Ezekiyeli 42:1-20

  • Ibice birimwo ibibanza vy’uburiro (1-14)

  • Impande zine z’urusengero zipimwa (15-20)

42  Araheza anjana mu kigo c’inyuma amaja mu buraruko+. Anshikana ku gice kirimwo ibibanza vy’uburiro cari iruhande ya ha hantu hagaragara+, mu buraruko bw’inyubakwa iri inyuma y’urusengero*+.  Guhera ku bwinjiriro bwo mu buraruko, ico gice cari gifise uburebure bw’intambwe* 100 n’ubwaguke bw’intambwe 50.  Ico gice cari giherereye hagati y’ikigo c’indani, icari gifise ubwaguke bw’intambwe 20+, be na ha hantu hashashe amabuye mu kigo c’inyuma. Utubaraza twaho twararabana kandi twari mu magorofa atatu.  Imbere y’ibibanza vy’uburiro* hari inzira+ y’indani y’ubwaguke bw’intambwe 10 n’uburebure bw’intambwe 100*. Ubwinjiriro bw’ivyo bibanza bwaraba mu buraruko.  Ibibanza vy’uburiro vyo hejuru vyaraga kuruta ivyo mw’igorofa yo hasi n’iyo hagati kubera ko twa tubaraza twabirya ikibanza.  Vyari mu magorofa atatu, kandi nta nkingi vyari bifise nka za nkingi z’ibigo. Ni co gituma ivyo hejuru vyaga gusumba ivyo mw’igorofa yo hasi n’iyo hagati.  Hanze hari uruzitiro rw’amabuye hafi y’ibibanza vy’uburiro biraba mu kigo c’inyuma. Rwarabana n’ibindi bibanza vy’uburiro rukagira uburebure bw’intambwe 50,  kuko uburebure bw’ibibanza vy’uburiro biraba mu kigo c’inyuma bwari intambwe 50, mugabo ibirabana n’urusengero bikagira uburebure bw’intambwe 100.  Hari ubwinjiriro mu buseruko bushikana mu bibanza vy’uburiro, umuntu azananye mu kigo c’inyuma. 10  Hariho n’ibibanza vy’uburiro mu kigo kizitijwe amabuye*. Urwo ruzitiro rw’amabuye rwari mu buseruko bwavyo. Ivyo bibanza vyari hafi ya ha hantu hagaragara na ya nyubakwa*+. 11  Imbere yavyo hari inzira imeze nk’imwe y’ibibanza vy’uburiro vyo mu buraruko+. Uburebure bwavyo bwarangana n’ubwaguke bwavyo bukangana. Imiryango yavyo isohoka yarasa, kandi vyari vyubatswe kumwe. Ubwinjiriro bwavyo 12  bwari bumeze nk’ubwinjiriro bw’ivyumba vy’uburiro vyari amaja mu bumanuko. Imbere y’uruzitiro rw’amabuye rwo mu buseruko rufatanye na vyo, hariho ubwinjiriro umuntu acamwo ku ntango y’iyo nzira+. 13  Maze ambwira ati: «Ibibanza vy’uburiro vyo mu buraruko n’ivyo mu bumanuko biri hafi ya ha hantu hagaragara+, ni ibibanza vy’uburiro vyeranda. Ni ho abaherezi begera Yehova barira amashikanwa meranda cane+. Kubera ko aho hantu ari heranda, ni ho bashira amashikanwa meranda cane, ishikanwa ry’intete, iry’igicumuro n’iryo kwagirwa n’icaha+. 14  Abaherezi bamaze kwinjira, ntibakwiye kuva mu kibanza ceranda ngo baje mu kigo c’inyuma batabanje kwambura impuzu bakora bambaye+, kuko ari nyeranda. Bazokwambara izindi mpuzu, babone kwegera aho abantu bemerewe gushika.» 15  Ahejeje gupima igice c’indani c’urusengero*, aca aransohokana ancishije mw’irembo riraba mu buseruko+, araheza apima aho hantu hose. 16  Apima uruhande rwo mu buseruko akoresheje irenga ryo gupimisha*. Kuva ku ruhande rumwe gushika ku rundi hari uburebure bw’amarenga 500, hisunzwe irenga ryo gupimisha. 17  Apima n’uruhande rwo mu buraruko. Rwari rufise uburebure bw’amarenga 500, hisunzwe irenga ryo gupimisha. 18  Apima n’uruhande rwo mu bumanuko. Rwari rufise uburebure bw’amarenga 500, hisunzwe irenga ryo gupimisha. 19  Arazunguruka, aja ku ruhande rwo mu burengero. Arahapima akoresheje irenga ryo gupimisha. Hari hafise uburebure bw’amarenga 500. 20  Apima aho hantu ku mpande zaho zine. Hari hakikujwe n’uruzitiro+ rufise uburebure bw’amarenga 500 n’ubwaguke bw’amarenga 500+, kugira aheranda hatandukane n’ahakorerwa ibintu bisanzwe+.

Utujambo tw'epfo

Ni ukuvuga inyubakwa yo mu burengero.
Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.
Canke «y’ivyumba.»
Bibiliya yo mu kigiriki yitwa Septante ivuga ngo «uburebure bw’intambwe 100.» Mu giheburayo havuga ngo «inzira y’intambwe imwe.» Raba Inyongera ya B14.
Ni ya nyubakwa yavuzwe ku murongo wa mbere.
Mu giheburayo havuga ngo «mu bwaguke bw’uruzitiro rw’amabuye rw’ikigo.»
Mu giheburayo havuga ngo «gupima inzu y’indani.»