Ezekiyeli 14:1-23

  • Abasenga ibigirwamana bacirwa urubanza (1-11)

  • Yeruzalemu ntizosimba urubanza yaciriwe (12-23)

    • Nowa, Daniyeli na Yobu ni abagororotsi (14, 20)

14  Nuko bamwe mu bashingantahe bo muri Isirayeli baraza bicara imbere yanje+.  Maze Yehova ambwira ati:  «Mwana w’umuntu, aba bantu biyemeje gukurikira ibigirwamana vyabo bisesemye*, kandi bashizeho igitsitaza gituma abantu bacumura. Nobareka bakampanuza+?  Nuvugane na bo rero, ubabwire uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Hagize Umwisirayeli yiyemeza gukurikira ibigirwamana vyiwe bisesemye, agashiraho igitsitaza gituma abantu bacumura, maze akaza guhanuza umuhanuzi, jewe Yehova nzomwishura nk’uko bibereye nisunze ibigirwamana vyiwe vyinshi bisesemye.  Nzobigira kugira ngo ntume Abisirayeli baranduka umutima*, kubera bose banyiyonkoyeko bagakurikira ibigirwamana vyabo bisesemye+.’”  Bwira rero Abisirayeli uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Nimugaruke, mureke gukurikira ibigirwamana vyanyu bisesemye, muhebe n’ingeso zanyu zose zishisha+.  Kuko Umwisirayeli wese canke umunyamahanga aba muri Isirayeli aramutse anyikuyeko, kandi akaba yiyemeje gukurikira ibigirwamana vyiwe bisesemye, agashiraho igitsitaza gituma abantu bacumura, hanyuma akaza guhanuza umuhanuzi wanje+, jewe Yehova ubwanje ni jewe nzomwishura.  Nzorwanya uwo muntu, ndamugire ikimenyetso co kuburira abandi n’iciro ry’umugani, nongere ndamurandure mu bantu banje+. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.’”  “Mugabo umuhanuzi niyahendwa akagira ico yishuye, ni jewe Yehova nzoba namuhenze+. Nzoca ndamvura ukuboko ndamurwanye, ndamuzimanganye mu bantu banje b’Abisirayeli. 10  Bazobwirizwa gushikirwa n’ingaruka z’ikosa ryabo. Ikosa ry’uwuhanuza rizoba nk’iry’umuhanuzi 11  kugira ngo Abisirayeli bareke kwangara ngo baje kure yanje, bareke no kwihumanisha ibicumuro vyabo vyose. Bazoheza babe abantu banje, nanje mbe Imana yabo+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.» 12  Yehova yongera kumbwira ati: 13  «Mwana w’umuntu, igihugu nicancumurako kigahemuka, nzoramvura ukuboko ndakirwanye, nzimanganye ibifungurwa* biri muri co+. Nzogiteza inzara+, ndandure muri co abantu n’ibitungwa+ 14  «Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Naho Nowa+, Daniyeli+ na Yobu+ boba bari muri co, abo bagabo batatu bokwikiza bo ubwabo gusa kubera ubugororotsi bwabo+.”» 15  «“Canke dufate ko ntumye ibikoko vyo mw’ishamba bikaze bica mu gihugu, bikamara abantu bakibamwo* kigasigara ari agahinga, ata n’umwe agicamwo kubera ivyo bikoko+. 16  Ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “naho abo bagabo batatu boba bari muri co, nta muhungu wabo canke umukobwa wabo bokiza. Bokwikiza bo ubwabo gusa, igihugu kigacika umusaka.”» 17  «“Canke dufate ko nteje inkota ico gihugu+, nkavuga nti: ‘Inkota nice mu gihugu’, maze nkarandura muri co abantu n’ibitungwa+. 18  Naho abo bagabo batatu boba bari muri co, ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “nta muhungu wabo canke umukobwa wabo bokiza. Bokwikiza bo ubwabo gusa.”» 19  «“Canke dufate ko ndungitse ikiza muri ico gihugu+, nkagisukako uburake bwanje amaraso agaseseka, kugira ngo ndandure muri co abantu n’ibitungwa. 20  Naho Nowa+, Daniyeli+ na Yobu+ boba bari muri co, ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “nta muhungu wabo canke umukobwa wabo bokiza. Bokwikiza bo ubwabo gusa kubera ubugororotsi bwabo+.”» 21  «Kuko ibi ari vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ukwo ni ko bizogenda ninarungika kuri Yeruzalemu ibihano vyanje bine*+ ari vyo vy’ibi: inkota, inzara, ibikoko vyo mw’ishamba bikaze n’ikiza+. Nzobirungika kugira ngo ndaharandure abantu n’ibitungwa+. 22  Mugabo bakeyi bazosigarayo bazorusimba baveyo+. Bazoba bagizwe n’abahungu n’abakobwa. Bazoza iyo muri, kandi nimwabona ingeso zabo n’ivyo bakora, nta gukeka ko muzokwumva muhojejwe ku bijanye n’ivyago nateje Yeruzalemu, ku bijanye n’ibintu vyose nahakoreye.”» 23  «“Muzokwumva muhojejwe nimwabona ingeso zabo n’ivyo bakora, kandi muzomenya yuko ivyo nabwirizwa kuhakorera nabikoze mfise imvo+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

Utujambo tw'epfo

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
Mu giheburayo havuga ngo «ncakire inzu ya Isirayeli mu mutima wabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «mvune inkoni z’imikate.» Zishobora kuba zari inkoni batungirako imikate mu kuyibika.
Canke «bikagihekura.»
Canke «imanza zanje zine z’ubugesera.»