Ezekiyeli 33:1-33

  • Ibanga ry’inderetsi (1-20)

  • Inkuru y’itemba rya Yeruzalemu (21, 22)

  • Ubutumwa ku baba mu bisagara vyatikijwe (23-29)

  • Abantu ntibazokora ivyo babwiwe (30-33)

    • Ezekiyeli «ameze nk’akaririmbo k’urukundo» (32)

    • «Harigeze umuhanuzi muri bo» (33)

33  Yehova ambwira ati:  «Mwana w’umuntu, bwira abantu bo mw’ihanga ryanyu+ uti:“Dufate ko nteje inkota igihugu+, maze abantu bose bo muri co bagatora umuntu bakamugira inderetsi yabo,  hanyuma akabona inkota ije gutera igihugu, akavuza inzamba, akaburira abantu+.  Umuntu niyumva ijwi ry’iyo nzamba mugabo ntafate nka nkama iyo mburi+ maze inkota ikaza ikamuhitana, amaraso yiwe azoba ku gatwe kiwe+.  Yumvise ijwi ry’inzamba mugabo ntiyafata nka nkama iyo mburi. Amaraso yiwe azoba ku gatwe kiwe. Iyo afata nka nkama iyo mburi, yari kurokoka.  Ariko iyo nderetsi niyabona inkota ije, ntivuze inzamba+ ngo iburire abantu, maze inkota ikaza igahitana umwe muri bo, uwo muntu azopfa azize ikosa ryiwe, ariko amaraso yiwe nzoyishuza iyo nderetsi*+.”  Mwana w’umuntu, nakugenye ngo ubere inderetsi Abisirayeli. Niwumva ijambo riva mu kanwa kanje, uzoce ubampera iyo mburi+.  Ninabwira umubisha nti: “Wa mubisha we, ntuzobura gupfa+!”, mugabo ntuvuge kugira ngo umuburire ahindure ingendo, uwo mubisha azopfa ari umubisha kubera ikosa ryiwe+. Mugabo amaraso yiwe nzoyakwishuza.  Mugabo niwaburira umubisha ngo ahebe ingendo yiwe ariko akanka guhindura ingendo, azopfa azize ikosa ryiwe+. Mugabo wewe uzorokora ubuzima bwawe ata kabuza+. 10  Mwana w’umuntu, bwira Abisirayeli uti: “Mwavuze ngo: ‘Ubugarariji bwacu n’ibicumuro vyacu biraturemereye cane, bigatuma tugenda turahera+. Wumva tuzoshobora kubaho+?’” 11  Babwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ndirahiye jewe Imana nzima. Simpimbarwa n’uko umubisha apfa+, ahubwo mpimbarwa n’uko ahindura ingeso ziwe+, akabandanya kubaho+. Nimuhindukire, nimuhindukire muhebe ingeso zanyu mbi+. Ni kuki none mwokwirirwa murapfa ga yemwe Bisirayeli+?’” 12  Mwana w’umuntu, bwira abantu bo mw’ihanga ryanyu uti: “Umugororotsi niyagarariza, ibikorwa vyiwe vy’ubugororotsi ntibizomukiza+. Umubisha na we niyaheba ibikorwa vyiwe vy’ububisha, ntibizotuma agwa*+. N’umugororotsi ntazobandanya kubaho kubera ibikorwa vyiwe vy’ubugororotsi, umusi yacumuye+. 13  Ninabwira umugororotsi nti: ‘Vy’ukuri uzobaho’, mugabo agakora ibibi yishimira ubugororotsi bwiwe+, nta na kimwe mu bikorwa vyiwe vy’ubugororotsi kizokwibukwa. Azopfa azize ibibi* yakoze+. 14  Ninabwira na ho umubisha nti: ‘Ntuzobura gupfa’, na we agaheba ibicumuro vyiwe, agakora ibigororotse n’ibibereye+, 15  agasubiza ivyo yafashe nk’ingwati+, akishura ivyo yivye+, agakurikiza ivyagezwe bituma umuntu agira ubuzima, ntakore ibibi+, azobaho ata kabuza. Ntazopfa. 16  Nta na kimwe mu bicumuro yakoze kizomwagira*+. Kubera ko yakoze ibigororotse n’ibibereye, azobandanya kubaho ata kabuza+.” 17  Mugabo abantu bo mw’ihanga ryanyu bavuze bati: “Inzira ya Yehova ntigororotse”, kandi mu vy’ukuri inzira yabo ari yo itagororotse. 18  Umugororotsi niyaheba gukora ibigororotse agakora ibibi, azopfa ari vyo azize+. 19  Mugabo umubisha niyaheba ibintu vy’ububisha akora, agakora ibigororotse n’ibibereye, bizotuma abandanya kubaho+. 20  Mugabo mwavuze ngo: “Inzira ya Yehova ntigororotse+.” Yemwe Bisirayeli, umwe wese muri mwebwe nzomucira urubanza nisunze inzira ziwe!» 21  Amaherezo, mu mwaka ugira 12 kuva tujanywe mu bunyagano, mu kwezi kugira cumi, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, umugabo yacitse kw’icumu i Yeruzalemu aza iyo ndi+, ambwira ati: «Igisagara cafashwe+ 22  Ku mugoroba buca uwo muntu yacitse kw’icumu aza, ububasha* bwa Yehova bwari bwanjeko, maze Imana iteranura akanwa kanje imbere y’uko uwo muntu aza aho ndi mu gitondo. Akanwa kanje kaciye gateranuka, sinasubira kuba nyamuragi+. 23  Maze Yehova ambwira ati: 24  «Mwana w’umuntu, ababa mu bisagara vyatikijwe+ bavuga ku bijanye n’igihugu ca Isirayeli ngo: “Aburahamu yari umwe gusa, yamara yarigaruriye igihugu+. Ariko tweho turi benshi. Nta nkeka igihugu twaragihawe kiratwegukira.” 25  Babwire rero uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Murya indya zirimwo amaraso+, mugahanga amaso ibigirwamana vyanyu bisesemye*, kandi mukaguma musesa amaraso+. Hanyuma ngo mwegukire igihugu? 26  Mwizigiye inkota zanyu+, mukora ibintu bishisha, kandi umwe wese muri mwebwe yarahumanije umugore wa mugenziwe+. Hanyuma ngo mwegukire igihugu+?’” 27  Ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ndirahiye jewe Imana nzima yuko ababa mu bisagara vyatikijwe bazokwicishwa inkota. Abari mu gahinga nzobatanga ibikoko bibarye, abari mu bibanza bikomeye no mu masenga na bo bicwe n’indwara+. 28  Igihugu nzogitikiza gisigare ari umusaka vy’ukuri+, kandi ubwishime n’ubwibone bwaco bizokurwaho. Imisozi ya Isirayeli izosigara ari umusaka+, ata wukihaca. 29  Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova igihugu ninagitikiza kigasigara ari umusaka vy’ukuri+, kubera ibintu vyose bishisha bakoze+.’” 30  Nayo wewe ga mwana w’umuntu, abantu bo mw’ihanga ryanyu barakuvuga bari iruhande y’impome no ku miryango y’inzu+. Barabwirana, umwe wese akabwira mwenewabo ngo: “Ingo tuje kwumviriza ivyo Yehova avuga.” 31  Bazoza ari benshi, bicare imbere yawe nk’abantu banje. Bazokwumva ivyo uvuga mugabo ntibazobikora+, kuko bakoresha akarimi kabo bakubwira amajambo asosa*, mugabo umutima wabo uhahamiye inyungu mbi. 32  Erega kuri bo umeze nk’akaririmbo k’urukundo karirimbanywe akajwi keza, gaherekejwe n’akaziki gacuraranzwe neza n’igicurarangisho c’imirya. Bazokwumva ivyo uvuga mugabo nta n’umwe azobikora. 33  Nivyaranguka, kandi ntibizobura kuranguka, bazomenya vy’ukuri yuko higeze umuhanuzi muri bo+

Utujambo tw'epfo

Canke «nzoyaharura ku gatwe k’iyo nderetsi.»
Canke «ntibizomutsitaza.»
Canke «ibitagororotse.»
Mu giheburayo havuga ngo «kizokwibukwa ngo agihanirwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
Canke «bavuga amajambo yuzuye inambu.»