Ezekiyeli 5:1-17

  • Ezekiyeli yerekana ingene Yeruzalemu izotemba (1-17)

    • Agaburamwo gutatu umushatsi yimoye (1-4)

    • Yeruzalemu yakoze nabi gusumba ayandi mahanga (7-9)

    • Abagararije bahanwa mu buryo butatu (12)

5  Ewe mwana w’umuntu, rondera inkota ikarishe uyikoreshe nk’urumosho rwa kimyozi, wimwe umushatsi n’ubwanwa. Uheze utore umunzane kugira ubipime maze ubigabagure.  Ica gatatu uzogituririre mu gisagara, imisi yo kucugariza irangiye+. Uzoce utora ica gatatu kindi ugikubitishe inkota irya n’ino ya nya gisagara*+. Ica gatatu gisigaye na co ugisanzarize mu muyaga. Nzosokora inkota ndacirukeko+.  Uze utoreko udushatsi dukeyi utuzingire mu mpuzu* yawe.  Uze utore n’utundi uduterere mu muriro, uduturire dutokombere. Uwo muriro uzogenda ushike ku Bisirayeli bose+.  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Iyi ni Yeruzalemu. Nayishize hagati mu mahanga, ikaba ikikujwe n’ibihugu.  Mugabo yaragararije ingingo nashinze n’ivyagezwe vyanje, ikora ivy’ububisha kuruta amahanga n’ibihugu biyikikuje+. Abantu barataye ingingo nashinze, ntibakurikiza ivyagezwe vyanje.”  Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Kubera ko mwagoranye kuruta amahanga yose abakikuje, ntimukurikize ivyagezwe vyanje, canke ngo mwubahirize ingingo nashinze, ahubwo mugakurikiza ingingo z’amahanga abakikuje+,  Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ngira ndakurwanye wa gisagara+. Jewe ubwanje ngira ndagushitseko urubanza amahanga arorera+.  Nzokorera iwawe ikintu ntari bwigere nkora, kandi nta kimeze nka co nzosubira gukora, kubera ibintu vyose bishisha ukora+. 10  Ba sebibondo rero baba iwawe bazorya abana babo+, abana na bo barye ba se. Kandi nzogushitsako urubanza, abawe bose basigaye ndabasanzarize mu mpande zose*+.’” 11  “Ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “kubera ko wahumanije ahantu hanje heranda ukoresheje ibigirwamana vyawe vyose bisesemye be n’ibintu vyose bishisha ukora+, nanje nzoguta*. Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe, kandi nta mpuhwe nzogira+. 12  Ica gatatu c’abantu bawe, bazokwicwa n’ikiza*, bahonywe n’inzara. Ica gatatu kindi, bazokwicwa n’inkota+ irya n’ino yawe. Ica gatatu gisigaye, nzobasanzariza mu mpande zose*. Nzosokora inkota ndabirukeko+. 13  Ishavu ryanje rero rizoca rihera, uburake nari ndabafitiye buhwame, umutima wanje uryoherwe+. Kandi ninaheza kubasukako uburake bwanje, bazomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova navuze, kuko ndi Imana isaba ishimitse gusengwa* yonyene+. 14  Nzogutikiza, ntume ucokorwa mu mahanga agukikuje n’imbere y’abahita bose+. 15  Uzocokorwa, usuzugurwe+, ubere abandi imburi, ube n’ikintu c’akajoreza ku mahanga yose agukikuje, ninagushitsako urubanza nashavuye, naratse, nkaguhana bimwe bikaze. Jewe Yehova ndavuze. 16  Ababa iwawe nzobarungikako ya myampi yica y’inzara, ibahonye. Iyo myampi nzorungika izobamara+. Nzotuma mubura ibifungurwa*, kugira inzara ibamerere nabi+. 17  Nzobateza inzara n’ibikoko bikaze+, bibahekure. Muzorengerwa n’ikiza n’amaraso menshi azoseseka, kandi nzobateza inkota+. Jewe Yehova ndavuze.”»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «yiwe.»
Canke «mu gice c’epfo c’impuzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu miyaga yose.» Ni ukuvuga ahantu hose umuyaga werekeza.
Canke «nzokugabanya.»
Canke «indwara.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu miyaga yose.» Ni ukuvuga ahantu hose umuyaga werekeza.
Canke «kwiheberwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzovuna inkoni z’imikate.» Zishobora kuba zari inkoni batungirako imikate mu kuyibika.