Gucura intimba 1:1-22

  • Yeruzalemu igereranywa n’umupfakazi

    • Yicaye ari inyakamwe, yahebwe (1)

    • Ibicumuro bikomeye vya Siyoni (8, 9)

    • Imana yarahevye Siyoni (12-15)

    • Siyoni ntagira uwumuhoza (17)

א [Alefu*] 1  Ewe kuntu ubu yicaye ari inyakamwe, umwe yahora ari igisagara kigwiriyemwo abantu+! Ewe kuntu yabaye nk’umupfakazi, umwe yahoramwo abantu benshi ugereranije n’ayandi mahanga+! Ewe kuntu uwahora ari umuganwakazi mu ntara asigaye akoreshwa ibikorwa vy’agahato+! ב [Beti]   Ararira cane mw’ijoro+, amosozi akuzura ku matama. Mu bakunzi biwe bose, nta n’umwe yaje kumuhoza+. Abagenzi biwe bose baramuhemukiye+. Basigaye ari abansi biwe. ג [Gimelu]   Yuda* yajanywe mu bunyagano+ ari mu marushwa, arembejwe n’ubushumba bukaze+. Yabwirijwe kuba mu mahanga+. Nta hantu ho kuruhukira afise. Abamwirukako* bose bamuhambirije mu marushwa. ד [Daleti]   Inzira zija i Siyoni ziragandaye, kuko ata n’umwe aza ku musi mukuru+. Amarembo yiwe yose ni umusaka+. Abaherezi biwe baraniha. Abigeme biwe b’isugi* bishwe n’intuntu, kandi na we ubwiwe afise amaganya menshi. ה [He]   Abamurwanya ni bo basigaye bamutegeka*. Abansi biwe nta co banezwe+. Yehova yamuteje intuntu kubera ibicumuro vyiwe vyinshi+. Abana biwe bajanywe kugirwa imbohe bashorewe n’uwumurwanya+. ו [Vau]   Ubwiza bwose bw’umukobwa wa Siyoni* buramuvuyeko+. Abatware* biwe bameze nk’impongo zabuze ubwatsi bwo kurisha.Bagendera imbere y’uwubirukako, bishwe n’uburu⁠he. ז [Zayini]   Ubu Yeruzalemu ageze mu marushwa n’abantu biwe bakaba basigaye batagira aho baba,aribuka ibintu vyose vy’agaciro yahorana kera+. Igihe abantu biwe bagwa mu maboko y’ababarwanya, na we akabura uwumutabara+,abamurwanya baramubonye baramutwenga* kubera yasenyutse+. ח [Heti]   Yeruzalemu yaracumuye bikomeye+. Ni co gituma asigaye ashisha. Abahora bamutera iteka bose basigaye bamugaya kuko babonye ubwambure bwiwe+. We ubwiwe araboroga+, akaraba hirya kubera ibimaramare. ט [Teti]   Impuzu ziwe zirahumanye. Ntiyiyumviriye kazoza kiwe+. Ugutemba kwiwe kwari gutangaje. Ntagira uwumuhoza. Ewe Yehova, raba amarushwa yanje, kuko umwansi yigize agahambaye+. י [Yodi] 10  Uwumurwanya yashoreye amaboko ku butunzi bwiwe bwose arabusahura+. Yeruzalemu yabonye amahanga yinjira ahantu hiwe heranda+,amwe wategeka ko adakwiye kwinjira mw’ishengero ryawe. כ [Kafu] 11  Abantu biwe bose baraniha. Barondera ivyo kurya+. Batanze ibintu vyabo vy’agaciro kugira gusa baronke utwo batamira, barabe ko boba barabayeho*. Ewe Yehova, raba, witegereze ingene nsigaye meze nk’umugore* ata co amaze. ל [Lamedi] 12  Mbe nta co bibabwiye mwebwe mwese muhita ku nzira? Nimwitegereze, murabe. Mbega hari umubabaro uriho umeze nk’umubabaro natejwe,umubabaro Yehova yatumye ngira ku musi w’ishavu ryiwe rirurumba+? מ [Memu] 13  Ari iyo hejuru yarungitse umuriro mu magufa yanje+, rimwerimwe ryose ararinesha. Yateze ibirenge vyanje urusenga, atuma nsubira inyuma. Yatumye mba umugore w’inyakamwe. Umusi wose nirirwa ndwaye. נ [Nuni] 14  Ibicumuro vyanje bitekewe nk’igiti bikoreza imizigo*. Yabifatanije akoresheje amaboko yiwe. Yabinteretse kw’izosi, nsigara ata nkomezi mfise. Yehova yantanze mu maboko y’abo ntashobora gutsinda+. ס [Sameki] 15  Yehova yashibuye abagabo bose b’abanyenkomezi bari iwanje+. Yatumyeko ishengero ryo kundwanya ngo risavye imisore yanje+. Yehova yahonyangiye mu ruganiro rw’umuvinyu+ umukobwa w’isugi w’Ubuyuda. ע [Ayini] 16  Ivyo bintu ni vyo biriko birandiza+. Amaso yanje atemba amosozi. Uwo wese yari kumpoza canke kumpembura ari kure yanje. Abana banje nta cizigiro bafise kuko umwansi yatsinze. פ [Pe] 17  Siyoni yashanje amaboko atabaza+. Ntagira uwumuhoza. Yehova yategetse abansi bose ba Yakobo bamukikuje ngo bamurwanye+. Yeruzalemu isigaye ibashisha+. צ [Tsade] 18  Yehova aragororotse+ kuko nagararije amabwirizwa yiwe*+. Nimwumvirize yemwe mahanga mwese, murabe umubabaro wanje. Abigeme banje b’isugi* n’imisore yanje bajanywe kugirwa imbohe+. ק [Kofu] 19  Nahamagaye abakunzi banje mugabo barampemukiye+. Abaherezi banje n’abashingantahe banje bapfiriye mu gisagarabarondera utwo batamira, ngo barabe ko boba barabayeho*+. ר [Reshi] 20  Ewe Yehova, raba, kuko ngeze habi cane. Mu nda* haradobanganye. Umutima wanje wacuramiye muri jewe kuko nagararije+ ndaherezako. Hanze inkota irahekura+, mu nzu na ho ni urupfu. ש [Shini] 21  Abantu bumvise ingene niha. Nta wumpoza ariho. Abansi banje bose bumvise ivyago vyanje. Bafise umunezero kuko wanteje ivyago+. Mugabo uzozana umusi wavuze ko uzobazanako+. Uwo musi bazomera nkanje+. ת [Tau] 22  Ikibi cabo cose kize cibonekeze imbere yawe, ubamerere nabi+,nk’uko wamereye nabi kubera ibicumuro vyanje vyose. Kuko iminiho yanje ari myinshi, n’umutima wanje ukaba urwaye.

Utujambo tw'epfo

Ikigabane ca 1-4 ni indirimbo z’intimba zigizwe n’imirongo yanditswe hisunzwe uko indome z’igiheburayo zikurikirana.
Canke «abo mu Buyuda.»
Canke «abamuhama.»
Canke «inkumi ziwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ari umutwe wiwe.»
«Umukobwa wa Siyoni» ni amajambo ndyoshamvugo kenshi asigura igisagara ca Yeruzalemu canke abakibamwo.
Canke «abaganwa.»
Canke «barigina.»
Canke «bohembuka.»
Uwo mugore agereranya Yeruzalemu.
Canke «nk’ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Mu giheburayo havuga ngo «akanwa kiwe.»
Canke «inkumi zanje.»
Canke «bohembuka.»
Mu giheburayo havuga ngo «amara yanje.»