Ezira 1:1-11
1 Mu mwaka wa mbere Kuro+ umwami w’Ubuperesi aganza, Yehova atuma uwo mwami* asohora itangazo mu bwami bwose aganza, kugira ivyo Yehova yavuze biciye kuri Yeremiya+ biranguke. Iryo tangazo yaranaryandikishije+. Ryavuga riti:
2 «Kuro umwami w’Ubuperesi avuze ati: “Yehova Imana yo mw’ijuru yarampaye ubwami bwose bwo mw’isi+, kandi yanshinze igikorwa co kumwubakira inzu i Yeruzalemu+ mu Buyuda.
3 Umuntu wese muri mwebwe azi ko ari uwo mu bantu biwe, Imana yiwe ibane na we. Naduge aje i Yeruzalemu mu Buyuda, asubire kwubaka inzu ya Yehova Imana ya Isirayeli we Mana y’ukuri, inzu yari i Yeruzalemu*.
4 Kavamahanga wese+, aho ari hose, ababanyi biwe* nibamufashe bamuhe ifeza, inzahabu, ibitungwa n’ibindi bintu, hamwe n’ishikanwa umuntu atanga avyishakiye, rigenewe inzu y’Imana y’ukuri+ yari i Yeruzalemu.”»
5 Maze abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango* wa Yuda n’uwa Benyamini, abaherezi n’Abalewi hamwe n’abandi bose Imana y’ukuri yavyuriye umutima* wo kubikora, bitegurira kuduga i Yeruzalemu gusubira kwubaka inzu ya Yehova yahahora.
6 Ababanyi babo bose barabafasha* babaha ibikoresho vy’ifeza, ivy’inzahabu, ibitungwa, ibintu vy’agaciro n’ibindi bintu. Aho ntituvuze amashikanwa batanze bavyishakiye.
7 Vyongeye, umwami Kuro asubiza ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova. Nebukadinezari yari yarabikuye i Yeruzalemu abishira mu rusengero* rw’imana yiwe+.
8 Nuko Kuro umwami w’Ubuperesi arabisubiza. Yabijeje umunyabigega yitwa Mitiredati, Mitiredati na we abiharurira umukuru w’akarere k’Ubuyuda yitwa Sheshibazari*+.
9 Ivyo baharuye vyose vyari ibi: ibikoresho 30 vy’inzahabu bimeze nk’ibisimbo, ibikoresho 1.000 vy’ifeza bimeze nk’ibisimbo, ibikoresho 29 vyo gusubiriza ibindi,
10 amabakure matomato 30 y’inzahabu, amabakure matomato 410 y’ifeza, n’ibindi bikoresho 1.000.
11 Ibikoresho vyose vy’inzahabu n’ivy’ifeza vyari 5.400. Vyose Sheshibazari yagiye abijanye igihe abari mu bunyagano+ bava i Babiloni bagasubira i Yeruzalemu.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «avyura impwemu ya Kuro umwami w’Ubuperesi.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «Yehova Imana ya Isirayeli we Mana y’ukuri, ari i Yeruzalemu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abantu b’aho abaye.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).
^ Mu giheburayo havuga ngo «impwemu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bakomeza amaboko yabo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»