Amosi 7:1-17

  • Yehova yereka Amosi ko iherezo rya Isirayeli riri hafi (1-9)

    • Inzige (1-3), umuriro (4-6), inivo (7-9)

  • Amosi abuzwa kuvuga ubuhanuzi (10-17)

7  Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova yanyeretse: yariko akoranya igitero c’inzige, igihe ibiterwa vya nyuma* vyari bitanguye kunaga. Vyari ibiterwa batera bamaze guhumbira ubwatsi bw’umwami.  Ico gitero kimaze kuyogeza ibiterwa vyose vyo mu gihugu, naciye mvuga nti: «Ewe Mukama Segaba Yehova, ndakwinginze ubababarire+. None Yakobo yorokoka* gute? Erega ni magara make+  Yehova yaciye ahindura ivyiyumviro*+. Yehova aca avuga ati: «Ntibizoba.»  Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova yanyeretse: Umukama Segaba Yehova yahamagaye umuriro kugira awuhanishe abantu biwe. Uwo muriro wararigase ikiyaga amahanga wongera urayogeza igice c’igihugu.  Nanje nca mvuga nti: «Ewe Mukama Segaba Yehova, ndakwinginze ugeze aho+. None Yakobo yorokoka gute? Erega ni magara make+  Yehova yaciye ahindura ivyiyumviro+. Maze Umukama Segaba Yehova avuga ati: «N’ivyo nyene ntibizoba.»  Ibi ni vyo yanyeretse: Yehova yari ahagaze ku ruhome rwubakishijwe inivo*, kandi yari afise inivo mu kuboko kwiwe.  Maze Yehova ambaza ati: «Ubona iki ga Amosi?» Nanje nti: «Inivo.» Yehova aca ambwira ati: «Ngira nshire inivo ku bantu banje b’Abisirayeli. Sinzokwongera kubababarira+.  Ibibanza vyo gusengeramwo vya Izahaki+ bizocika umusaka, kandi ibibanza vyeranda vya Isirayeli bizotikira+. Nzokwicisha inkota umuryango wa Yerobowamu+ 10  Amaziya umuherezi w’i Beteli+ aca arungikira ubutumwa Yerobowamu+ umwami wa Isirayeli ati: «Amosi ariko atuma abantu bakugarariza hagati muri Isirayeli+. Igihugu ntigishobora kwihanganira amajambo yose avuga+. 11  Kuko Amosi avuga ngo: “Yerobowamu azokwicishwa inkota, kandi Abisirayeli ntibazobura gukurwa mu gihugu cabo bakajanwa mu bunyagano+.”» 12  Amaziya aca abwira Amosi ati: «We werekwa, hoshi genda, uhungire mu Buyuda. Genda ucireyo ingero*, abe ari yo uvugira ubuhanuzi+. 13  Ariko ntusubire kuvugira ubuhanuzi i Beteli+, kuko ari ikibanza ceranda c’umwami+ n’ikirimba ciwe.» 14  Amosi yishura Amaziya ati: «Jewe sinari umuhanuzi canke umwana w’umuhanuzi. Ahubwo nari umwungere+, nkitwararika n’ibiti vy’imisukomora n’insukoni zavyo*. 15  Ariko Yehova yarankuye inyuma y’ubusho, maze Yehova ambwira ati: “Genda ubwire ubuhanuzi abantu banje b’Abisirayeli+.” 16  Niwumvirize rero ijambo rya Yehova: “Ko uvuga ngo ‘ntuvuge ubuhanuzi bw’ivyago bizoshikira Isirayeli+, kandi ntuvuge ubutumwa+ bucira urubanza inzu ya Izahaki’, 17  ibi rero ni vyo Yehova avuze: ‘Umugore wawe azocika imaraya mu gisagara, abahungu bawe n’abakobwa bawe na bo bicwe n’inkota. Amatongo yawe azogaburwa hakoreshejwe umugozi*, nawe uzopfira mu gihugu gihumanye. Kandi Abisirayeli ntibazobura gukurwa mu gihugu cabo bakajanwa mu bunyagano+.’”»

Utujambo tw'epfo

Ni ukuvuga muri Nzero no muri Ruhuhuma.
Mu giheburayo havuga ngo «yohaguruka.»
Canke «yaciye yicuza.»
Canke «karisho.» Wari umugozi uriko akantu karemereye kenena, bakoresha mu gupima amahagarara.
Mu giheburayo havuga ngo «urireyo umukate wawe.»
Canke «ahubwo narasaga insukoni z’ibiti vy’imisukomora.»
Canke «umugozi wo gupimisha.»