Ezekiyeli 6:1-14
6 Yehova yongera kumbwira ati:
2 «Mwana w’umuntu, hindukira urabe imisozi ya Isirayeli, uyibwire ubuhanuzi bw’ibizoyishikira.
3 Uvuge uti: “Yemwe misozi ya Isirayeli, nimwumve ivyo Umukama Segaba Yehova avuze. Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye imisozi, imirambi, imigezi n’imibande: ‘Ehe ngira ndabazaneko inkota, ntikize ibibanza vyanyu vyo gusengeramwo*.
4 Ibicaniro vyanyu bizosamburwa, ibicaniro muturirirako imibavu bimenagurwe+, kandi abantu banyu bishwe nzobaterera imbere y’ibigirwamana vyanyu bisesemye*+.
5 Nzoterera imivyimba y’Abisirayeli imbere y’ibigirwamana vyabo bisesemye, nsanzaze amagufa yanyu irya n’ino y’ibicaniro vyanyu+.
6 Aho muba hose, ibisagara vyaho bizotikizwa+, ibibanza vyo gusengeramwo na vyo bisamburwe, bisigare bigaragara+. Ibicaniro vyanyu bizosamburwa bimenagurwe, ibigirwamana vyanyu bisesemye bihone, ibicaniro muturirirako imibavu bisenyurwe, ivyo mwakoze bizimanganywe.
7 Abishwe bazogwa hagati muri mwebwe+, kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.
8 Mugabo nzogira abo nsigaza kuko bamwe muri mwebwe bazokira inkota mu mahanga, nimwasanzarizwa mu bihugu+.
9 Abazorusimba bazonyibuka bari mu mahanga batwawemwo ari imbohe+. Bazotahura ko navunitse umutima kubera umutima wabo w’umuhemu* wampevye+, no kubera amaso yabo yipfuza rwose* ibigirwamana vyabo bisesemye+. Bazomaramara bazinukwe ibintu vyose bibi kandi bishisha bakoze+.
10 Bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova be n’uko igihe nababwira ko nzobateza ivyo vyago kutari ukujajura+.’”
11 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Kubita amashi ku yandi wongere udide ikirenge, ucure intimba kubera ibintu vyose bibi kandi bishisha Abisirayeli bakoze, kuko bazokwicwa n’inkota, inzara n’ikiza+.
12 Uwuri kure azokwicwa n’ikiza, uwuri hafi yicwe n’inkota. Uwuzobikira agasigara, azokwicwa n’inzara. Nzobasukako uburake bwanje bwose+.
13 Muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+, abantu babo nibicwa bakarambarara hagati y’ibigirwamana vyabo bisesemye, irya n’ino y’ibicaniro vyabo+, ku mirambi miremire yose, ku masonga yose y’imisozi no munsi y’ibiti bitotahaye vyose, no munsi y’amashami y’ibiti binini. Aho hose bahora bahatangira amashikanwa amota neza yo gutururuza ibigirwamana vyabo bisesemye+.
14 Nzoramvura ukuboko ndabahane, ntume igihugu gisigara ari akahebwe. Ahantu hose baba hazosigara ari akahebwe kurusha ubugaragwa buri hafi y’i Dibula. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza vyanyu bitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).
^ Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
^ Canke «akurikira mu ntumbero y’ubusambanyi.»
^ Canke «w’umusambanyi», «w’igihumbu.»