Ezekiyeli 19:1-14
-
Akaririmbo k’intimba ku bakuru bo muri Isirayeli (1-14)
19 «Ririmba akaririmbo k’intimba ku vyerekeye abakuru bo muri Isirayeli,
2 uvuge uti:“Nyoko wawe yari ameze gute? Yari ameze nk’intambwe y’ingore mu ntambwe.
Yiryamira hagati mu ntambwe z’imikangara zikomeye*, akarera ivyana vyiwe.
3 Yarareze kimwe mu vyana vyiwe kiba intambwe y’umukangara ikomeye+.
Carize gutabagura ico cacakiye,kirya n’abantu.
4 Amahanga yarumvise ivyaco maze agifatira mu cobo cayo,akijana mu gihugu ca Misiri akoresheje ingobe*+.
5 Nyina yararindiriye ko kigaruka arahebura.
Maze atora ikindi cana ciwe, akigira intambwe y’umukangara ikomeye.
6 Na co nyene caragendagenze hagati mu ntambwe, kiba intambwe y’umukangara ikomeye.
Carize gutabagura ico cacakiye, kirya n’abantu+.
7 Caranyuragiye mu minara yabo ikomeye, gitikiza ibisagara vyabo,ku buryo urwamo rw’ukuroha kwaco+ rusamirana mu gihugu cari gisigaye ari umusaka.
8 Amahanga yo mu ntara zo mu micungararo yaraje kugitererako urusenga rwayomaze gifatirwa mu cobo cayo.
9 Bagishira mu kazu bakoresheje ingobe, bakijana ku mwami wa Babiloni.
Bacugaranirayo kugira ngo urwamo rwaco ntirwongere kwumvikana ku misozi yo muri Isirayeli.
10 Nyoko wawe yari nk’umuzabibu*+ utewe iruhande y’amazi.
Amazi menshi yatumye uwo muzabibu wama ivyamwa, wuzura n’amashami.
11 Waragize amashami* akomeye yovamwo udukoni tw’abatware.
Warakuze uba muremure gusumba ibindi biti,uribonekeza kubera uburebure bwawo no kubera amababi yawo menshi.
12 Mugabo uwo muzabibu waranduranywe uburake+, utererwa hasi,maze umuyaga wo mu buseruko wumisha ivyamwa vyawo.
Amashami yawo akomeye yarahanyuwe, aruma+, umuriro urayaturira+.
13 Ubu utewe mu gahinga,mu gihugu kitagira amazi kandi kigadutse+.
14 Umuriro wavuye ku mashami* yawo, uturira udushami twawo n’ivyamwa vyawo.Nta shami rikomeye ryasigaye canke agakoni k’umutware+.
Ako ni akaririmbo k’intimba, kandi bazogakoresha mu gucura intimba.”»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mu ntambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»
^ Ingobe ni ivyuma vyigonze nk’igera.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «nk’umuzabibu mu murima wawe w’imizabibu.» Mu giheburayo havuga ngo «umuzabibu mu maraso yawe.»
^ Canke «inkoni.»
^ Canke «ku nkoni.»