Gucura intimba 2:1-22

  • Yehova ashavurira Yeruzalemu

    • Nta kagongwe yahagiriye (2)

    • Yehova yamubereye nk’umwansi (5)

    • Yeremiya aririra Siyoni (11-13)

    • Abahita barahema igisagara cahora ari ciza (15)

    • Abansi baranezerwa kubera ugutemba kwa Siyoni (17)

א [Alefu] 2  Ewe kuntu Yehova atwikirije umukobwa wa Siyoni ibicu vy’ishavu ryiwe! Yakororeye hasi ubwiza bwa Isirayeli abukuye mw’ijuru+. Ntiyibutse intebe y’ibirenge vyiwe+ ku musi w’ishavu ryiwe. ב [Beti]   Yehova yamize amazu yose ya Yakobo ata kagongwe*. Mu burake bwiwe yasambuye ibibanza bikingijwe ibihome vy’umukobwa w’Ubuyuda+. Yatereye hasi yongera arahumanya ubwami+ n’abatware biwe+. ג [Gimelu]   Yakondoye inkomezi zose* za Isirayeli mw’ishavu ryiwe rirurumba. Yarasubije inyuma ukuryo kwiwe igihe umwansi yegera+.Muri Yakobo yagumye yaka nk’umuriro utema ugatongora irya n’ino+. ד [Daleti]   Yateguye umuheto* wiwe nk’umwansi. Ukuryo kwiwe kwiteguriye kuturwanya+.Yagumye yica ababereye ijisho bose+. Yasutse uburake bwiwe nk’umuriro+ mw’ihema ry’umukobwa wa Siyoni+. ה [He]   Yehova yabaye nk’umwansi+.Yamize Isirayeli. Yamize iminara yiwe yose.Yahoneje ibibanza vyiwe vyose bikingijwe ibihome. Atuma mu Buyuda* hagwira ukugandara n’ugucura intimba. ו [Vau]   Amerera nabi urusago rwiwe+ nk’aho koba ari akaruri ko mu murima. Yakuyeho* umusi mukuru wiwe+. Yehova yatumye umusi mukuru n’isabato vyibagirwa i Siyoni.Kubera ishavu ryiwe ryinshi, nta cubahiro aha umwami canke umuherezi+. ז [Zayini]   Yehova yahevye igicaniro ciwe.Yiyamye ahantu hiwe heranda+. Yatumye inzitiro z’iminara yiwe ikomeye zigwa mu maboko y’abansi+. Bashize ijwi ryabo hejuru mu nzu ya Yehova+, nk’aho hoba ari ku musi mukuru. ח [Heti]   Yehova yiyemeje gutikiza uruzitiro rw’umukobwa wa Siyoni+. Yaramvuye umugozi wo gupimisha+. Ntiyasubije inyuma ukuboko kwiwe ngo areke guhonya*. Atuma igihome n’uruzitiro bigandara. Vyose nta nkomezi bigifise. ט [Teti]   Amarembo yiwe yanyikiye mu kuzimu+. Ivyugazo vyiwe vyaranduwe biravunagurwa. Umwami wiwe n’abatware biwe bari mu mahanga+. Nta mategeko* ahari. Mbere n’abahanuzi biwe nta co berekwa na Yehova+. י [Yodi] 10  Abashingantahe b’umukobwa wa Siyoni bicaye hasi bacereje+. Biyorerako umukungugu ku mutwe, bakambara amagunira+. Abigeme b’isugi ba Yeruzalemu bunamitse umutwe gushika hasi. כ [Kafu] 11  Amaso yanje aruhishijwe no gukorora amosozi+. Mu nda* haradobanganye. Igitigu canje casutswe hasi, kubera ugusenyuka kw’umukobwa* w’abantu b’iwacu+,kubera abana n’inzoya bagwa bakarabira mu bibanza rusangi vyo mu gisagara+. ל [Lamedi] 12  Baguma babaza ba nyina bati: «Intete n’umuvinyu biri hehe+ Babibaza bariko bararabira mu bibanza rusangi vyo mu gisagara nk’umuntu yakomerekejwe,bariko bacikanira mu maboko ya ba nyina. מ [Memu] 13  Mbega noguha akarorero nyabaki?Ndakugereranye n’iki ga mukobwa wa Yeruzalemu? Ndakugereranye n’iki kugira ndaguhoze, ga mukobwa w’isugi wa Siyoni? Kuko ugusenyuka kwawe ari kunini cane nk’ikiyaga+. Ni nde yogukiza+? נ [Nuni] 14  Ivyo abahanuzi bawe beretswe ku bijanye nawe vyari ibinyoma kandi nta co vyari bimaze+.Ntibashize ahabona ikosa ryawe kugira batume utaja kugirwa imbohe+.Ahubwo bagumye berekwa ku bijanye nawe amajambo y’ikinyoma kandi azimiza+. ס [Sameki] 15  Abahita ku nzira bose bakubita urushi ku rundi baguhema+. Bavuza agahwa bumiwe+ kandi bakazungiriza umutwe umukobwa wa Yeruzalemu, bavuga bati: «Mbega iki ni ca gisagara bahora bavuga ngo: “Ni ubwiza butagira akanenge, umunezero w’isi yose+”?» פ [Pe] 16  Abansi bawe bose bakwasamiye. Baravuza agahwa, bagahekenya imisaya*, bavuga bati: «Twamumize+. Uyu ni wo musi twari turindiriye+. Ugiye washika kandi turawiboneye+ ע [Ayini] 17  Yehova yakoze ivyo yari yateguye+. Yashikije ivyo yavuze+,ivyo yari yarategetse kuva kera+. Yasambuye ata kagongwe+. Yaretse umwansi aranezerwa kubera ivyagushikiye. Yongereje inkomezi* z’abakurwanya. צ [Tsade] 18  Umutima wabo utakambira Yehova, ewe ruzitiro rw’umukobwa wa Siyoni! Amosozi natembe nk’uruzi umurango n’ijoro. Nturuhuke kandi n’ijisho ryawe* nturihe agahengwe. ק [Kofu] 19  Haguruka! Boroga mw’ijoro, mu ntango y’amaterama. Suka umutima wawe nk’amazi imbere ya Yehova. Duza amaboko umutakambire ngo akize ubuzima bw’abana bawebariko barabikwa n’inzara ku masanganzira yose*+. ר [Reshi] 20  Ewe Yehova, raba, witegereze uwo wamereye nabi ukuraho. Mbega abagore babandanye kurya uruvyaro* rwabo, abana babo bwite bavukanye amagara meza+?Abaherezi n’abahanuzi baje ng’aho bicirwe aheranda ha Yehova+? ש [Shini] 21  Uduhungu n’abatama barambaraye hasi mu mabarabara bapfuye+. Abigeme banje b’isugi* n’imisore yanje bishwe n’inkota+. Wabishe ku musi w’ishavu ryawe, ubagandagura ata kagongwe+. ת [Tau] 22  Uhamagaza ibitera ubwoba bivuye impande zose, nk’uwuhamagaza abantu ku musi mukuru+. Ku musi w’uburake bwa Yehova, nta warokotse canke ngo arusimbe+.Abo navyaye* kandi nkabarera, umwansi wanje yarabatikije+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ata mpuhwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ihembe ryose.»
Canke «yagonze umuheto.» Mu giheburayo havuga ngo «yahonyoye umuheto (igihe bawambika uruvuto).»
Mu giheburayo havuga ngo «mu mukobwa w’Ubuyuda.»
Canke «yazimanganije.»
Mu giheburayo havuga ngo «kumira.»
Canke «nta nyigisho.»
Ijambo «umukobwa» ni ingereranyo ndyoshamvugo ishobora kuba yakoreshejwe kugira haserurwe impuhwe n’ikigongwe.
Mu giheburayo havuga ngo «amara yanje.»
Canke «amenyo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ihembe.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa w’ijisho ryawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku mutwe w’amabarabara yose.»
Canke «ivyamwa.»
Canke «inkumi zanje.»
Canke «abo navyaye bafise amagara meza.»