Amosi 1:1-15
1 Amajambo ya Amosi* wo mu borozi b’intama b’i Tekowa+. Ayo majambo yerekeye Isirayeli, yayaronse biciye ku vyo yeretswe ku ngoma ya Uziya+ umwami w’Ubuyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu+ mwene Yowasi+, umwami wa Isirayeli, hasigaye imyaka ibiri ngo habe nyamugigima+.
2 Yavuze ati:
«Yehova azoroha ari i Siyoni,kandi azosemerera ari i Yeruzalemu.
Uburagiro bw’abungere buzogandara,kandi isonga rya Karumeli rizokwuma+.»
3 «Ibi ni vyo Yehova avuze:“‘Kubera Damasiko yangararije* incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,kuko bahuraguye Gileyadi bakoresheje ivyuma*+.
4 Nzorungika rero umuriro ku nzu ya Hazayeli+,kandi uzoturira iminara ikomeye ya Beni-Hadadi+.
5 Nzovunagura ivyugazo vy’i Damasiko+.Nzotikiza ababa i Bikati-Avenihamwe n’umutware* w’i Beti-Edeni,kandi abo muri Siriya bazojanwa mu bunyagano i Kiri+’, ni ko Yehova avuze.”
6 Ibi ni vyo Yehova avuze:“‘Kubera Gaza yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,kuko bafashe umugwi wose w’imbohe+ bakawushira mu vyara vy’Abanyedomu.
7 Nzorungika rero umuriro ku mpome z’i Gaza+,kandi uzoturira iminara ikomeye yaho.
8 Nzotikiza ababa i Ashidodi+hamwe n’umutware w’i Ashikeloni+.Nzohana Ekuroni+,kandi n’Abafilisitiya basigaye bazopfa+’, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”
9 Ibi ni vyo Yehova avuze:“Kubera Tiro yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,kuko bafashe umugwi wose w’imbohe bakawushira mu vyara vy’Abanyedomu,kandi ntibibutse isezerano bagiraniye na benewabo+.
10 Nzorungika rero umuriro ku mpome z’i Tiro,kandi uzoturira iminara ikomeye yaho+.”
11 Ibi ni vyo Yehova avuze:“Kubera Edomu yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,kuko yomye inyuma mwenewabo n’inkota+,akanka kumugirira imbabazi.Aguma abatabagura n’ishavu n’akantu,kandi n’ubu aracabafitiye ishavu+.
12 Nzorungika rero umuriro i Temani+,kandi uzoturira impome zikomeye z’i Bozira+.”
13 Ibi ni vyo Yehova avuze:“‘Kubera Abamoni+ bangararije incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,kuko bapasuye inda* z’abagore bibungenze b’i Gileyadi, kugira biyagurire akarere kabo+.
14 Nzodomeka rero umuriro ku mpome z’i Raba+,kandi uzoturira iminara ikomeye yaho.Uzoba ari umusi w’urugamba urangwa n’akaruru k’intambara,umusi w’ibihuhusi urangwa n’imiyaga y’ibivumbuzi.
15 Umwami wabo azojanwa mu bunyagano ari kumwe n’abaganwa biwe+’, ni ko Yehova avuze.”
Utujambo tw'epfo
^ Iryo zina risobanura ngo «kuba umuzigo» canke «kwikorera umuzigo.»
^ Canke «yancumuyeko.»
^ Ni ibikoresho bakoresha mu gutonora intete. Raba Insiguro y’amajambo (Gukubita intete).
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwufise agakoni k’ubwami.»
^ Canke «kuko bafomoje.»