Ezekiyeli 11:1-25

  • Abatware babi bacirwa urubanza (1-13)

    • Igisagara kigereranywa n’inkono (3-12)

  • Imana isezerana guhindura ibintu (14-21)

    • Imana itanga «impwemu nshasha» (19)

  • Ubuninahazwa bw’Imana buva kuri Yeruzalemu (22, 23)

  • Ezekiyeli asubira mu Bukaludaya mw’iyerekwa (24, 25)

11  Maze impwemu* iranterura, inzana kw’irembo ry’inzu ya Yehova ryo mu buseruko riraba mu buseruko+. Ku bwinjiriro bw’iryo rembo ndahabona abagabo 25, kandi muri bo harimwo Yazaniya mwene Azuri na Pelatiya mwene Benaya, abatware batwara abantu+.  Imana iraheza imbwira iti: «Mwana w’umuntu, aba ni ba bagabo bariko bategura umugambi mubi, kandi bagatanga impanuro mbi muri* iki gisagara.  Bavuga ngo: “Iki ni co gihe co kwubaka amazu+. Iki gisagara* ni inkono*+, natwe turi inyama.”  Vuga rero ubuhanuzi bw’ibizobashikira. Vuga ubuhanuzi, mwana w’umuntu+  Maze impwemu ya Yehova inzako+, ambwira ati: «Vuga uti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Yemwe Bisirayeli, ivyo mwavuze ni vyo kandi ndazi ivyo mwiyumvira*.  Mwatumye benshi bapfa muri iki gisagara, amabarabara yaco muyuzuzamwo ibiziga+.’”»  «Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ibiziga mwatereye irya n’ino mu gisagara ni vyo nyama, igisagara na co ni inkono+. Mugabo mwebwe muzokurwa muri co.”»  «Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Mwatinye inkota+, kandi inkota ni yo nzobazanako.  Nzobakura muri ico gisagara, ndabate mu maboko y’abanyamahanga, nshitse urubanza nabaciriye+. 10  Muzokwicwa n’inkota+. Ku mupaka wa Isirayeli ni ho nzobacira urubanza+, kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+. 11  Ico gisagara ntikizobabera inkono, kandi namwe ntimuzoba inyama muri co. Ku mupaka wa Isirayeli ni ho nzobacira urubanza, 12  kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova. Kuko mutubahirije amategeko yanje canke ngo mushitse ingingo nashinze+, ahubwo mwakurikije ingingo zashinzwe n’amahanga abakikuje+.”» 13  Nkimara kuvuga ubwo buhanuzi, Pelatiya mwene Benaya arapfa. Nca ngwa nubamye, nsemerera n’ijwi rirenga nti: «Yoo, Mukama Segaba Yehova! Mbega ugira uhonye Abisirayeli bose basigaye+ 14  Yehova yongera kumbwira ati: 15  «Mwana w’umuntu, benewanyu, bamwe bafise uburenganzira bwo gucungura hamwe n’Abisirayeli bose, babwiwe n’ababa i Yeruzalemu ngo: “Nimuje kure ya Yehova. Igihugu ni rwacu, twaragihawe ngo tucegukire.” 16  Vuga rero uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Naho nabarungitse kure mu mahanga, nkabasanzaza mu bihugu+, nzobabera ahantu heranda akanya gatoyi mu bihugu bagiyemwo+.’” 17  Vuga rero uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Nzobegeranya ndabakuye mu mahanga, ndabakoranye ndabakuye mu bihugu mwasanzarijwemwo, kandi nzobaha igihugu ca Isirayeli+. 18  Bazosubirayo, bakureyo ibintu vyaho vyose bisesemye n’ibintu vyose bishisha bihakorerwa+. 19  Nzokwegeranya umutima wabo*+, ndabashiremwo impwemu nshasha+. Nzokura mu mubiri wabo umutima w’ibuye+, ndabahe umutima w’inyama*+ 20  kugira ngo bakurikize ivyagezwe vyanje, bubahirize ingingo nashinze, bazigamburuke. Bazoheza babe abantu banje, nanje mbe Imana yabo.’” 21  “‘Nayo ab’umutima wiyemeje kuguma mu bintu vyabo bisesemye no mu ngeso zabo zishisha, nzozana ingaruka z’ingeso zabo ku gatwe kabo’, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”» 22  Ba bakerubi baduza rero amababa yabo. Ya mapine yari iruhande yabo+, kandi ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli bwari hejuru yabo+. 23  Nuko ubuninahazwa bwa Yehova+ buraduga buva mu gisagara, buhagarara hejuru y’umusozi uri mu buseruko bwaco+. 24  Impwemu* ica iranterura biciye ku vyo nariko nderekwa n’impwemu y’Imana, inzana mu Bukaludaya ku bajanywe mu bunyagano. Ivyo nariko nderekwa bica bimvako. 25  Nca ntangura kubwira abajanywe mu bunyagano ibintu vyose Yehova yari yanyeretse.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo iryo jambo rishobora gusobanura impwemu y’Imana canke umumarayika.
Canke «zo kugirira nabi.»
Ni ukuvuga igisagara ca Yeruzalemu aho Abayuda biyumvira ko bazokingirwa.
Canke «inkono y’umunwa munini.»
Canke «ibintu biza mu mutima wanyu.»
Ni ukuvuga umutima wemera kuyoborwa n’Imana.
Mu giheburayo havuga ngo «nzobaha umutima umwe.»
Mu giheburayo iryo jambo rishobora gusobanura impwemu y’Imana canke umumarayika.