Ezekiyeli 36:1-38

  • Ubuhanuzi bwerekeye imisozi ya Isirayeli (1-15)

  • Abisirayeli bazogarukanwa (16-38)

    • «Nzokweza izina ryanje rihambaye» (23)

    • «Nka rya tongo rya Edeni» (35)

36  «Nayo wewe ga mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi bwerekeye imisozi ya Isirayeli uti: “Yemwe misozi ya Isirayeli, nimwumve ijambo rya Yehova.  Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Umwansi yavuze abigambako ngo: “Aho rero! Na ya misozi ya kera iratwegukiye+!”’”  Vuga rero ubuhanuzi uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Kubera ko babagize umusaka, bakabatera babaturutse impande zose kugira ngo mwigarurirwe n’abarokotse* mu mahanga, kandi abantu bakaguma babavuga bongera babambika ibara+,  ku bw’ivyo rero ga yemwe misozi ya Isirayeli, nimwumve ijambo ry’Umukama Segaba Yehova. Umukama Segaba Yehova abwiye imisozi n’imirambi, imigezi n’imibande, ibibanza vyatikijwe bikaba umusaka+ n’ibisagara vyahebwe, bigasahurwa, bigacokorwa n’abarokotse bo mu mahanga mabanyi+,  ivyo vyose Umukama Segaba Yehova abibwiye ati: “Nzocira urubanza abarokotse bo mu mahanga be na Edomu yose uko ingana, ndabigiranye umwete wanje ururumba+. Barigaruriye igihugu canje banezerewe cane kandi bafise akagaye kenshi+, kugira bihagire uburagiro bwaho no kugira bahasahure+.”’”  Vuga rero ubuhanuzi ku vyerekeye igihugu ca Isirayeli, ubwire imisozi n’imirambi, imigezi n’imibande, uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Umviriza! Nzovugana ishaka n’uburake kubera ko amahanga yabatetereje+.’”  Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Jewe ndadugije ukuboko kwanje ndahira yuko amahanga abakikuje ubwayo azomaramara+.  Nayo mwebwe ga misozi ya Isirayeli, muzonaga amashami, mwame ivyamwa vy’abantu banje b’Abisirayeli+ kuko bazogaruka vuba.  Kuko ndi kumwe namwe, kandi nzobagarukako, murimwe mwongere muteragirweko imbuto. 10  Nzogwiza abantu bawe, Abisirayeli bose uko bangana. Ibisagara bizobamwo abantu+, ahatikijwe hasubire kwubakwa+. 11  Egome, nzogwiza abantu banyu n’ibitungwa vyanyu+. Bizogwira, birondoke. Nzotuma abantu bababako nk’uko vyahora+. Nzotuma mumera neza gusumba uko mwahora+. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+. 12  Yemwe misozi, nzotuma abantu, abantu banje b’Abisirayeli, babagendagendako kandi bazobigarurira+. Muzobabera intoranwa kandi ntimuzopfa musubiye kubahekura+.”» 13  «Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ko bababwira ngo: ‘Muri igihugu kirotsa abantu, kigahekura amahanga yaco’”, 14  “ntuzokwongera rero kurotsa abantu canke guhekura amahanga yawe”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 15  “Sinzosubira kwemera ngo amahanga agutuke canke ngo abantu bagucokore+, kandi nawe ntuzokwongera gutsitaza amahanga yawe”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.» 16  Yehova yongera kumbwira ati: 17  «Mwana w’umuntu, igihe Abisirayeli baba mu gihugu cabo, baragihumanije kubera ingeso zabo n’ibikorwa vyabo+. Kuri jewe, ingeso zabo zari zimeze nk’ubuhumane bwo mu butinyanka+. 18  Naciye ndabasukako uburake bwanje kubera amaraso basheshe mu gihugu+, no kubera bahumanishije igihugu ibigirwamana vyabo bisesemye*+. 19  Naciye ndabasanzaza mu mahanga, ndabashwiragiza mu bihugu+. Nabaciriye urubanza ruhuye n’ingeso zabo be n’ibikorwa vyabo. 20  Ariko igihe bashika muri ayo mahanga, abantu barahumanije izina ryanje ryeranda+ mu kuvuga ku bijanye na bo ngo: “Aba ni ba bantu ba Yehova, mugabo babwirijwe kuva mu gihugu ciwe.” 21  Nzokwitaho rero izina ryanje ryeranda Abisirayeli bahumanije mu mahanga bagiyemwo+ 22  «Bwira rero Abisirayeli uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Singira ndabikore ku bwanyu, yemwe Bisirayeli, ahubwo ngira ndabikore ku bw’izina ryanje ryeranda, izina mwahumanije mu mahanga mwagiyemwo+.’” 23  “Nzokweza koko izina ryanje rihambaye+ ryahumanijwe mu mahanga, rimwe mwahumanije muri ayo mahanga. Kandi amahanga azomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “ninerekana imbere yayo ko ndi mweranda biciye ku vyo nzobakorera. 24  Nzobakura mu mahanga, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu bihugu vyose, ndabazane mu gihugu canyu+. 25  Nzobamijagirako amazi atyoroye, mube abatyoroye+. Nzobakurako ubuhumane bwanyu bwose+ n’ibigirwamana vyanyu vyose bisesemye+. 26  Nzobaha umutima mushasha+, ndabashiremwo impwemu nshasha+. Nzokura mu mubiri wanyu umutima w’ibuye+, ndabahe umutima w’inyama*. 27  Nzoshira impwemu yanje muri mwebwe, ntume mugendera mu mategeko yanje+, mwubahirize ingingo nashinze muzisunge. 28  Muzoheza mwibere mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu, mube abantu banje, nanje mbe Imana yanyu+.” 29  “Nzobakiza ubuhumane bwanyu bwose, mpamagare intete ndazigwize, kandi nta nzara nzobateza+. 30  Nzotuma ivyama ku biti n’umwimbu wo mu mirima bigwira, kugira ngo ntimuze mwigere musubira kumaramara mu mahanga kubera inzara+. 31  Muzoheza mwibuke ingeso zanyu mbi n’ibikorwa vyanyu bibi. Muzokwumva mwiyanse cane kubera amakosa yanyu no kubera ibintu bishisha mukora+. 32  Mugabo mumenye ko ntagira ndabikore ku bwanyu+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Nimumaramare riho, muteterwe, kubera ingeso zanyu, yemwe Bisirayeli!” 33  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Umusi nabogeje nkabakurako amakosa yanyu yose, nzotuma ibisagara bisubira kubamwo abantu+, ahatikijwe hasubire kwubakwa+. 34  Igihugu cacitse umusaka, n’abahita bose bakabona ko ari umusaka, kizorimwa. 35  Abantu bazovuga bati: ‘Igihugu cahora ari umusaka gisigaye kimeze nka rya tongo rya Edeni+. Ibisagara vyari vyatikijwe bigasamburwa, bigasigara ari umusaka, bisigaye bikingijwe ibihome, kandi bibamwo abantu+.’ 36  Amahanga abakikuje azoba asigaye, azomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova nubatse ivyari vyasambuwe, ngateragira ahari hasigaye ari umusaka. Jewe Yehova nabivuze kandi nabikoze+.” 37  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Nzoreka kandi Abisirayeli bansabe kubagwiriza abantu nk’ubusho, kandi nzobikora. 38  Ibisagara vyari vyaratikijwe bizokwuzura abantu benshi nk’amasho+, nka kurya kw’isinzi ry’aberanda, nka kurya kw’amasho i Yeruzalemu* mu biringo vy’imisi mikuru yaho+. Bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «n’amasigarira», «n’abasigaye.»
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
Ni ukuvuga umutima wemera kuyoborwa n’Imana.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nka kurya kw’amasho y’intama z’ibimazi i Yeruzalemu.»