizana ishavu ry’Imana+, mugabo ahatagira amategeko nta gicumuro kihaba+. 16  Ni co gituma uwo muhango tuwuronka biciye ku kwizera, ngo kibe ikintu dukesha ubuntu buhebuje*+. Muri ubwo buryo, abakomoka kuri Aburahamu* bose+ barashobora kubona iranguka ry’uwo muhango, atari gusa abumira ku mategeko ahubwo n’abumira ku kwizera kwa Aburahamu, data wacu twese+. 17  (Nakare vyanditswe ngo: «Nkugize se w’amahanga menshi+.») Ivyo vyabereye imbere y’Imana, imwe Aburahamu yizera, imwe ituma abapfuye baba bazima, ibitariho ikabivuga nk’aho vyoba biriho*. 18  Naho atari agifise imvo yo kugira icizigiro, yarishimikije icizigiro arizera ko yobaye se w’amahanga menshi nk’uko vyari vyaravuzwe ngo: «Ukwo ni ko uruvyaro* rwawe ruzongana+ 19  Ico gihe yarabona ko umubiri wiwe wasa n’uwapfuye (kuko yari yegereje imyaka 100+), kandi yari azi ko Sara yari ingumba*+, mugabo ntiyagoyagoye mu kwizera. 20  Ariko kubera umuhango Imana yamuhaye, ntiyahungabanye ngo abure ukwizera, ahubwo ukwizera kwiwe kwatumye akomera, aninahaza Imana. 21  Yari yarajijutse rwose ko ivyo Imana yasezeranye yari ishoboye no kubishitsa+. 22  Ivyo vyatumye «abonwa ko ari umugororotsi+ 23  Ariko ayo majambo ngo «abonwa ko ari», si we gusa yandikiwe+, 24  ahubwo yandikiwe na twebwe. Natwe tuzobonwa ko turi abagororotsi kuko twizera umwe yazura Yezu Umukama wacu mu bapfuye+. 25  Yaratanzwe ngo yicwe kubera amakosa yacu+ hanyuma arazurwa, kugira twitwe abagororotsi+.

Utujambo tw'epfo

Canke «abiharurwako nk’ubugororotsi.»
Canke «ko ari ideni.»
Canke «ikababarira.»
Canke «nk’icemeza.»
Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»
Mu kigiriki havuga ngo «urubuto rwiwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «igatuma ibitariho bibaho.»
Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»
Mu kigiriki havuga ngo «ko inda ya Sara yapfuye.»