Esiteri 9:1-32
9 Umusi ugira 13 w’ukwezi kwa 12 kwitwa Adari*+, ni wo musi ijambo ry’umwami n’itegeko ryiwe vyari gushirwa mu ngiro+. Uwo musi abansi b’Abayuda bari biteze kubanesha, mugabo vyarahindutse Abayuda baba ari bo batsinda ababanka+.
2 Abayuda baragiye hamwe mu bisagara babamwo mu ntara zose umwami Ahasuwerusi+ yatwara, kugira bivune abarondera kubagirira nabi. Nta muntu n’umwe yashoboye kubahangara kuko abantu bose bari basigaye babatinya+.
3 Nuko abatware bose bo mu ntara zitandukanye, ivyegera vy’umwami+, ba buramatari n’abakora ibikorwa vy’umwami, bashigikira Abayuda kuko batinya Morudekayi.
4 Morudekayi yari asigaye ari umuntu akomeye+ ku kirimba*. Yaguma aba rurangiranwa mu ntara zose kubera ko yagenda akomera cane.
5 Abayuda bicisha inkota abansi babo bose, barabica barabahonya. Babagiriye ivyo bashaka vyose+.
6 Ku kirimba* i Shushani*+, Abayuda bishe abagabo 500 barabahonya.
7 Bishe na Parishanidata, Dalufoni, Asupata,
8 Porata, Adaliya, Aridata,
9 Parumashita, Arisayi, Aridayi na Vayizata.
10 Abo bari abahungu cumi ba Hamani mwene Hamedata, wa mwansi w’Abayuda+. Mugabo bamaze kubica bose, nta na kimwe babasahuye+.
11 Kuri uwo musi umwami amenyeshwa igitigiri c’abishwe ku kirimba* i Shushani*.
12 Maze umwami abwira umwamikazi Esiteri ati: «Ku kirimba* i Shushani* Abayuda bishe abagabo 500 na ba bahungu cumi ba Hamani, barabahonya. Mu zindi ntara ntwara vyagenze gute+? Ubu na ho wipfuza iki? Vuga, uragihabwa. Hari ikindi ushaka gusaba? Kivuge ndakiguha.»
13 Esiteri yishura ati: «Nimba ubishimye mwami+, niwemerere Abayuda bari i Shushani* n’ejo nyene baze bisunge itegeko ry’uyu musi+, abahungu cumi ba Hamani na bo bamanikwe ku giti+.»
14 Umwami aca ashinga ko bikorwa gutyo nyene. I Shushani* harasohowe itegeko, ba bahungu cumi ba Hamani na bo baramanikwa.
15 Abayuda bari i Shushani* bongera kuja hamwe ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa Adari+, bica abagabo 300 i Shushani mugabo nta na kimwe babasahuye.
16 Abandi Bayuda bari mu ntara zose umwami atwara na bo nyene baragiye hamwe barirwanira+. Barikuyeko abansi babo+, bica 75.000 muri bo, mugabo nta na kimwe babasahuye.
17 Ivyo vyabaye ku musi ugira 13 w’ukwezi kwa Adari, maze ku musi ugira 14 bararuhuka, bawugira umusi w’inzimano no kunezerwa.
18 Abayuda bari i Shushani* bagiye hamwe ku musi ugira 13+ n’uwugira 14+, baruhuka ku musi ugira 15, baca bawugira umusi w’inzimano no kunezerwa.
19 Mugabo Abayuda bo mu bisagara vyo hagati mu gihugu mu ntara za kure, umusi ugira 14 w’ukwezi kwa Adari ni wo bagize umusi wo kunezerwa n’uw’inzimano, bawugira umusi mukuru+, umusi wo kugemuriranira ivyo kurya+.
20 Ivyo bintu vyabaye, Morudekayi+ yaravyanditse maze arungikira amakete Abayuda bose baba mu ntara zose umwami Ahasuwerusi atwara, zaba iza hafi canke iza kure.
21 Abategeka ko buri mwaka mu kwezi kwa Adari, bazokwama bahimbaza umusi ugira 14 n’uwugira 15,
22 kubera ko kuri iyo misi ari ho Abayuda baruhutse abansi babo, muri ukwo kwezi intuntu yabo igahinduka umunezero, bakava mu mubabaro+ bakaja mu musi mukuru. Bategerezwa kuyihimbaza nk’imisi y’inzimano no kunezerwa, ikaba imisi yo kugemuriranira ivyo kurya no guha ingabire abakene.
23 Abayuda bumvikana kubandanya bahimbaza uwo musi mukuru bari batanguye no gukurikiza ivyo Morudekayi yari yabandikiye.
24 Gutyo, bokwamye bibuka ko Hamani+ mwene Hamedata Umwagagi+, wa mwansi w’Abayuda bose, yari yateguye umugambi wo guhonya Abayuda+, akagira na Puri+, ni ukuvuga ubupfindo, kugira abadurumbanye yongere abahonye.
25 Mugabo aho Esiteri aziye imbere y’umwami, umwami yaciye asohora itegeko ryanditse+ ati: «Umugambi wiwe wo kugirira nabi Abayuda+ nugaruke ku gatwe kiwe.» Nuko we n’abahungu biwe babamanika ku giti+.
26 Ni co catumye iyo misi bayita Purimu, bafatiye kw’izina Puri*+. Ku bw’ivyo, bisunze ibintu vyose Morudekayi yari yanditse muri iryo kete, ivyo biboneye n’ivyabashikiye,
27 Abayuda baciye biyemeza ko buri mwaka, bo n’ababakomokako n’abo bose bazokwifatanya na bo+, batazokwigera bareka guhimbaza iyo misi ibiri kuri ayo matariki yashinzwe no gukurikiza ivyanditswe ku bijanye na yo.
28 Iyo misi yabwirizwa kwibukwa no guhimbazwa uko urunganwe* rwogiye rurakurikira urundi, igahimbazwa mu miryango yose, mu ntara zose no mu bisagara vyose. Abayuda ntibokwigeze bareka guhimbaza iyo misi ya Purimu, n’ababakomokako bokwamye bayihimbaza.
29 Nuko umwamikazi Esiteri na wa Muyuda Morudekayi bakoresha ububasha bwose bafise, bandika ikete rigira kabiri rijanye na Purimu kugira bavyemeze. Esiteri yari umukobwa wa Abihayili.
30 Maze Morudekayi arungikira ayo makete Abayuda bose baba muri za ntara 127+ Ahasuwerusi yatwara+, akaba yarimwo amajambo y’amahoro n’ay’ukuri.
31 Kwari ukugira ngo wa Muyuda Morudekayi yemeze ihimbazwa ry’iyo misi ya Purimu kuri ya matariki yashinzwe, nk’uko we n’umwamikazi Esiteri bari babibategetse+. Abayuda na bo nyene bari biyemeje* ko bo n’ababakomokako bazobikurikiza+, bagashirako n’ukwisonzesha+ be n’ugutakamba+.
32 Itegeko rya Esiteri ryaremeje ivyo bintu bijanye na Purimu+, riraheza ryandikwa mu gitabu.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya B15.
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’umwami.»
^ Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»
^ Canke «Suza.»
^ Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»
^ Canke «Suza.»
^ Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»
^ Canke «Suza.»
^ Canke «Suza.»
^ Canke «Suza.»
^ Canke «Suza.»
^ Canke «Suza.»
^ Izina «Puri» risobanura «ubupfindo.» Mu bwinshi ni «Purimu.» Purimu ryahavuye riba izina ry’umusi mukuru Abayuda bahimbaza mu kwezi kugira 12 ku kirangamisi cabo ceranda. Raba Inyongera ya B15.
^ Canke «iyaruka.»
^ Canke «bishingiye itegeko.»