Ezekiyeli 39:1-29
39 Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi bw’ibizoshikira Gogi+, umubwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ngira nkurwanye, ewe Gogi, wewe mukuru kizigenza* wa Mesheki na Tubali+.
2 Nzotuma uhindukira, ndakuyobore, ntume uza uvuye mu mihingo ya kure cane yo mu buraruko+, ndakuzane ku misozi ya Isirayeli.
3 Nzokubita umuheto uri mu kubamfu kwawe ukoroke, ntume n’imyampi iri mu kuryo kwawe ikoroka.
4 Uzogwa ku misozi ya Isirayeli+, wewe n’ingabo zawe zose be n’amahanga azoba ari kumwe nawe. Nzogutanga uribwe n’inyoni zihiga z’ubwoko bwose be n’ibikoko vyo mw’ishamba+.’”
5 “Uzogwa ku gahinga+, kuko ari jewe ndabivuze”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
6 “Nzorungika umuriro kuri Magogi no ku bantu bibera mu mutekano mu mazinga+, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.
7 Nzotuma izina ryanje ryeranda rimenyekana mu bantu banje b’Abisirayeli, kandi sinzokwongera kureka ngo izina ryanje ryeranda rihumanywe. Amahanga azomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+, Umweranda muri Isirayeli+.”
8 “Emwe, bigira bibe, kandi bizoranguka”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Uwo ni wa musi navuga.
9 Ababa mu bisagara vyo muri Isirayeli bazosohoka batore ibirwanisho babicane: uri inkinzo ntonto* n’inkinzo zagutse, imiheto n’imyampi, ubuhiri barwanisha* n’amacumu. Bazomara imyaka indwi babicana+.
10 Ntibizokenerwa ko baja gutoragura inkwi mu gahinga canke ngo baje gusenya mw’ishamba, kuko ivyo birwanisho ari vyo bazocana.”
“Bazosahura abahora babasahura, banyage abahora babanyaga”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
11 “Kuri uwo musi Gogi+ nzomuha imva aho muri Isirayeli, mu mubande ucamwo abagiye mu buseruko bw’ikiyaga, kandi uwo mubande uzozibira abarengana. Aho ni ho bazohamba Gogi n’amasinzi yiwe yose, kandi bazohita umubande wa Hamoni-Gogi*+.
12 Abisirayeli bazomara amezi indwi babahamba kugira bahumanure igihugu+.
13 Abanyagihugu bose bazofadikanya kubahamba, kandi ivyo bizotuma baba rurangiranwa umusi nzokwininahaza+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
14 “Hari abantu bazoshingwa igikorwa co kwama baca mu gihugu, bahamba ibiziga bitarahambwa kugira bagihumanure. Bazobandanya kubirondera gushika amezi indwi arangiye.
15 Abaca mu gihugu baramutse babonye igufa ry’umuntu, bazoca bashira ikimenyetso iruhande yaryo. Abajejwe guhamba bazoheza barihambe mu mubande wa Hamoni-Gogi+.
16 Aho hantu hazoba n’igisagara citwa Hamona*. Bazohumanura igihugu+.”
17 Mwana w’umuntu, Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Bwira inyoni z’ubwoko bwose n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba, uti: ‘Nimukoranire hamwe muze. Nimukoranire irya n’ino y’ikimazi ndiko ndabategurira, ikimazi gihambaye ku misozi ya Isirayeli+. Muzorya inyama, munywe n’amaraso+.
18 Muzorya inyama z’abakomakomeye, munywe n’amaraso y’abakuru bo mw’isi. Abo bose ni impfizi z’intama, imyagazi y’intama, impfizi z’impene n’iz’inka, ibitungwa vyose binuze vy’i Bashani.
19 Muzorya ibinure muhage munywe n’amaraso muborerwe, kubera ikimazi ndiko ndabategurira.’”
20 “Ku meza yanje, muzorya muhage amafarasi n’abatwara imikogote, abakomakomeye n’abarwanyi b’ubwoko bwose+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
21 “Nzokwerekana ubuninahazwa bwanje mu mahanga, kandi amahanga yose azobona urubanza nzoba nashikije, n’ububasha* nzoba nerekanye muri yo+.
22 Kuva uwo musi, Abisirayeli bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova Imana yabo.
23 Kandi amahanga azomenya vy’ukuri yuko Abisirayeli bagiye mu bunyagano kubera ikosa ryabo, kubera bampemukiye+. Naciye rero ndabahisha mu maso hanje+, ndabareka bagwa mu maboko y’abansi babo+, bicishwa inkota bose.
24 Nabakoreye ibihwanye n’ubuhumane bwabo be n’ibicumuro vyabo, ndabahisha mu maso hanje.”
25 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Nzogarukana aba Yakobo bagizwe imbohe+, ngirire imbabazi ihanga ryose rya Isirayeli+. Nzorwanira izina ryanje* ryeranda nivuye inyuma+.
26 Nibamara guteterwa kubera ibintu vyose vy’ubuhemu bankoreye+, bazokwibera mu mutekano mu gihugu cabo, ata n’umwe abatera ubwoba+.
27 Ninabagarukana ndabakuye mu mahanga, nkabakoraniriza hamwe ndabakuye mu bihugu vy’abansi babo+, amahanga menshi azobona ko ndi mweranda biciye ku vyo nzobakorera+.”
28 “Bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova Imana yabo, ninabarungika mu bunyagano mu mahanga maze nkabakoraniriza hamwe nkabagarukana mu gihugu cabo, ata n’umwe asigaye inyuma+.
29 Sinzokwongera kubahisha mu maso hanje+, kuko nzosuka impwemu yanje ku Bisirayeli+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «wewe muganwa mukuru.»
^ Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «inkoni.» Yari inkoni isongoye bakoresha nk’ikirwanisho.
^ Canke «umubande w’amasinzi ya Gogi.»
^ Iryo zina risobanura ngo «amasinzi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
^ Canke «nzopfuha kubera izina ryanje.»