Amosi 3:1-15

  • Gutangaza urubanza rw’Imana (1-8)

    • Imana izokwibira akabanga abasavyi bayo (7)

  • Urubanza rwaciriwe Samariya (9-15)

3  «Nimwumve ijambo Yehova avuze ku biberekeye yemwe Bisirayeli, ku vyerekeye ihanga ryose nakuye mu Misiri:   “Ni mwebwe gusa namenye mu miryango yose yo kw’isi+. Ni co gituma nzobahanira amakosa yanyu yose+.   Mbega abantu babiri bojana batavyumvikanye*?   Mbega intambwe yorohera mu kibira ata co yafashe? Mbega intambwe y’umukangara* yotontomera aho iba ata co yacakiye?   Mbega inyoni yofatwa mu mutego ata wayiteze*? Mbega umutego woshibuka ukava mw’ivu ata co wafashe?   Iyo havugijwe inzamba mu gisagara, mbega abantu ntibajugumira? Iyo hateye icago mu gisagara, mbega si Yehova aba yabikoze?   Kuko Umukama Segaba Yehova ata na kimwe azokoraatibiye akabanga* abasavyi biwe b’abahanuzi+.   Mbega ni nde atotinya intambwe iroshe+? Ni nde atovuga ubuhanuzi Umukama Segaba Yehova atanze itegeko+?”   “Nimubitangaze ku minara ikomeye y’i Ashidodino ku minara ikomeye yo mu Misiri. Muvuge muti: ‘Nimukoranire ku misozi yo muri Samariya+,murabe uruhagarara ruriyon’ingene huzuye ubusuma+. 10  Birundaniriza ubutunzi mu minara yabo ikomeye biciye ku bubisha n’agatikizo,kuko batazi gukora iciza’, ni ko Yehova avuze.” 11  Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze:“Umwansi azokikuza igihugu cawe+.Azokumara amanyama*kandi azonyaga ibintu vyose biri mu minara yawe ikomeye+.” 12  Ibi ni vyo Yehova avuze:“Kurya umwungere ashikura utuguru tubiri canke igice c’ugutwi mu kanwa k’intambwe,ni ko hazorokoka Abisirayeli bake canemuri barya biyicariye i Samariya ku bitanda vyizavyiza no ku ntebe nzizanziza*+.” 13  “Nimwumvirize kandi muburire* inzu ya Yakobo”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, Imana Nyeningabo. 14  “Kuko umusi nahaniye Isirayeli ubugarariji* bwayo bwose+,nzoyihanira n’ibicaniro vy’i Beteli+.Amahembe y’igicaniro azovunagurika, akorokere hasi+. 15  Nzosenyura amazu mubamwo mu rushana n’ayo mubamwo mu ci.” “Inzu zubakishijwe amasenge* zizosenyurwa+,kandi inzu zikomakomeye* zizobomorwa+”, ni ko Yehova avuze.»

Utujambo tw'epfo

Canke «batahanye isango.»
Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kandi ata cambo kiri mu mutego.»
Canke «adahishuriye umugambi wiwe.»
Canke «azomara inguvu zawe.»
Canke «no ku ntebe zimeze nk’uburiri z’i Damasiko.»
Canke «mwagirize.»
Canke «ibicumuro.»
Amasenge ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nyinshi.»