Ezekiyeli 25:1-17

  • Ibizoshikira Abamoni (1-7)

  • Ibizoshikira Mowabu (8-11)

  • Ibizoshikira Edomu (12-14)

  • Ibizoshikira Ubufilisitiya (15-17)

25  Yehova yongera kumbwira ati:  «Mwana w’umuntu, niwerekeze amaso ku Bamoni+, uvuge ubuhanuzi bw’ibizobashikira+.  Ku bijanye n’Abamoni, vuga uti: “Nimwumve ijambo ry’Umukama Segaba Yehova. Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ko mwavuze ngo “Awa!” ku bijanye n’ahantu hanje heranda igihe hahumanywa, no ku bijanye n’igihugu ca Isirayeli igihe catikizwa, no ku bijanye n’abo mu Buyuda igihe bajanwa mu bunyagano,  ngira rero ntume abantu bo mu buseruko babigarurira. Bazoshira amakambi* yabo iwanyu, bashinge amahema muri mwebwe. Bazorya ivyamwa vyanyu, banywe n’amata yanyu.  Igisagara ca Raba+ nzokigira aho baragira ingamiya, igihugu c’Abamoni ndakigire ahantu amasho aruhukira. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.’”»  «Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ko mwakubise amashi ku yandi+, mukadida ibirenge, mukanezerwa kubera ivyashikiye igihugu ca Isirayeli mufise akagaye kenshi+,  nzoramvura rero ukuboko ndabahane, ntume amahanga abasahura. Nzobarandura mu yandi mahanga, ndabahonye muve mu bindi bihugu+. Nzobazimanganya, kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ko Mowabu+ na Seyiri+ bavuze ngo: ‘Erega Ubuyuda bumeze nk’ayandi mahanga yose’,  ngira ntume vyoroha gutera uruhande* rwa Mowabu ruri hafi y’ibisagara vyo ku mupaka waho, n’ibisagara vyizavyiza* vy’ico gihugu ari vyo Beti-Yeshimoti, Bayali-Meyoni, gushika n’i Kiriyatayimu+. 10  Nzotuma hegukira abantu bo mu buseruko nka kurya nzobigira ku Bamoni+, ku buryo Abamoni batazosubira kwibukwa mu mahanga+. 11  Nzoshitsa urubanza naciriye Mowabu+, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.” 12  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Edomu yarihoye abo mu Buyuda, bituma yagirwa n’ikosa rikomeye+. 13  Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Nanje nzoramvura ukuboko mpane Edomu, ndaharandure abantu n’ibitungwa, ndahatikize+. Kuva i Temani gushika i Dedani, abantu bazokwicishwa inkota+. 14  “Nzokwihora Edomu biciye ku bantu banje b’Abisirayeli+. Bazozana kuri Edomu ishavu ryanje n’uburake bwanje, kugira Abanyedomu bibonere ingene nihora+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.’” 15  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Kubera urwanko rudahera rw’Abafilisitiya, bagize umutima mubi* barondera kwihora no guhonya+. 16  Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Ngira ndamvure ukuboko mpane Abafilisitiya+, ndandure Abakereti+, mponye n’ababa ku nkengera y’ikiyaga basigaye+. 17  Nzobihora bimwe bikomeye ndabahane naratse, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova ninabihora.’”»

Utujambo tw'epfo

Canke «amakambi azitijwe impome.»
Canke «umumanuko.»
Canke «n’ikirezi.»
Canke «akagaye mu mutima.»