Ezekiyeli 28:1-26

  • Ibizoshikira umwami wa Tiro (1-10)

    • «Ndi imana» (2, 9)

  • Akaririmbo k’intimba ku mwami wa Tiro (11-19)

    • «Wari muri Edeni» (13)

    • «Umukerubi yarobanuwe ngo akingire» (14)

    • «Watanguye gukora ibitagororotse» (15)

  • Ibizoshikira Sidoni (20-24)

  • Abisirayeli bazogarukanwa (25, 26)

28  Yehova yongera kumbwira ati:  «Mwana w’umuntu, bwira indongozi ya Tiro uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Kubera ko umutima wawe usigaye wibona+, uguma uvuga ngo: “Ndi imana. Nicaye ku ntebe y’imana hagati mu kiyaga+.” Mugabo uri umuntu buntu, nturi imana,naho mu mutima wawe wiyumvira ko uri imana.   Aho rero ngo urusha Daniyeli+ ubukerebutsi, ukibaza ko ata kinyegezwa kibaho kuri wewe!   Biciye ku bukerebutsi bwawe no ku gutahura kwawe wabaye umutunzi,kandi uguma wegeranya inzahabu n’ifeza mu bigega vyawe+.   Kubera ko ukerebutse mu vy’urudandaza+,waratunze cane maze umutima wawe ugira ubwibone kubera ubutunzi ufise.’”  “Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Kubera ko wiyumvira ko uri imana mu mutima wawe,   ngira ndagushuhurireko abanyamahanga bo mw’ihanga rikaze kuruta ayandi+.Bazosokora inkota zabo batikize ibintu vyose vyiza waronse biciye ku bukerebutsi bwawe,bahumanye ubwiza bwawe bw’agatangaza+.   Bazokumanukana mu cobo*,kandi uzopfa urupfu rubi, uri iyo kure hagati mu kiyaga+.   Woba uzoba ukivuga ko uri imana, ubwira uwukwica? Imbere y’abaguhumanya, uzoba uri umuntu buntu, ntuzoba uri imana.’” 10  “Abanyamahanga bazokwica urupfu nk’urw’abatagenyerewe*,kuko ari jewe ndabivuze”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.» 11  Yehova yongera kumbwira ati: 12  «Mwana w’umuntu, ririmba akaririmbo k’intimba ku bijanye n’umwami wa Tiro, umubwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Wari akarorero mu bijanye no kutagira akanenge*,ufise ubukerebutsi bwinshi+ n’ubwiza butagira akanenge+. 13  Wari muri Edeni, rya tongo ry’Imana. Wari wuzuyeko amabuye y’agaciro yose:uri ayitwa rubi, topazi, yasipi, kirizolito, onigisi, yade, safiro, tirikwaze+ na emerode.Ayo mabuye yose yari ateretse mu tuntu tw’inzahabu. Vyateguwe ku musi waremeweko. 14  Nakugize umukerubi yarobanuwe* ngo akingire. Wari ku musozi mweranda w’Imana+, kandi wagendagenda hagati y’amabuye yaka umuriro. 15  Wagumye uri intungane kuva umusi waremwagushika utanguye gukora ibitagororotse+. 16  Kubera ko wakora cane urudandaza+,iwawe haragwiriye ubukozi bw’ikibi, utangura gucumura+. Ewe mukerubi ukingira, nzokwirukana rero ku musozi w’Imana nk’umuntu ahumanye, ndakurandure+,uve hagati y’amabuye yaka umuriro. 17  Ubwiza bwawe bwatumye ugira ubwibone mu mutima+. Warononye ubukerebutsi bwawe kubera ubwiza bwawe bw’agatangaza+. Nzoguterera hasi+, ndakugire akabarore imbere y’abami. 18  Kubera amakosa yawe menshi n’urudandaza rwawe rurimwo ububeshi, warahumanije ibibanza vyawe vyeranda. Nzotuma umuriro waduka hagati muri wewe, ugufyete+. Nzoguhindura iminyota kw’isi, mu maso y’abakwitegereza bose. 19  Abari bakuzi bose mu mahanga bazokuraba bumiwe+. Iherezo ryawe rizoza bukwi na bukwi, kandi rizoba riteye ubwoba.Ntuzopfa wongeye kubaho+.’”» 20  Yehova yongera kumbwira ati: 21  «Mwana w’umuntu, hindukiza amaso urabe i Sidoni+, uvuge ubuhanuzi bw’ibizohashikira. 22  Uvuge uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ngira nkurwanye, ewe Sidoni, ninahazwe hagati muri wewe.Abantu bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova ninashitsa urubanza namuciriye, nkerekana ko ndi mweranda biciye kuri we. 23  Nzomurungikamwo ikiza, amaraso aseseke mu mabarabara yiwe. Inkota niyamutera impande zose, abantu bazopfa, bagwe hagati muri we.Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+. 24  Ico gihe Abisirayeli ntibazokwongera gukikuzwa n’ibihandambwa bicumita canke amahwa ababaza+, ba bandi babagaya. Kandi abantu bazomenya vy’ukuri yuko ndi Umukama Segaba Yehova.’” 25  “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ninasubira gukoraniriza hamwe Abisirayeli ndabakuye mu mahanga basanzarijwemwo+, nzokwerekana ko ndi mweranda mu maso y’amahanga biciye kuri bo+. Bazokwibera mu gihugu cabo+ nahaye umusavyi wanje Yakobo+. 26  Bazokibamwo mu mutekano+, bubake amazu, batere imirima y’imizabibu+. Bazokwibera mu mutekano ninashitsa urubanza naciriye ababakikuje bose babagaya+. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova Imana yabo.’”»

Utujambo tw'epfo

Canke «mu mva.»
Kugenyera hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
Mu giheburayo havuga ngo «ikidodo cerekana icitegererezo ni we wagishirako.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).