Ezekiyeli 31:1-18
-
Ugutemba kwa Misiri, rya sederi rirerire (1-18)
31 Mu mwaka ugira 11, mu kwezi kugira gatatu, ku musi wa mbere w’ukwo kwezi, Yehova yongera kumbwira ati:
2 «Mwana w’umuntu, bwira Farawo umwami wa Misiri n’amasinzi yiwe+ uti:“Ni nde ahambaye nkawe?
3 Harabayeho Umwashuri, isederi i Libani.Ryari rifise amashami meza nk’igisaka gitanga igitutu, rikaba rirerire mu gihagararo.Ubushorishori bwaryo bwagera mu bicu.
4 Amazi yatumye rikura, amasoko y’amazi agera epfo atuma riba rirerire.
Irya n’ino y’aho ryari ritewe hari imigezi y’amazi.Imigende yayo yavomera ibiti vyose vyo mu gahinga.
5 Ni co catumye riba rirerire kuruta ibindi biti vyose vyo mu gahinga.
Amashami yaryo yaragwiriye, aba maremarekubera amazi menshi yo mu migezi yaryo.
6 Inyoni zose zo mu kirere zarika ku mashami yaryo,ibikoko vyose vyo mw’ishamba bikavyarira munsi y’amashami yaryo,amahanga yose arimwo abantu benshi na yo akibera mu gitutu caryo.
7 Rirahava riba agatangaza mu bwiza no mu burebure bw’amashamikubera ko imizi yaryo yashora mu mazi menshi.
8 Nta rindi sederi ryo mw’itongo ry’Imana+ ryari rimeze nka ryo.
Nta giti na kimwe c’umuberoshi cari gifise amashami nka ryo.Nta giti na kimwe c’umwarumoni cari gifise amashami ahwanye n’ay’iryo sederi.
Nta kindi giti co mw’itongo ry’Imana canganya ubwiza na ryo.
9 Narigize ryiza, ndariha n’amababi menshi,kandi ibindi biti vyose vyo muri Edeni, rya tongo ry’Imana y’ukuri, vyararigirira agashari.”
10 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ko ryabaye rirerire* rikaduza ubushorishori bwaryo mu bicu, umutima waryo na wo ukishira hejuru kubera uburebure bwaryo,
11 nanje rero nzoriha umutegetsi akomeye w’amahanga+. Azorihagurukira ata kabuza, kandi nzoriheba kubera ububisha bwaryo.
12 Abanyamahanga bo mw’ihanga rikaze kuruta ayandi bazoryicira, barite ku musozi. Amababi yaryo azogwa mu mibande yose, amashami yaryo yavunaguritse arambarare mu migezi yose yo mu gihugu+. Amahanga yose yo kw’isi azova mu gitutu caryo, arihebe.
13 Inyoni zose zo mu kirere zizoba ku mutumba waryo waguye hasi, ibikoko vyose vyo mw’ishamba bibe ku mashami yaryo+.
14 Ivyo bizoba kugira ngo ntihagire igiti na kimwe kiri hafi y’amazi kiba kirekire canke ngo kiduze ubushorishori bwaco mu bicu, no kugira ngo ntihagire igiti kivomerewe neza gishikira ibicu mu burebure. Kuko vyose bizotangwa ngo bipfe, bije mu gihugu c’epfo cokimwe n’abana b’abantu bamanuka mu cobo*.”
15 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Umusi iryo sederi rizomanuka mu kuzimu, nzotuma haba ikigandaro. Nzopfuka rero amazi agera epfo, nzibire imigezi yayo kugira ngo amazi menshi ntatembe. Nzotuma i Libani haba umwiza kubera ryo, kandi ibiti vyose vyo mu gahinga bizokwuma.
16 Nihumvikana ijwi ry’ugutemba kwaryo, nzotuma amahanga atigita igihe nzorimanukana mu kuzimu cokimwe n’abamanuka muri ca cobo*. Ibiti vyose vyo muri Edeni+, ibiti bikomakomeye kandi vyizavyiza vy’i Libani, ibiti vyose bivomerewe neza, bizokwumva bihojejwe mu gihugu c’epfo.
17 Na vyo nyene vyamanutse mu kuzimu cokimwe na ryo, mu bicishijwe inkota+ hamwe n’abarishigikiye* bo mu mahanga bahora baba mu gitutu caryo+.”
18 “Mu biti vyo muri Edeni, hari na kimwe mwanganya ubuninahazwa canke cari gihambaye nkawe+? Naho ari ukwo, uzomanukanwa ata kabuza mu gihugu c’epfo cokimwe n’ibiti vyo muri Edeni. Uzoryama hamwe n’abatagenyerewe, hamwe n’abicishijwe inkota. Ivyo ni vyo bizoshikira Farawo n’amasinzi yiwe yose”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «wabaye muremure.»
^ Canke «mu mva.»
^ Canke «mu mva.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kwiwe.»