Ezekiyeli 24:1-27

  • Yeruzalemu imeze nk’inkono y’ingese (1-14)

  • Urupfu rwa muka Ezekiyeli ruba ikimenyetso (15-27)

24  Mu mwaka ugira icenda, mu kwezi kugira cumi, ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi, Yehova yongera kumbwira ati:  «Mwana w’umuntu, andika iyi tariki*, itariki y’uyu musi. Umwami wa Babiloni yatanguye gutera Yeruzalemu uyu musi nyene+.  Cira umugani* iri hanga ry’abagarariji, uvuge ku biberekeye uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Shira ya nkono* ku ziko. Yishireko, uyisukemwo n’amazi+.   Yishiremwo ibipande vy’inyama+, ibipande vyose vyiza,itako n’urutugu. Yuzuze amagufa mezameza.   Tora intama nziza kuruta izindi zo mu busho+, kandi irya n’ino munsi ya nya nkono urundeyo ingegene z’inkwi. Togotesha ivyo bipande, uteke n’ayo magufa ari muri iyo nkono.’”  Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Kiragowe ca gisagara gisesa amaraso+, ya nkono yaguye ingese, ingese zayo zikaba zitayikuweko! Kurayo kimwekimwe mu bipande biriyo+, utarobanuye*.   Kuko amaraso casheshe ari muri co+. Cayasutse ku rutare rugaragara. Nticayasutse hasi ngo arenzweko ivu+.   Kugira ngo mvyure uburake bwo kucihora,amaraso casheshe nayashize ku rutare rukayangana kandi rugaragara,ngo ntapfukwe+.”  Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Kiragowe ca gisagara gisesa amaraso+! Nzorunda ikirundo kinini c’inkwi. 10  Runda ingegene z’inkwi, ucane umuriro.Togotesha inyama zishe cane. Suka umufa, amagufa uyareke azigire. 11  Tereka iyo nkono igaragara ku muriro* ishuhekugira ngo umujumpu wayo ushuhe utukurire. Ubuhumane bwayo buzoyagira muri yo+, n’ingese zayo zitokombere. 12  Biraca intege kandi bikaruhisha,kuko ingese nyinshi ifise zitavako+. Yiterere mu muriro n’ingese zayo!” 13  “Wahumanye kubera ubushirasoni bwawe+. Nta ko ntagize ngo ndaguhumanure, mugabo vyaranse ko uhumanuka. Ntuzogenda uhumanutse gushika uburake ndagufitiye buhwamye+. 14  Jewe Yehova ndavuze. Ivyo bizoba. Nzogira ico nkoze ata kugonanwa, ata kinya, ata kwicuza+. Uzocirwa urubanza ruhwanye n’ingeso zawe be n’ivyo ukora”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.» 15  Yehova yongera kumbwira ati: 16  «Mwana w’umuntu, ngira nkwake giturumbuka umwe ukunda cane+. Ntuze ugandare* canke ngo urire, canke ngo ukorore amosozi. 17  Uze unihe udakurako umunwa, kandi ntuze ugire imigenzo yo kugandarira abapfuye+. Uze upfunge igitambara bazingira mu mutwe+ wambare n’ibirato*+. Ntuze upfuke ubwanwa bwo haruguru+, kandi ntuze urye ivyo bakuzaniye*+ 18  Nuko mu gitondo ndabibwira abantu maze ku mugoroba umugore wanje arapfa. Bukeye mu gitondo nkora ivyo nari nategetswe. 19  Abantu baguma bambaza bati: «Mbega ivyo bintu uriko urakora ntiwotubwira ingene bituraba?» 20  Nanje ndabishura nti: «Yehova yambwiye ati: 21  “Bwira Abisirayeli uti: ‘Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ngira mpumanye ahantu hanje heranda+ mwishimira cane, ahantu mukunda cane kandi umutima wanyu wipfuza*. Abahungu banyu n’abakobwa banyu mwasize inyuma bazokwicishwa inkota+. 22  Ico gihe namwe muzobwirizwa kugira nk’uko nagize. Ntimuzopfuka ubwanwa bwo haruguru, kandi ntimuzorya ivyo babazaniye+. 23  Muzopfunga ibitambara vyanyu mu mutwe, mwambare n’ibirato. Ntimuzogandara canke ngo murire, ahubwo muzoborera mu makosa yanyu+, murabane munihe. 24  Ezekiyeli yababereye ikimenyetso+. Muzokora nk’ivyo yakoze. Nivyashika, muzomenya vy’ukuri yuko ndi Umukama Segaba Yehova.”’”» 25  «Mwana w’umuntu, umusi nzobaka ikibanza cabo gikomeye, ca kibanza ciza kibanezera, ikintu bakunda cane kandi umutima wabo wipfuza, nkabaka n’abahungu babo n’abakobwa babo+, 26  uzobimenyeshwa n’uwacitse kw’icumu+. 27  Kuri uwo musi, uzoteranura akanwa kawe uvugane n’uwo yacitse kw’icumu. Ntuzoba ukiri nyamuragi+. Uzobabera ikimenyetso, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «izina ry’uyu musi.»
Canke «bwira inkuru.»
Canke «ya nkono y’umunwa munini.»
Canke «utabipfindiyeko ubupfindo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku makara.»
Canke «ntuze wikubite ku gikiriza.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate w’abantu.»
Canke «isandari.»
Canke «ufitiye impuhwe.»