Abaroma 6:1-23

  • Ubuzima bushasha biciye kw’ibatisimu muri Kristu (1-11)

  • Ntimureke ngo igicumuro kiganze mu mibiri yanyu (12-14)

  • Abashumba b’igicumuro babaye abashumba b’Imana (15-23)

    • Impembo y’igicumuro ni urupfu. Ingabire y’Imana ni ubuzima (23)

6  Tuvuge iki none? Tugume ducumura kugira ngo ubuntu buhebuje* bugwire?  Habe namba! Ko tutakigabwa n’igicumuro*+, twoguma tukibamwo gute+?  Canke ntimuzi yuko twese ababatijwe muri Kristu Yezu+ twabatijwe mu rupfu rwiwe+?  Twahambanywe na we rero biciye kw’ibatisimu twaronse mu rupfu rwiwe+. Ivyo vyabaye kugira ngo nk’uko Kristu yazuwe mu bapfuye biciye ku buninahazwa bwa Se, na twebwe tugire ubuzima bushasha+.  Ko twunze ubumwe na we biciye ku rupfu rumeze nk’urwo yapfuye+, nta nkeka rero yuko tuzokwunga ubumwe na we kandi biciye kw’izuka risa n’iryiwe+.  Turazi ko kamere* yacu ya kera yamanikanywe na we ku giti+, kugira ngo umubiri wacu ucumura ntube ugifise inkomezi+, ntitugume turi abashumba b’igicumuro+.  Kuko umuntu apfuye aba akuweko* ibicumuro vyiwe.  Vyongeye, ko twapfanye na Kristu, turemera kandi yuko tuzobana na we.  Turazi ko Kristu atagipfa+ kubera ko ubu yazuwe mu bapfuye+. Urupfu nta bubasha rukimufiseko. 10  Kuko urupfu yapfuye, yarupfuye kugira akureho igicumuro rimwe rizima+. Mugabo ubuzima abayeho, abubayeho kugira akore ivyo Imana igomba. 11  Na mwebwe nyene, nimubone ko mwapfuye ku bijanye no gukora igicumuro, mugabo ko muri bazima kugira mukore ivyo Imana igomba biciye kuri Kristu Yezu+. 12  Ntimureke rero ngo igicumuro kibandanye kuganza* mu mibiri yanyu ipfa+, ngo mugamburukire ivyipfuzo vyayo. 13  Vyongeye, imibiri* yanyu ntimubandanye kuyiha igicumuro ngo ikoreshwe ibitagororotse*. Ahubwo mwihe Imana nk’abantu bazima bavuye mu bapfuye, imibiri* yanyu na yo muyihe Imana kugira ikoreshwe ibigororotse*+. 14  Igicumuro ntigikwiye kubaganza, kuko mutagengwa n’amategeko+, ahubwo mugengwa n’ubuntu buhebuje+. 15  Tuvuge iki none? Ducumure ngo ni uko tutagengwa n’amategeko ahubwo tugengwa n’ubuntu buhebuje+? Habe namba! 16  Ntimuzi yuko iyo mwihaye umuntu mukamugamburukira nk’abashumba, muba mubaye abashumba biwe kubera mumugamburukira+? Muba abashumba b’igicumuro+ bikabashikana ku rupfu+, canke mukaba abashumba bagamburukira Imana bikabashikana ku bugororotsi. 17  Ariko Imana ishimwe kubera ko naho mwahoze muri abashumba b’igicumuro, mwahavuye mugamburuka bivuye ku mutima iyo nyigisho* mwahawe. 18  Egome, kubera ko mwakuwe mu gicumuro+, mwaciye muba abashumba b’ubugororotsi+. 19  Ndiko nkoresha imvugo isanzwe y’abantu, kubera ubugoyagoye bw’umubiri wanyu. Imibiri* yanyu mwarayitanze ngo ishumbire ubuhumane n’ubugarariji, bituma mukora ivy’ubugarariji. Ubu rero nimuyitange kugira ishumbire ubugororotsi, bitume mukora ibintu vyeranda+. 20  Kuko igihe mwari abashumba b’igicumuro, mutaganzwa n’ubugororotsi. 21  None ico gihe mwama ivyamwa nyabaki? Ni ibintu ubu bibatera isoni, kuko amaherezo yavyo ari urupfu+. 22  Ariko ubu, kubera ko mwakuwe mu gicumuro mukaba abashumba b’Imana, muriko murama ivyamwa bijanye n’ubweranda+, kandi ivyo bishikana ku buzima budahera+. 23  Kuko impembo y’igicumuro ari urupfu+, ariko ingabire Imana itanga ni ubuzima budahera+ biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu+.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «twapfuye ku bijanye n’igicumuro.»
Mu kigiriki havuga ngo «umuntu.»
Canke «arekuriwe», «ababariwe.»
Canke «kuganza nk’umwami.»
Mu kigiriki havuga ngo «nk’ibirwanisho vy’ukugororoka.»
Mu kigiriki havuga ngo «ibihimba vy’umubiri.»
Mu kigiriki havuga ngo «ibihimba vy’umubiri.»
Mu kigiriki havuga ngo «nk’ibirwanisho vy’ukutagororoka.»
Canke «ubwo buryo bwo kwigishwa.»
Mu kigiriki havuga ngo «ibihimba vy’umubiri.»