Ezekiyeli 45:1-25

  • Intererano nyeranda n’igisagara (1-6)

  • Umugabane w’umukuru (7, 8)

  • Abakuru bakwiye kuvugisha ukuri (9-12)

  • Intererano z’abanyagihugu n’umukuru (13-25)

45  “Nimwagabanganya igihugu ngo kibe intoranwa+, muze muhe Yehova intererano y’umugabane mweranda mukuye ku gihugu+. Uburebure bwawo buze bube intambwe* 25.000, ubwaguke na bwo intambwe 10.000+. Ico gice cose kizoba ari umugabane mweranda*.  Muri ico gice hazoba ikibanza c’ikwadarato gipima intambwe 500 ku 500*+ kigenewe ahantu heranda. Irya n’ino yaho hazoba uburagiro bw’intambwe 50+.  Kuri iyo ngero, uze upime uburebure bw’intambwe 25.000 n’ubwaguke bw’intambwe 10.000. Aho ni ho hazoba ikibanza ceranda, ikintu ceranda cane.  Uzoba ari umugabane mweranda ukuwe ku gihugu ugenewe abaherezi+, ari bo basuku b’aheranda, begera kugira ngo bakorere Yehova+. Ni ho hazoba hari amazu yabo, habe n’ikibanza ceranda kigenewe urusengero.  Hazoba igice c’Abalewi, ari bo basuku b’urusengero, c’uburebure bw’intambwe 25.000 n’ubwaguke bw’intambwe 10.000+. Bazohabwa ibibanza vy’uburiro+ 20*.  Muzotanga ahantu hazokwegukira igisagara hafise uburebure bw’intambwe 25.000 (hareha na ya ntererano nyeranda) n’ubwaguke bw’intambwe 5.000+. Hazokwegukira ihanga ryose rya Isirayeli.  Umukuru azoronka itongo ku mpande zompi za ya ntererano nyeranda na ha hantu hegukira igisagara. Iryo tongo rizoba riri iruhande y’iyo ntererano nyeranda n’ahegukira igisagara. Rizoba riri ku ruhande rwo mu burengero n’urwo mu buseruko. Uburebure bwaryo kuva ku rubibe rwo mu burengero gushika ku rwo mu buseruko buzongana n’ubw’umugabane w’umwe muri ya miryango+.  Iryo tongo rizokwegukira uwo mukuru muri Isirayeli. Abakuru nashizeho ntibazokwongera gufata nabi abantu banje+, kandi bazoha Abisirayeli igihugu bisunze imiryango yabo+.”  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Yemwe bakuru ba Isirayeli, mwarengeje urugero!” “Nimuhebe ubukozi bw’ikibi no gucinyiza abantu, mukore ibigororotse n’ibibereye+. Nimureke kunyaga abantu banje utwabo+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 10  “Mukwiye gukoresha iminzane itabesha n’ingero ya efa* itabesha n’ingero ya bati* itabesha+. 11  Hakwiye kuba ingero idahinduka ya efa n’iya bati. Ingero ya bati ikwiye kungana n’ic’icumi c’ingero ya homeri*, n’ingero ya efa ikangana n’ic’icumi c’ingero ya homeri. Ingero ya homeri ni yo izofatirwako mu gupima. 12  Shekeli*+ ikwiye kungana n’ingero 20 za gera*. Shekeli 20, kwongerako 25, kwongerako 15 ni vyo bizongana n’ingero imwe ya manehe* muzokoresha.” 13  “Iyi ni yo ntererano muzotanga: ica gatandatu c’ingero ya efa kivuye ku ngero ya homeri imwimwe y’ingano, n’ica gatandatu ca efa kivuye kuri homeri imwimwe ya sayiri. 14  Amavuta atangwa akwiye gupimirwa ku ngero ya bati. Bati ni ic’icumi c’ingero ya koro*. Bati cumi ni homeri imwe, kuko bati cumi zingana na homeri imwe. 15  Mu busho bw’ibitungwa vy’Abisirayeli hakwiye gutangwa intama imwe ku 200. Ivyo vyose bizoba ari ivy’ishikanwa ry’intete+, ishikanwa riturirwa uko ryakabaye+ n’ibimazi vyo gusangira+, kugira ngo abantu bababarirwe ibicumuro*+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 16  “Abanyagihugu bose bazozanira iyo ntererano+ umukuru wo muri Isirayeli. 17  Ariko umukuru ni we azoba ajejwe amashikanwa aturirwa uko yakabaye+, ishikanwa ry’intete+ n’iry’ikinyobwa mu kiringo c’imisi mikuru+, imboneko z’ukwezi, amasabato+ no mu bindi biringo vyose vy’imisi mikuru yashinzwe y’Abisirayeli+. Ni we azozana ishikanwa ry’igicumuro, ishikanwa ry’intete, ishikanwa riturirwa uko ryakabaye be n’ibimazi vyo gusangira, kugira ngo Abisirayeli bababarirwe ibicumuro*.” 18  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Mu kwezi kwa mbere, umusi wa mbere w’ukwo kwezi, uze utore ishuri yo mu busho itagira agahonzi, uheze utyorore ahantu heranda haveko igicumuro+. 19  Umuherezi aze atore makeyi ku maraso y’ishikanwa ry’igicumuro, ayashire ku gishimaryango c’urusengero+ no ku mfuruka zine za ca gice* gikikuje igicaniro no ku gishimaryango c’irembo ry’ikigo c’indani. 20  Ukwo ni ko uzogira ku musi ugira indwi w’ukwo kwezi ku bw’umuntu wese azocumura bivuye ku kwihenda canke ku kutamenya+. Muze mutangire impongano urusengero+. 21  Mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira 14 w’ukwo kwezi, muze muhimbaze Pasika+. Muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro+. 22  Kuri uwo musi, umukuru aze azane ishuri y’ishikanwa ry’igicumuro, ku bwiwe no ku bw’abanyagihugu bose+. 23  Mu misi indwi uwo musi mukuru uzomara+, aze azane buri musi ishuri indwi zitagira agahonzi n’impfizi z’intama indwi zitagira agahonzi vy’ishikanwa riturirwa uko ryakabaye rihabwa Yehova. Aze azane n’isuguru y’impene y’ishikanwa ry’igicumuro buri musi. 24  Aze azane n’ingero imwe ya efa y’ishikanwa ry’intete ijāna n’ishuri imwimwe, n’ingero imwe ya efa ijāna n’impfizi y’intama imwimwe, azane n’ingero imwe ya hini* y’amavuta ijāna na efa imwimwe. 25  Mu kwezi kugira indwi, ku musi ugira 15 w’ukwo kwezi, mu kiringo c’imisi indwi umusi mukuru uzomara+, aze azane ishikanwa ry’igicumuro nk’iryo nyene, ishikanwa riturirwa uko ryakabaye nk’iryo nyene n’ishikanwa ry’intete nk’iryo nyene be n’amavuta nk’ayo nyene.”»

Utujambo tw'epfo

Canke «uzoba ari umugabane mweranda mu mbibe zawo zose.»
Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «ca 500 ku 500.»
Canke «ivyumba 20.»
Canke «mina.» Raba Inyongera ya B14.
Koro imwe yaja mu kintu c’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.
Canke «batangirwe impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).
Canke «batangirwe impongano.»
Canke «za wa muhiro.»