Ezekiyeli 4:1-17

  • Ezekiyeli yerekana ingene Yeruzalemu izokwugarizwa (1-17)

    • Yikorera ikosa imisi 390, n’iyindi 40 (4-7)

4  Nawe ga mwana w’umuntu, tora itafari urishire imbere yawe, urishushanyeko* igisagara ca Yeruzalemu.  Uheze ucugarize+, wubake uruzitiro rwo kugitera+, urunde ibintu vyo kwuririrako kugira ugitere+, ushinge amakambi yo kugitera wongere ugikikuze ibigiga vyo gusenyura inzitiro zaco+.  Tora igipanu c’icuma, ugishinge nk’uruhome rw’icuma hagati yawe n’igisagara. Nuce uhanga amaso ico gisagara, cugarizwe. Abe ari wewe ucugariza. Bizobera ikimenyetso Abisirayeli+.  Uzoheza uryamire urubavu rwawe rw’ibubamfu, wiremeke* ikosa ry’Abisirayeli+. Imisi uzomara uryamiye urubavu, uzoba wikoreye ikosa ryabo.  Nzogusaba kubikora imisi 390, imisi ihwanye n’imyaka y’ikosa ryabo+, kandi uzokwikorera ikosa ry’Abisirayeli.  Kandi utegerezwa kuyirangiza. Ivyo biheze, uze uryamire urubavu rwawe rw’iburyo, wikorere ikosa ry’Ubuyuda+ imisi 40, umusi umwumwe uhure n’umwaka. Umusi uhuye n’umwaka ni vyo ndagushingiye.  Uzohanga amaso igisagara ca Yeruzalemu+ cugarijwe, ubigire wakumye impuzu ku kuboko, uvuge ubuhanuzi bw’ibizoshikira ico gisagara.  Umviriza! Nzokubohesha imigozi kugira ngo ntiwihindukize ngo uve ku rubavu rumwe uje ku rundi, gushika urangije imisi wahawe yo kuhugariza.  Uze utore ingano, sayiri*, ibiharo, inkore, amasaka na kusemeti*, ubishire mu combo kimwe, ubikoremwo umukate. Uwo mukate uzowurya mu misi 390 uzomara uryamiye urubavu+. 10  Buri musi uzopima shekeli 20* z’ivyo kurya abe ari zo urya. Uzoza urarya ku masaha. 11  N’amazi uzoyanywa ku gipimo: ica gatandatu ca hini*. Uzoza urayanywa ku masaha. 12  Uzorya uwo mukate nk’uwurya umukate* wa sayiri. Uzowotsa babona ukoresheje umwanda mukuru w’abantu wumye bwa nkwi.» 13  Yehova abandanya kuvuga ati: «Ukwo ni ko Abisirayeli bazorya umukate wabo uhumanye bari mu mahanga nzobashwiragizamwo+ 14  Ndaheza mvuga nti: «Urantunga Mukama Segaba Yehova! Kuva mu buto bwanje gushika n’ubu sinigeze nihumanya mu kurya inyama z’igikoko basanze capfuye canke catabaguwe+, kandi nta nyama ihumanye ndigera nshira mu kanwa+ 15  Aca ambwira ati: «Nta ngorane. Ndemeye ukoreshe amase y’inka mu kibanza c’umwanda mukuru w’abantu, abe ari yo wotsako umukate.» 16  Yongerako ati: «Mwana w’umuntu, ehe ngira ntume ibifungurwa bibura* i Yeruzalemu+. Bazorya umukate bari mu maganya menshi barinze kuwupima+, banywe n’amazi bishwe n’ubwoba barinze kuyapima+. 17  Ivyo bizoba kugira ngo nibabura umukate n’amazi, barabane bajorewe, bagende barahera kubera ikosa ryabo.

Utujambo tw'epfo

Canke «urisarureko.»
Mu giheburayo havuga ngo «ururemeke.» Ni ukuvuga urubavu rw’ibubamfu rwa Ezekiyeli.
Kusemeti ni ubwoko bw’ingano bubayabaye.
Sayiri ni ubwoko bw’ingano.
Ni nk’amagarama 230. Raba Inyongera ya B14.
Ni nka mililitiro 600 (nk’igice c’ilitiro). Raba Inyongera ya B14.
Canke «umukate wiburungushuye.»
Mu giheburayo havuga ngo «ngira mvune inkoni z’imikate.» Zishobora kuba zari inkoni batungirako imikate mu kuyibika.