Daniyeli 3:1-30
-
Igishusho c’inzahabu c’umwami Nebukadinezari (1-7)
-
Umwami ategeka abantu gusenga ico gishusho (4-6)
-
-
Abaheburayo batatu bagirizwa ko banse kugamburuka (8-18)
-
«Ntidushobora gukorera imana zawe» (18)
-
-
Batererwa mw’ifuru yaka umuriro (19-23)
-
Barokorwa muri uwo muriro ku gitangaro (24-27)
-
Umwami aninahaza Imana y’Abaheburayo (28-30)
3 Umwami Nebukadinezari yakoze igishusho c’inzahabu gifise uburebure bw’intambwe 60* n’ubwaguke bw’intambwe 6*. Ico gishusho yaciye agishinga mu kiyaya ca Dura, mu ntara ya Babiloni.
2 Umwami Nebukadinezari yaciye atumako ivyegera vyiwe, ivyariho, ba buramatari, abajanama, abanyabigega, abacamanza, abashingantahe n’abatware bose bo mu ntara, ngo baze ku birori vyo gutangura kwunamira ico gishusho yari yashinze.
3 Nuko ivyegera vy’umwami, ivyariho, ba buramatari, abajanama, abanyabigega, abacamanza, abashingantahe n’abatware bose bo mu ntara, baca bakoranira hamwe ku birori vyo gutangura kwunamira ico gishusho umwami Nebukadinezari yari yashinze. Baraheza bahagarara imbere y’ico gishusho yari yashinze.
4 Uwushikiriza amatangazo aca arasemerera ati: «Yemwe bantu bo mu moko yose, mu mahanga yose n’indimi zitandukanye, ng’iri itegeko muhawe:
5 nimwumva ijwi ry’inzamba, umwironge, inanga, inanga y’inyabutatu, igicurarangisho c’imirya, umwironge w’isaho n’ubwoko bwose bw’ibicurarangisho, muce mupfukama maze musenge igishusho c’inzahabu umwami Nebukadinezari yashinze.
6 Umuntu wese ataza gupfukama ngo agisenge, ubwo nyene aca atererwa mw’ifuru yaka umuriro+.»
7 Nuko abantu bo mu moko yose, mu mahanga yose n’indimi zitandukanye bumvise ijwi ry’inzamba, umwironge, inanga, inanga y’inyabutatu, igicurarangisho c’imirya, umwironge w’isaho n’ubwoko bwose bw’ibicurarangisho, bose baca barapfukama maze basenga igishusho c’inzahabu umwami Nebukadinezari yari yashinze.
8 Muri uwo mwanya, bamwe mu Bakaludaya baciye begera umwami maze barega Abayuda.
9 Babwira umwami Nebukadinezari bati: «Ewe mwami, nuhangame ibihe vyose!
10 Ewe mwami, ntiwatanze itegeko ry’uko umuntu wese azokwumva ijwi ry’inzamba, umwironge, inanga, inanga y’inyabutatu, igicurarangisho c’imirya, umwironge w’isaho n’ubwoko bwose bw’ibicurarangisho, azoca apfukama maze agasenga ca gishusho c’inzahabu?
11 Ntiwavuze kandi ko umuntu wese atazopfukama ngo agisenge, azoca atererwa mw’ifuru yaka umuriro+?
12 Ariko Abayuda wagenye ngo batunganye imirimo y’intara ya Babiloni, ari bo Shadrake, Meshake na Abedinego+, ntibakwubaha mwami! Ntibakorera imana zawe, kandi banse gusenga ca gishusho c’inzahabu washinga.»
13 N’ishavu n’akantu, Nebukadinezari aca ategeka ko bazana Shadrake, Meshake na Abedinego. Baraheza bazana abo bagabo imbere yiwe.
14 Nebukadinezari aca ababwira ati: «Shadrake na Meshake na Abedinego, ni ivy’ukuri yuko mwanse gukorera imana zanje+ no gusenga igishusho c’inzahabu nashinze?
15 Ubu rero, nimba mwemeye yuko nimwumva ijwi ry’inzamba, umwironge, inanga, inanga y’inyabutatu, igicurarangisho c’imirya, umwironge w’isaho n’ubwoko bwose bw’ibicurarangisho, muca mupfukama maze mugasenga igishusho nakoze, bizoba ari vyiza. Ariko nimwanka kugisenga, ubwo nyene muca mutererwa mw’ifuru yaka umuriro. Mbega ni imana iyihe yoshobora kubakura mu kuboko kwanje+?»
16 Shadrake, Meshake na Abedinego baca bishura umwami bati: «Ewe Nebukadinezari, si ngombwa ngo twirirwe turavuga menshi kuri ivyo.
17 Nimba ari ukwo bitegerezwa kugenda, Imana yacu dukorera irashobora kuturokora muri iyo furu yaka umuriro no mu kuboko kwawe mwami+.
18 Ariko naho itodukiza, numenye mwami, yuko tudashobora gukorera imana zawe canke gusenga igishusho c’inzahabu washinze+.»
19 Nebukadinezari aca arashavura cane kubera Shadrake na Meshake na Abedinego, ku buryo mu maso hiwe hahinduka*. Aca ategeka ko bongereza umuriro muri iyo furu incuro indwi kuruta uko vyahora.
20 Vyongeye, ategeka abasoda bakomeye cane bo mu ngabo ziwe ngo babohe Shadrake na Meshake na Abedinego, maze babaterere muri iyo furu yaka umuriro.
21 Baca barababoha bacambaye imitamana yabo, impuzu zabo, inkofero zabo n’ibindi vyose bambaye, maze babaterera muri ya furu yaka umuriro.
22 Kubera yuko itegeko ry’umwami ryari rikaze, n’iyo furu ikaba yari ishushe birenze, abari bagiye guta mu muriro Shadrake na Meshake na Abedinego ni bo baciye bahitanwa n’imbeya z’umuriro.
23 Ariko Shadrake na Meshake na Abedinego, uko ari batatu, bakorokera muri iyo furu yaka umuriro baboshe.
24 Umwami Nebukadinezari aca atekerwa n’ubwoba, ubwo nyene aca arahaguruka, maze abwira abategetsi biwe bakomakomeye ati: «Mbega abantu batatu si bo twaboshe tukabaterera mu muriro?» Bamwishura bati: «Ego mwami.»
25 Yongerako ati: «Ariko mbona abagabo bane bariko baritemberera hagati mu muriro, kandi nta co wabagize. Uwugira kane asa n’umwana wa za mana.»
26 Nebukadinezari aca yegera umuryango w’iyo furu yaka umuriro, maze avuga ati: «Shadrake, Meshake na Abedinego, basavyi b’Imana Musumbavyose+, sohoka muze hano!» Shadrake na Meshake na Abedinego baca barasohoka, bava hagati mu muriro.
27 Ivyegera vy’umwami, ivyariho, ba buramatari n’abategetsi bakomakomeye b’umwami bari bakoraniye ng’aho+, na bo nyene bariboneye ko umuriro ata na kimwe wabagize+. Nta n’agashatsi ko ku mitwe yabo kari kahiye. Imitamana yabo nta co yari yabaye, kandi nta n’akamoto k’umwotsi wabumvako.
28 Nebukadinezari aca avuga ati: «Hashemezwe Imana ya Shadrake na Meshake na Abedinego+, yo yarungitse umumarayika wayo akarokora abasavyi bayo. Bayizigiye, banka kugamburuka itegeko ry’umwami, kandi bemeye gupfa* aho gukorera canke gusenga iyindi mana kiretse Imana yabo+.
29 Ubu rero, ntanze itegeko ry’uko umuntu wo mu bwoko ubwo ari bwo bwose, ihanga iryo ari ryo ryose canke ururimi urwo ari rwo rwose, azovuga nabi Imana ya Shadrake na Meshake na Abedinego azohimbagurwa, kandi inzu yiwe izohindurwa akazu ka surwumwe* k’abantu bose. Kuko ata yindi mana iriho ishobora gukiza nk’Imana yabo+.»
30 Umwami aca aduza igiti* Shadrake na Meshake na Abedinego mu ntara ya Babiloni+.
Utujambo tw'epfo
^ Ni nk’imetero 27. Raba Inyongera ya B14.
^ Ni nk’imetero 2,7. Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «ku buryo ahindura cane ukuntu abafata.»
^ Canke «guheba imibiri yabo.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ahantu barunda umwavu (amase).»
^ Canke «aca ateza imbere.»