Ezekiyeli 48:1-35

  • Ingene igihugu cogabuwe (1-29)

  • Amarembo 12 y’igisagara (30-35)

    • Igisagara citwa «Yehova ari ng’aho» (35)

48  «Iyi ni yo migabane y’imiryango hisunzwe amazina yayo, kuva ku mupaka wo mu buraruko: umugabane wa Dani+ ujana inzira y’i Hetiloni gushika i Lebo-Hamati*+ n’i Hazari-Enani, ukajana urubibe rwa Damasiko amaja mu buraruko, iruhande ya Hamati+. Uva ku rubibe rwo mu buseruko ugashika ku rwo mu burengero.  Umugabane wa Asheri+ uhana urubibe n’uwa Dani, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero.  Umugabane wa Nafutali+ uhana urubibe n’uwa Asheri, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero.  Umugabane wa Manase+ uhana urubibe n’uwa Nafutali, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero.  Umugabane wa Efurayimu uhana urubibe n’uwa Manase+, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero.  Umugabane wa Rubeni uhana urubibe n’uwa Efurayimu+, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero.  Umugabane wa Yuda uhana urubibe n’uwa Rubeni+, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero.  Ku rubibe rwa Yuda, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero, muzokurako intererano y’ubwaguke bw’intambwe* 25.000+, n’uburebure bungana n’ubw’imigabane y’imiryango bihana imbibe, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero. Urusengero ruzoba ruri hagati.  Intererano muzokurirako Yehova izoba ifise uburebure bw’intambwe 25.000 n’ubwaguke bwa 10.000. 10  Iyi ni yo ntererano nyeranda igenewe abaherezi+: ku ruhande rwo mu buraruko izoba ifise intambwe 25.000, mu burengero 10.000, mu buseruko 10.000, mu bumanuko na ho 25.000. Urusengero rwa Yehova ruzoba ruri hagati. 11  Hazoba hagenewe abaherezi bejejwe bo muri bene Sadoki+, bamwe bitwararitse ibikorwa nabajeje, ntibampebe ca gihe Abisirayeli n’Abalewi bampeba+. 12  Baze baronke umugabane uvuye ku ntererano yakuwe ku gihugu ikagirwa nyeranda cane, ahahana urubibe n’Abalewi. 13  Iruhande y’akarere k’abaherezi, Abalewi bazoronka umugabane w’uburebure bw’intambwe 25.000 n’ubwaguke bwa 10.000. (Uburebure bwose buzoba 25.000, ubwaguke na bwo 10.000.) 14  Ntibaze bagurishe igice na kimwe c’uwo mugabane mwiza kuruta iyindi mu gihugu, canke ngo bagikabe canke ngo hagire uwo bagiha, kuko ari ikintu ceranda kuri Yehova. 15  Ikibanza gisigaye c’ubwaguke bw’intambwe 5.000 kibangabanganye n’urubibe rw’intambwe 25.000, kizoba ikibanza co gukoreramwo ibintu bisanzwe bigenewe igisagara+, ico kubamwo no kuragiramwo. Igisagara kizoba kiri hagati+. 16  Izi ni zo ngero z’ico gisagara: urubibe rwo mu buraruko ni intambwe 4.500, urwo mu bumanuko ni 4.500, urwo mu buseruko ni 4.500, urwo mu burengero na rwo ni 4.500. 17  Amatongo yo kuragiramwo y’ico gisagara azongana n’intambwe 250 mu buraruko, 250 mu bumanuko, 250 mu buseruko, na 250 mu burengero. 18  Uburebure bw’igice gisigaye buzoba bubangabanganye na ya ntererano nyeranda+. Kizoba gifise intambwe 10.000 mu buseruko, n’intambwe 10.000 mu burengero. Kizoba kibangabanganye na ya ntererano nyeranda, kandi umwimbu waco uzoba uwo kugaburira abakorera ico gisagara. 19  Hazorimwa n’abakorera ico gisagara bo mu miryango yose ya Isirayeli+. 20  Intererano yose ni intambwe* 25.000 ku 25.000. Muze muhatange. Hazoba hagizwe n’intererano nyeranda be n’ahegukira igisagara. 21  Ahazosigara ku mpande zompi z’intererano nyeranda be n’ahegukira igisagara, hazoba ah’umukuru+. Hazoba hahereranye n’urubibe rw’intererano nyeranda rwo mu buseruko n’urwo mu burengero zipima intambwe 25.000. Hazoba habangabanganye n’imigabane bihana urubibe kandi hazoba ari ah’umukuru. Intererano nyeranda be n’urusengero bizoba biri hagati. 22  Ahegukira Abalewi n’ahegukira igisagara hazoba haherereye hagati y’ahegukira umukuru. Akarere kegukira umukuru kazoba hagati y’urubibe rwa Yuda+ n’urwa Benyamini. 23  Ku bijanye n’imiryango isigaye, umugabane wa Benyamini uva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero+. 24  Umugabane wa Simeyoni uhana urubibe n’uwa Benyamini+, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero. 25  Umugabane wa Isakari+ uhana urubibe n’uwa Simeyoni, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero. 26  Umugabane wa Zabuloni uhana urubibe n’uwa Isakari+, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero+. 27  Umugabane wa Gadi uhana urubibe n’uwa Zabuloni+, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero. 28  Urubibe rwo mu bumanuko rubangabanganye n’urwa Gadi ruzova i Tamari+ rugende gushika ku mazi y’i Meribati-Kadeshi+ rubandanye ku mwonga*+, gushika ku kiyaga Kinini*. 29  Ico ni co gihugu muzoha imiryango ya Isirayeli ngo kibe intoranwa+, kandi iyo ni yo izoba imigabane yabo+», ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 30  «Aha ni ho hantu ho gusohoka mu gisagara: uruhande rwo mu buraruko ruzopima intambwe 4.500+. 31  Amarembo y’igisagara azokwitwa amazina y’imiryango ya Isirayeli. Mu marembo atatu yo mu buraruko, hazoba irembo rya Rubeni, irya Yuda n’irya Lewi. 32  Uruhande rwo mu buseruko ruzopima intambwe 4.500 z’uburebure. Hari amarembo atatu: irembo rya Yozefu, irya Benyamini n’irya Dani. 33  Uruhande rwo mu bumanuko ruzopima intambwe 4.500. Hari amarembo atatu: irembo rya Simeyoni, irya Isakari n’irya Zabuloni. 34  Uruhande rwo mu burengero ruzopima intambwe 4.500 z’uburebure. Hari amarembo atatu: irembo rya Gadi, irya Asheri n’irya Nafutali. 35  Inkikuro yaho ni intambwe 18.000. Kuva uwo musi, ico gisagara kizokwitwa “Yehova ari ng’aho+.”»

Utujambo tw'epfo

Canke «gushika ku bwinjiriro bwa Hamati.»
Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.
Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora.
Ni ikiyaga Mediterane.
Ni umwonga wa Misiri.