Ezekiyeli 16:1-63

  • Urwo Imana ikunda Yeruzalemu (1-63)

    • Yatowe ari umwana bataye (1-7)

    • Imana yaramusharije, igirana na we isezerano ry’ukwabirana (8-14)

    • Yarahemutse (15-34)

    • Azohanwa kubera yarenze ibigo (35-43)

    • Agereranywa na Samariya be na Sodomu (44-58)

    • Imana yibuka isezerano ryayo (59-63)

16  Yehova yongera kumbwira ati:  «Mwana w’umuntu, menyesha Yeruzalemu ibintu bishisha ikora+.  Uvuge uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye Yeruzalemu: ‘Ukomoka mu gihugu c’Abanyakanani kandi ni yo wavukiye. So yari Umwamori+, nyoko na we Umuhetikazi+.  Ku bijanye n’ivuka ryawe, ku musi wavukiyeko, uruzogi rwawe ntirwaciwe, ntiwogejwe mu mazi ngo uhumanurwe, ntiwasizwe umunyu kandi ntiwatekewe mu mpuzu.  Nta n’umwe yakwumviye akagongwe ngo akugirire na kimwe muri ivyo. Nta n’umwe yakwumviye impuhwe. Ahubwo waterewe mu gahinga kuko wanswe ku musi wavuka.  Nariko ndarengana, ndakubona ukumbagara mu maraso yawe. Igihe wari uryamye aho mu maraso yawe nakubwiye nti: “Nubeho!” Ukwo ni ko nakubwiye uryamye aho mu maraso yawe nti: “Nubeho!”  Nakugize isinzi rinini cane nk’ibimera binaga mu gahinga. Warakuze, urakomera kandi wambara udusharizo twiza cane. Amabere yawe yarakuze n’umushatsi wawe urakura. Mugabo wari ukiri amenya, uri gusa.’”  “Ndiko ndarengana narakubonye, mbona ko ugeze mu bigero vyo gukunda. Naciye ndagusanzako impuzu* yanje+, mpfuka ubwambure bwawe, nca ndarahira, ngirana isezerano nawe maze uba uwanje”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.  “Vyongeye, narakwogeje n’amazi, ndakwuhagira ndagukurako amaraso hanyuma ngusiga amavuta+. 10  Ndaheza nkwambika impuzu ideshe, nguha n’ibirato* bikozwe mu rushato rwiza*, nkuzingirako impuzu yo mu gitambara ciza cane*, nkwambika n’impuzu zizimvye. 11  Nakwambitse udusharizo, ibikomo ku maboko, n’umugufu mw’izosi. 12  Nakwambitse n’ihereni ku zuru, amahereni ku matwi n’urugori rwiza ku mutwe. 13  Wagumye wisharizisha inzahabu n’ifeza, kandi impuzu wambara zari izo mu gitambara ciza cane, n’izizimvye n’izideshe. Ifu inoze, ubuki n’amavuta ni vyo warya, urahava uba mwiza cane+, uba uwubereye kuba umwamikazi*.”» 14  «“Waciye utangura kwamamara* mu mahanga+ kubera ubwiza bwawe, narirya butagira akanenge kubera nari nagushizeko ubwiza bwanje buhebuje+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.» 15  «“Mugabo waciye utangura kwizigira ubwiza bwawe+, ucika umumaraya kubera wari wamamaye+. Warirekura ukiha uwuhita wese mugakorana ubumaraya+, ukamuha ubwiza bwawe. 16  Wafashe zimwe mu mpuzu zawe z’amabara, uzikoresha mu gushariza ibibanza vyawe vyo gusengeramwo* wakoreramwo ubumaraya+. Ibintu nk’ivyo ntivyari bikwiye kuba canke ngo vyigere bikorwa. 17  Warafashe n’ibisharizo vyawe vyiza bikozwe mu nzahabu no mw’ifeza nari naguhaye, wihingurira ibishusho vy’abagabo, ukorana na vyo ubumaraya+. 18  Wafashe impuzu zawe zideshe urabipfuka*, ubishikanira amavuta yanje n’imibavu yanje+. 19  Umukate nari naguhaye ukozwe mw’ifu inoze, mu mavuta no mu buki nari naguhaye ngo urye, na wo nyene wawushikaniye ivyo bishusho ngo ube akamoto keza*+. Ivyo nyene ni vyo vyabaye”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.» 20  «“Wafashe abahungu bawe n’abakobwa bawe wamvyariye+, ubashikanira ibigirwamana ngo bibarotse+. Mbega ubumaraya ukora ntibwari bukwiye? 21  Warishe abana banje, urabaturira ubatangako ikimazi+. 22  Igihe waba uriko urakora ibintu vyawe vyose bishisha n’ubumaraya bwawe, ntiwibuka imisi yo mu buto bwawe igihe wari amenya, uri gusa ukumbagara mu maraso yawe. 23  Uragowe, ni ukuri uragowe kubera ibibi vyose wakoze+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 24  “Wiyubakiye ikintu kimeze nk’agasozi, witunganiriza ikibanza co gusengeramwo mu bibanza rusangi vyose. 25  Wubatse ibibanza vyawe vyo gusengeramwo mu bibanza biri ahabona cane ku mabarabara yose, utuma ubwiza bwawe buba ikintu gishisha mu kwiha* uwuhita wese+, ugwiza ubumaraya bwawe+. 26  Wakoranye ubumaraya n’Abanyamisiri+, ababanyi bawe barurumba inambu*, urambabaza mu gukora ubumaraya bwinshi cane. 27  Ubu rero ngira ndamvure ukuboko kwanje ndakurwanye, ngabanye ibifungurwa uronka+, ndeke abagore bakwanka bakugire uko bagomba+, ni ukuvuga abakobwa b’Abafilisitiya bumijwe n’ingeso zawe ziteye isoni+. 28  Kubera ko utashira ipfa, waciye ukorana ubumaraya n’Abashuri+. Mugabo umaze gukorana na bo ubumaraya, na ho nyene ntiwashize ipfa. 29  Waciye ugwiza ubumaraya bwawe wiha n’abo mu gihugu c’abadandaza*, wiha n’Abakaludaya+, mugabo na ho nyene ntiwashize ipfa. 30  Ewe kuntu umutima wawe wari uremvye* igihe wakora ivyo vyose, ukigenza nk’umumaraya ata co yibanga*+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 31  “Mugabo igihe wiyubakira ikintu kimeze nk’agasozi mu bibanza biri ahabona cane ku mabarabara yose, ukitunganiriza ikibanza co gusengeramwo mu bibanza rusangi vyose, wari utandukanye n’umumaraya kuko wanka ko baguhemba. 32  Uri umugore arenga ibigo ahitamwo ab’ahandi aho guhitamwo umugabo wiwe+. 33  Mu bisanzwe, abamaraya bose barahabwa ingabire+, mugabo wewe ni we uziha abakwipfuza cane bose+, kandi ubaha igiturire ngo baze bavuye irya n’ino kugira mukorane ubumaraya+. 34  Uratandukanye n’abandi bagore bakora ubumaraya. Nta n’umwe akora ubumaraya nk’ukwo kwawe. Ni wewe uhemba abantu, bobo ntibaguhemba. Ukora ibihushanye n’ivy’abandi.” 35  Niwumve rero ivyo Yehova avuze, wa mumaraya we+. 36  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Warerekanye inambu irenze urugero, ushira ahabona ubwambure bwawe igihe wariko ukorana ubumaraya n’abagukunda hamwe n’ibigirwamana vyawe vyose bishisha kandi bisesemye*+. Ivyo bigirwamana warahevye ubishikanira n’amaraso y’abana bawe+. 37  Ni co gituma ngira nkoranirize hamwe abakunzi bawe bose wahora uryohera, abo wakunda bose n’abo wanka bose. Nzobakoraniriza hamwe kugira bakurwanye bavuye irya n’ino, ntume babona ubwambure bwawe, bakubone uri gusa wese uko wakabaye+. 38  Nzoguhanisha ibihano bihabwa abagore barenga ibigo+ n’abagore basesa amaraso+, ntume amaraso yawe aseswa ndabigiranye uburake n’ishari+. 39  Nzotuma ugwa mu maboko yabo. Bazosambura ibintu wubatse bimeze nk’udusozi, basiturire hasi ibibanza vyawe vyo gusengeramwo+. Bazokwambura impuzu+, batware ibisharizo vyawe vyiza+, bagusige uri amenya, uri gusa. 40  Bazozana isinzi ry’abantu kugutera+. Bazogutera amabuye+, bakwicishe inkota zabo+. 41  Bazoturira inzu zawe+, bagushitseko urubanza, abagore benshi barorera. Nzotuma udasubira gukora ubumaraya+, kandi ntuzosubira guhemba abakunzi bawe. 42  Nzotuma uburake ndagufitiye buhwama+, ishavu ryanje rikuveko+. Nzoca nturura, simbe nkibabara.” 43  “Ko utibutse imisi yo mu buto bwawe+, ukantera ishavu mu gukora ivyo bintu vyose, nanje rero ngira nzane ku gatwe kawe ingaruka z’ingeso zawe”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Ntuzoba ugishishikara ubushirasoni bwawe n’ibintu vyose bishisha ukora. 44  Raba! Abaca imigani bose bazogucako uyu mugani ngo: ‘Umukobwa ni nyina ku gasaka+!’ 45  Uri umukobwa wa nyoko wawe, umwe yagaye umugabo wiwe n’abana biwe. Uri mwenewabo n’abakobwa muvukana bagaye abagabo babo n’abana babo. Nyoko wanyu yari Umuhetikazi, so na we akaba Umwamori+.”» 46  «“Mukurwawe ni Samariya+, akaba aba mu buraruko bwawe* we n’abakobwa biwe*+. Mutoyi wawe na we ni Sodomu+, akaba aba mu bumanuko bwawe* we n’abakobwa biwe+. 47  Wagendeye mu ngeso zabo, ukora ibintu bishisha nk’ivyo bakora, ariko ntiwagarukiye aho. Mu kanya gato, wari umaze kwononekara mu ngeso zawe zose kubaruta+. 48  Ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “mwenewanyu Sodomu hamwe n’abakobwa biwe ntibakoze nk’ivyo wewe n’abakobwa bawe mwakoze. 49  Raba! Ikosa rya mwenewanyu Sodomu ryari iri: we n’abakobwa biwe+ barishima+ kandi bari bafise ibifungurwa vyinshi+, babayeho ata co binona+. Mugabo ntibafashije umurushwa n’umworo+. 50  Bagumye bibona+, babandanya gukorera imbere yanje ibintu bishisha+, nanje nca mbona ko bikenewe yuko ndabakuraho+. 51  Na Samariya+ ntiyakoze n’igice c’ibicumuro wakoze. Wagumye ukora ibintu bishisha vyinshi kubarusha ku buryo benewanyu babonetse ko bagororotse kubera ibintu vyose bishisha ukora+. 52  Utegerezwa rero guteterwa kuko washigikiye* ingeso za benewanyu. Baragororotse kukurusha kubera ko wacumuye mu gukora ibishisha kuruta ivyo bakoze. Numaramare rero uteterwe, kuko watumye benewanyu baboneka ko bagororotse.” 53  “Nzokoranya abantu babo bagizwe imbohe, ni ukuvuga abagizwe imbohe ba Sodomu n’abakobwa biwe, n’abagizwe imbohe ba Samariya n’abakobwa biwe. Cokimwe na bo, n’abantu bawe bagizwe imbohe nzobakoranya+ 54  kugira ngo uteterwe. Uzokwumva uteterewe kubera ivyo wakoze vyose, ugatuma bumva bahojejwe. 55  Mwenewanyu Sodomu n’abakobwa biwe bazosubira uko bahora, na mwenewanyu Samariya n’abakobwa biwe basubire uko bahora. Nawe n’abakobwa bawe muzosubira uko mwahora+. 56  Igihe wari ucishima, mwenewanyu Sodomu wabona ko atabereye no gucishwa mu kanwa. 57  Hari imbere y’uko ububisha bwawe bushirwa ahabona+. Ubu abakobwa ba Siriya n’ababanyi baho baragucokora. N’abakobwa b’Abafilisitiya+ bagukikuje barakugaya. 58  Uzoshikirwa n’ingaruka z’ubushirasoni bwawe n’ibintu bishisha ukora”, ni ko Yehova avuze.» 59  «Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ngomba ndagukorere ibihwanye n’ivyo wakoze+, kuko wasuzuguye indahiro, urenga kw’isezerano ryanje+. 60  Ariko jewe nzokwibuka isezerano nagiranye nawe mu misi yo mu buto bwawe, ngirane nawe isezerano ryamaho+. 61  Uzokwibuka ingeso zawe uteterwe+ niwākira benewanyu, abakuruta n’abo uruta. Nzobaguha babe abakobwa bawe, ariko bitavuye kw’isezerano nagiranye nawe.” 62  “Jewe ubwanje nzogirana isezerano nawe, kandi uzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova. 63  Uzoheza wibuke, wumve umaramaye cane ku buryo udakurako n’umunwa kubera uguteterwa+, ninakubabarira* naho wakoze ivyo vyose+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

Utujambo tw'epfo

Canke «igice c’epfo c’impuzu.»
Canke «isandari.»
Canke «rw’ibikoko vyitwa tahashi.» Ni ibikoko biba mu mazi. Mu gifaransa bavyita phoques.
Ico gitambara mu gifaransa citwa lin. Raba Insiguro y’amajambo (Ilino).
Canke «uwubereye ikibanza c’ubwami.»
Canke «izina ryawe ryaciye ritangura gukwiragira.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza vyawe bitaramutse.»
Ni ukuvuga ivyo bigirwamana vy’abagabo.
Canke «gatururuza.» Mu giheburayo havuga ngo «karuhura.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu gutabururira amaguru yawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «b’umubiri munini.»
Mu giheburayo havuga ngo «ca Kanani.»
Canke «wagoyagoya.» Hashobora kandi kuvugwa ngo «ewe kuntu nuzuye uburake kubera wewe.»
Canke «ashira isoni.»
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
Mu giheburayo havuga ngo «iburyo bwawe.»
Bashobora kuba bagereranya udusagara tuhegukira.
Mu giheburayo havuga ngo «ibubamfu bwawe.»
Canke «waburaniye.»
Canke «ninagutangira impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).