Ezekiyeli 21:1-32

  • Inkota y’Imana isokorwa ngo ishitse urubanza (1-17)

  • Umwami wa Babiloni azotera Yeruzalemu (18-24)

  • Umukuru wa Isirayeli w’umubisha azokurwaho (25-27)

    • «Kura urugori» (26)

    • «Gushika haje uwubifitiye uburenganzira» (27)

  • Inkota izotera Abamoni (28-32)

21  Yehova yongera kumbwira ati:  «Mwana w’umuntu, hindukira urabe i Yeruzalemu, uvuge amajambo yagiriza ibibanza vyeranda, uvuge ubuhanuzi bw’ibizoshikira igihugu ca Isirayeli.  Bwira igihugu ca Isirayeli uti: “Yehova avuze ati: ‘Ehe ngira nkurwanye, kandi nzosokora inkota yanje mu rwubati*+, ndandure iwawe umugororotsi n’umubisha.  Kubera ko nzorandura iwawe umugororotsi n’umubisha, inkota yanje izosokorwa mu rwubati kugira yice abantu bose*, kuva mu bumanuko gushika mu buraruko.  Abantu bose bazomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova nasokoye inkota yanje mu rwubati. Ntizosubirayo+.’”  Nayo wewe ga mwana w’umuntu, nunihagire ujugumira*, emwe unihagire n’intuntu nyinshi imbere yabo+.  Nibakubaza ngo: “Unihishwa n’iki?”, ubabwire uti: “Nihishwa n’inkuru y’ibigira bibe.” Bizoza ata kabuza kandi imitima yose izoshongeshwa n’ubwoba, amaboko yose aregere, abantu bose bajonjogore, n’amavi yose atembe amazi*+. “Raba! Ivyo bintu bizoza ata kabuza, bishike”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»  Yehova yongera kumbwira ati:  «Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi uti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Inkota! Inkota+ irakarihijwe kandi irasenywe. 10  Yakarihijwe kugira itikize inganda bimwe bikomeye, irasenwa ngo yakake nk’imiravyo.’”» «Ntidukwiye none kunezerwa?» «“Mbega izokwanka* agakoni k’ubwami k’umwana wanje+, nk’uko yanka ibiti vyose? 11  Nayitanze ngo isenwe yongere ikoreshwe. Iyo nkota yarakarihijwe irasenwa kugira ngo ihabwe uwujejwe kwica+. 12  Semerera uboroge+ mwana w’umuntu, kuko iyo nkota ije kwica abantu banje. Ije kwica abakuru bo muri Isirayeli bose+. Iyo nkota izobica, yice n’abantu banje. Niwikubite rero kw’itako kubera intuntu. 13  Kuko hagizwe isuzuma+. None bizogenda gute iyo nkota niyanka agakoni k’ubwami? Ntikazobandanya kubaho+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 14  Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi, ukubite amashi ku yandi, usubiremwo incuro zitatu ngo “Inkota!” Bakikujwe n’inkota y’abishwe, inkota yo gutikiza inganda bimwe bikomeye+. 15  Imitima yabo izoshongeshwa n’ubwoba+ kandi benshi bazogwa ku marembo y’ibisagara vyabo. Nzotuma inkota itikiza inganda. Emwe, yakaka nk’imiravyo kandi yasenywe kugira ngo itikize inganda! 16  Wa nkota we, tema iburyo! Kubita ibubamfu! Ja iyo ubugi bwawe butumbereye hose! 17  Nanje nzokubita amashi ku yandi, ntururuze uburake bwanje+. Jewe Yehova, ndavuze.» 18  Yehova yongera kumbwira ati: 19  «Nayo wewe ga mwana w’umuntu, tegura inzira zibiri kugira ngo inkota y’umwami wa Babiloni ize. Zompi zikwiye kuva mu gihugu kimwe. Aho ibarabara rishamikira rija kuri vya bisagara bibiri hakwiye gushirwa icapa*. 20  Ukwiye gutegura inzira kugira ngo inkota ize gutera i Raba+ h’Abamoni, n’iyindi nzira yo gutera i Yeruzalemu, igisagara gikingijwe ibihome+ co mu Buyuda. 21  Kuko umwami wa Babiloni ahagarara ku masanganzira, aho rya barabara rishamika rikavamwo abiri, kugira ngo aragure. Arazungagiza imyampi, akitura ibigirwamana vyiwe*, agasuzuma igitigu. 22  Ibintu akoresha mu kuragura afise mu kuryo kwiwe vyerekana Yeruzalemu, kugira ngo hashirweho ibigiga vyo kuhasenyura, hatangwe itegeko ryo gutikiza inganda, havuzwe akaruru k’intambara, hashirweho ibigiga vyo gusenyura amarembo, harundwe ibintu vyo kwuririrako ngo bahatere, hubakwe n’uruzitiro rwo kuhatera+. 23  Abari barabarahiye* bazobona umengo ni indagu y’ububeshi+. Mugabo aribuka ikosa ryabo kandi azobafata+. 24  Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Mwatumye ivyaha vyanyu vyibukwa kubera ko mwashize ahabona amakosa yanyu, mutuma ibicumuro vyanyu bibonekera mu vyo mukora vyose. Ko mwibutswe rero, muzotwarwa ku nguvu*.” 25  Nayo wewe ga mukuru wa Isirayeli w’umubisha+, wewe wakomerekejwe bimwe vyo gupfa, umusi wawe washitse, umusi w’igihano cawe ca nyuma. 26  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ambura igitambara bazingira mu mutwe, ukure urugori+. Ntibizoguma kwa kundi+. Shira hejuru uwuri hasi+, ushire hasi uwuri hejuru+. 27  Nzorugira umusaka, umusaka, umusaka. Nta we ruzokwegukira gushika haje uwubifitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko+, kandi nzorumuha+.” 28  Nawe ga mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze ku bijanye n’Abamoni n’ibitutsi vyabo.” Uvuge uti: “Inkota! Inkota yasokorewe gutikiza inganda. Yasenewe gutikiza no kwakaka nk’imiravyo. 29  Naho abantu beretswe ibinyoma ku bikwerekeye*, bakakuragurira ivy’ububeshi, ibiziga vy’abantu bawe bizorundwa ku bishwe*, abantu b’ababisha. Umusi wabo washitse, igihe c’uko bahabwa igihano cabo ca nyuma. 30  Nusubize inkota mu rwubati. Nzogucira urubanza mu kibanza waremewemwo, mu gihugu ukomokamwo. 31  Nzogusukako ishavu ryanje. Nzoguhuhirako umuriro w’uburake bwanje, ndagute mu maboko y’abantu b’inkazi, abahinga mu guhonya+. 32  Uzosha nka kurya kw’inkwi+. Amaraso yawe azoseswa mu gihugu kandi ntuzosubira kwibukwa, kuko jewe Yehova mvuze.”»

Utujambo tw'epfo

Urwubati ni ikintu barokezamwo inkota mu kuyibika.
Canke «igifise umubiri cose.»
Mu giheburayo havuga ngo «amafyinga yawe ajugumira.»
Ni ukuvuga ko bazokwigirako umwanda muto kubera ubwoba.
Ni ukuvuga inkota ya Yehova.
Mu giheburayo havuga ngo «ikiganza.»
Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
Abarahiye ni ababa i Yeruzalemu. Biboneka ko barahiye Abanyababiloni.
Mu giheburayo havuga ngo «muzofatishwa ukuboko.»
Biboneka ko hariko habwirwa igisagara ca Raba c’Abamoni.
Mu giheburayo havuga ngo «ku mazosi y’abishwe.»