Amosi 8:1-14

  • Yehova yereka Amosi igiseke kirimwo ivyamwa vyo mu ci (1-3)

  • Abacinyiza abandi bacirwa urubanza (4-14)

    • Inzara yo kwumva ijambo ry’Imana (11)

8  Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova yanyeretse: nabonye igiseke kirimwo ivyamwa vyo mu ci.  Aca ambaza ati: «Ubona iki ga Amosi?» Nanje nti: «Igiseke kirimwo ivyamwa vyo mu ci.» Maze Yehova ambwira ati: «Iherezo ryashitse ku bantu banje b’Abisirayeli. Sinzosubira kubababarira+.  “Kuri uwo musi, indirimbo zo mu rusengero zizohinduka amaborogo+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Ahantu hose hazoba handagaye imivyimba+. Kazoba ari agacerere gusa!”   Nimwumve ibi mwe muhonyanga abakene,mukazimanganya abantu bitonda bo mu gihugu+,   mukavuga ngo: “Umusi mukuru w’imboneko y’ukwezi uzohera ryari+ kugira twigurishirize intete?Canke isabato+ izohera ryari kugira twidandarize intete? Tuzogabanya ingero ya efa*,twongereze uburemere bwa shekeli*,kandi tuzirike iminzane yacu+.   Tuzogura abakene amahera*,aboro tubagure umwambaro w’ibirato*+,twongere tugurishe ibikumbi vy’intete.”   Yehova yarahiye ubuninahazwa bwa Yakobo+ ati:“Sinzokwigera nibagira ivyo bakoze vyose+.   Ku bw’ivyo, igihugu* cose kizojugumirakandi abakibamwo bose bazogandara+. Mbega ntikizoduga nk’uruzi Nili?Kizosuriranya congere gihwame nk’uruzi Nili rwo mu Misiri+   Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Kuri uwo musi,nzotuma izuba rirenga ku mutaga,kandi nzotuma igihugu gicika umwiza izuba riva+. 10  Nzotuma imisi mikuru yanyu icika ikigandaro+,n’indirimbo zanyu zose zicike indirimbo z’intimba*. Nzotuma abantu bose bakenyera amagunira, ntume bimwesha igipara.Nzotuma uwo musi ubabera nk’umusi wo kugandarira umwana w’ikinege,kandi amaherezo yawo azoba ari amarira gusa.” 11  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ehe imisi irageze,aho nzoteza inzara mu gihugu,atari inzara y’ibifungurwa n’inyota y’amazi,ahubwo izoba ari iyo kwumva amajambo ya Yehova+. 12  Bazogenda baricako bava ku kiyaga baja ku kindi,bava mu buraruko baja mu buseruko. Bazoyerera barondera ijambo rya Yehova, ariko ntibazorironka. 13  Kuri uwo musi, abakobwa bezabeza b’isugihamwe n’imisore bazorabikwa n’inyota. 14  Abarahira ikosa rya Samariya+, bakavuga ngo:‘Ewe Dani+, ndakurahiye ukubaho kw’imana yawe’, kandi ngo: ‘Ndakurahiye ukubaho kw’inzira ija i Beri-Sheba+’, bazogwa kandi ntibazosubira guhaguruka+.”»

Utujambo tw'epfo

Canke «ifeza.»
Canke «w’isandari.»
Canke «isi.»
Canke «z’ikigandaro.»